Mpwemu Yera niwe adushoboza kubaho ukw’Imana idushaka.
Imbere y’urupfu rw’Umwami wacu Yesu Kristo , n’imbere yo kuduzwa mw’ijuru, Yesu Kristo yashimikiye cane kuvuga kuvya Mpwemu Yera mu buzima bwacu rukristo. Niwe yaturaze ngwaze abana natwe. Kuko tutamufise murugenda turimwo rwagakiza, ataco twoshobora gushikako na 1. Nkuko umuvyeyi wese araga abana biwe ubutunzi bwiwe ngo buje bubafashe mugihe atarikumwe nabo, nawe niko yaduhaye umufasha ngwaze adushoboze mugakiza kacu. 1Abami 2: 1-4 Igihe Salomo yumvira iragi rya se Dawidi aho yamuraze kugendera mu vyagezwe vy’Uhoraho, akitondera ivyayo uhereye mu mutima no muvyiyumviro vyiwe, yagize umugisha uva ku Mana, ivyo yakora vyose Imana yishingishirizamwo intahe. Ariko amaze kuyiheba, vyamubereye umutego, ibintu birahinduka.
Natwe Yesu Kristo ntiyadusize nk’impfuvyi, yadusigiye umurage uhambaye ariwo Mpwemu Yera. Kuko ikintu ca mbere adukorako nukutwemeza icaha, agaheza akadukundisha Imana. Yohana 16: 7-14 Nikenshi twebwe abana b’abantu twibwira ibintu mumitima tukabikora , ariko uwo Mpwemu Yera ariwe w’ukuri yaje gwaturongore adushitse kukuri kwose. Kuko akura kuri Data akatuzanira. Ni kenshi abantu bagira ivyiyumviro vyiza ntibaronke inkomezi zo kubishitsa, kuko ntanguvu bafise zo kubishitsa. Kuko harizindi nguvu z’ibagwanya gukora ivyiza. Bakagira ukwifuza gukorera Imana ariko bikanka kuko nta nkomezi! Nico gituma twahawe Mpwemu Yera aduha gukora igikogwa cose ciza tudashobora gukora ninkomezi zacu n’ubwenge bwacu ndetse n’ubushobozi bwacu. Yesu yabwiye Petero ngo Ragira intama zanje. Petero atarahabwa Mpwemu Yera ntivyakunze naho yari yarabariwe. Ariko Mpwemu Yera amaze kumuhabwa, yashikamye bikomeye mugukorera Imana. Ndetse akanazigura. Kuko kare ntankomeze zarimwo zo kubishitsa.
Ivyak. n’Intum. 1: 5-9 & Ivyak. n’Intum. 2: 14-17 , Ivyak. n’Int. 4: 7:-21 & 29-31. Petero na Yohana bakoreshejwe ibitangaza na Mpwemu Yera, kandi yongera abaha gushikama badatinya, bakavuga bashize amanga baturira Yesu Kristo n’ivyiza vyose yakoze. Ntawashoboye kubabuza kuvuga kuko bari buzuye ubushobozi bw’Imana. Ivyak. n’intum. 20: 23-27 , Ivyak n’intum. 21: 10-14. Naho Paul Mpwemu Yera yari yaramubwiye ibigiye kumubako, ndtse n’uvugishwa n’Imana nawe akamubarira ingene agiye kubohwa. Ntiyigeze agira ubwoba canke ngwatinye yihebure areke gukora igikogwa Mpwemu Yera yamuhaye, ahubwo vyamwongeye inkomezi n’umutima ukunze Imana mukumaramaza kugirango ashitse umuhamagaro wiwe. Mpwemu Yera aduha kurinduka, no kugira intumbero (determination)muvyukora no mukwubahuka kwaturira Yesu Kristo udatinya. Ntutsindwa kuko Uwanesheje abari muri wewe. Mpwemu Yera nibwo bubasha Imana yahaye abakristo kugirango bashobore gushitsa imihamagaro yabo. Yamuhaye ishengero kugirango abe ubushobozi bwayo muriryo. Abarimwo Mpwemu Yera bagira urukundo rwinshi. Ishengero ry’Imana barahura bagasangira, bakavuga ijambo ry’Imana banezerewe, nta mukene yababamwo. Mpwemu Yera atanga kububwa nivyo ufise. Mpwemu Yera umufise ntumukoreshe, we aricecekera, akaguma muri wewe ataco akora, akamera nkintu wabitse munzu ariko ukacibagigwa. Nico gituma Imana itubwira gufurura ingabire ziturimwongo zake. Nico gituma uwakijijwe wese akwiye akwiye guca bugufi akemerera Mpwemu Yera kumurongora kugirango ashike kuco agamije gukora cose. Kuko agakiza katagira Mpwemu Yera ntaho gashika na gato, n’ibikogwa bitagira Mpwemu Yera ntaho bishika na gato. Reka tumwakire kuko turabanyamugisha kuko twahawe inkomoko y’imigisha yamoko yose iva ku Mana. Ivyak. n’int. 3: 25-26. Amen.