Gusenga ushikamye mu kwizera , ufise ukwihangana bigira umugisha ukomeye.
Bibiliya n’inkuru nziza, n’urupfunguzo rwo gusohoka no kwunguka ubwenge bwo muri Mpwemu. Naho mu buzima bwo mw’isi duhura na vyinshi, rero nk’abana b’Imana, hari benshi bashatse gukiza ubuzima bwabo canke imiryango yabo ariko biranka. Kuko ikidutuma bishoboka nuko dushitsa rya jambo ngo” Niwagomba kunkurikira ni wiyanke”. Matayo 16:24. Kuko abantu benshi birabananira kwankira za kamere kabo n’ingeso zabo canke ivyifuzo vyabo. 1 A b’Ikorin. 9: 27.
Imana yo mw’ijuru irashaka ko dushishikara , tukanihangana kugirango nayo idushitseko amasezerano yayo. Benshi ntibasobanukigwa icarico gushishikara , ukagira ukwihangana kuko wizeye Imana. Nico gituma benshi babivamwo bagahusha imigisha yabo. Batangurana umucanwa mwinshi mugukorera Imana, ariko kuko bitabereye mugihe babishakiye canke ngo binyaruke gushika bagacabadendebukigwa babivamwo. Ariko kubw’urukunda Yesu Kristo adukunda ikimunezereza cambere n’ihinduka ryacu kurusha ivyadukorera. Kuko iyugize kw’ihanga niho Imana igenda iradukorera ikatwigishiriza, ikatuvugutira tukamera nkuko ishaka.
Zab. 105: 17-22 Yosefu yarafise isezerano ariko arigumako muvyo yaciyemwo vyose, Atsinda umubiri n’ibigeragezo vyose kuko yizeye Imana yamusezeraniye. Isezerano ryaramugerageje aranesha gushika rishitse. Kandi yahunguriwe ubwenge bwinshi bwa Mpwemu Yera. Mukwihangana kwacu no mugushishikara niho intahe yubakika. Dukeneye gusenga naho tugira ibibazo, kugirango tugire ubusabane n’Imana atarukugirango twishugwe amasezerano gusa. Kuko Imana yama itabara abana bayo ibibagerageza. 1 Abami 18: 41-46 Umwami Ahabu na Eliya nari bafise ikibazo kimwe cukwatamvura yagwa yariyarataze imyaka 3 namezi 6 . ariko Ahabu yaduze kunywa no kurya, Eliya nawe aja kumusozi gusenga yinginga Imana yizeye, agira gushishikara no kwihangana gukomeye. Imana imaze kurekura imvura nkuko Eliya yasavye, Ahabu yagiye gushikanira ibigwamana i Yezebeli, Birakaza Imana ituma Eliya ngwamwitangire imbere. Imana ibikora kugirango itwubake idukuze muburyo bwo muri Mpwemu. Nkuko vyabaye kuri ba Daniel, kandi kwihangana kwabo no gushishikara kwabashikije kubikomeye. Amen