Gushingira Intahe Imana no kuyaturira ivyiza yatugiriye
Igihe cose ijambo ry’Imana turibonera mu buzima bwacu. Mu bitangaza itwiyerekeramwo no munyishu z’amasengesho Imana igenda yishingiramwo intahe iyo tuyambaje. Nkuko uwizera wese asanzwe abizi kw’Imana ikunda abana bayo, nayo igenda yiyerekana ko ari Imana idahinduka, ko Izina ryayo ari Uhoraho, igenda itwereka rwa Rukundo rwayo, za mbabazi zayo, Kwa kugira neza kwayo, vya bitangaza vyayo, yerekana ubushobozi bwayo n’ububasha bwayo. Yuko ata kintu na kimwe kiyinanira iyo tuyizeye.
Iratwereka ubuntu bugeretse kubundi nkuko yagenda ibikorera abatwitangiye imbere. Bikenewe ko tumenya neza tudakekeranya yuko Uhoraho ari Imana idahinduka, kuko n’ubu uyambaza, akayirondera wese iramutabara, iramukiza, ikamuhezagira, ukuboko kwayo kw’ubugororotsi kukabana nawe. Natwe ntakindi idushakako, atarukuyiha no kuyihesha icubahiro mu mashimwe tuyidugiriza no kuyishingira intahe mukuvuga imbere yayo n’imbere y’ishengero ryayo tuvaturira, tukibuka ingene yagiye iturokora.
Ico gihe uba umaramaje Satani, ukamamaza ububasha , ubushobozi, ukugira neza kw’Imana yo mw’ijuru n’imbabazi igirira abayirondera.
Zaburi 50 : 14-15 & 23 , Zab. 22 : 25 ; Zab. 111 : 1-4 ; Zaburi 77 : 11-14
Gushingira intahe Imana n’ukuyihesha icubahiro, kandi n’uburyo bwo kuvuga ubutumwa bwiza bwa Yesu Kristo. Bisubizamwo abantu intege, ukwizera kugakura, kandi nawe nyene bikakwongeramwo imbaraga. Kuko abavyumva bose baduzwa mukwizera , naho hobaharimwo ugwaye cankari mukibazo, yubakwa muvyo ariko arumva Imana yakoze. Amen