Dukeneye kuba mu buzima bw’amasengesho: Ubutumwa bwo ku wa 05/05/2018.

Dukeneye kuba mu buzima bw’amasengesho.

Umuntu wese yamenya Imana yaba umukristo yaba umukozi w’Imana, arakeneye kuba mubuzima bwo gusenga. Kuko gusenga nivyo biduha kwegera no kumenyana n’Imana kugiti c’umuntu. N’ikintu gikwiye kuba mu ma programa yacu ni mukiranga musi cacu ca buri musi mu muvyukora vyose. Twibukeko n’Intumwa za Yesu Kristo arico bamusavye ngwabigishe, nuko babonako ariho hari urupfunguzo rwa vyose.

Kuko amasengesho n’ikintu Satani agwanya cane. Kuko ahindura vyinshi mu buzima bwacu, bigatuma tuja mumurongo w’abana b’Imana. Kandi nawe niho anesherezwa. Ivyak.n’Int. 10: 1-5 &34-35 ;           A b’i Korinto 10: 3-5. Kuza imbere y’Imana usenga sukuba umwere ahubwo irahatwereza, ikahatuganiririza, ikahatwigishiriza ndetse tukanahabohokera. Yaba Koruneliyo yaba Petero bahigiye vyinshi, kuko Koruneliyo yarumunyedini atahishuriwe ivya Yesu Kristo na Mpwemu Yera, ariko kubwo gusenga kwiwe Imana yarahamubohoreye muguruma Petero ngwaje kubigisha. Na Petero nawe yarahejeje gusenga Malayika w’Imana amutuma Kwa Koruneliyo, ahabohokera impwemu yo kuvangura abantu b’Imana no gusuzugura, amacakubiri n’ibindi…

Mugusenga ntiduhabwa ivyo dusaba gusa, ahubwo duhabwa nibirengeye. Dutegerezwa kubanza kuvugana n’Imana mw’ijambo ryayo hanyuma Akaba ariryo dukoresha mugusenga. Nkuko Daniel yabanje gusoma ivy’uwavugisha n’Imana Yeremiya yanditse. Imana yacu n’Imana y’ibihe kandi ibihe vyose ibibamwo, iyo uyirondera ugaca bugufi usenga, nayo ibana nawe ikiyerekana mu bihe vyose ucamwo.  Ivyak. n’Intum. 20: 22-23  ; Ivyak.n’intum 21 : 13 Paul mugusenga niho Imana yamwiyerekeye imumenyesha ibigiye kumubako, yongera ahambikigwa inkomezi. Naho abavugisha n’Imana baje kumuburira ibizomubako bamubuza kugenda we nta bwoba na buke yagira kuko yarazi kw’Imana yiwe irikumwe nawe, kandi no gupfa ntiyabitinya kubwizina na Yesu.

Mugusenga tuhaherebwa ubwenge, amavuta, tukahigishirizwa, tukaharonkera inkomeze, tutukagwiza ubucuti n’Imana yacu, nayo ikagenda iratubohora muri vyinshi. Tumenye neza ko nta musenzi ataba mw’ijambo ry’Imana. Kuko nirwo rupfunguruzo.Amen

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s