Kuba umunyamasengesho canke akamaro ko gusenga: Ubutumwa bwo ku wa 21/04/2018

Kuba umunyamasengesho canke akamaro ko gusenga.

Mugakiza Yesu Kristo yaduhaye dukwiye kubaho mu buzima bw’amasengesho nkuko nawe yatubereye akarorero.

Kuki umuntu asenga? Kuki umukristo akeneye gusenga? Amasengesho amaze iki?

Icambere n’uko amasengesho arico kigwanishwa ca mbere gikubiyemwo ibigwanishwa vyose vy’umukristo. Kuko ntushobora kuba uri umunyamasengesho ngugendere kubiri nivy’Imana ivuga, nico idusaba gukora. Yohana 4: 23 Nico gituma Yesu Kristo yavuze ati: abasenga bukuri bagiye kuza, kuko bazosenga Data mu Mpwemu no mukuri. Yesu Kristo ibwiwe ubuzima yabayeho n’ivyo yakora vyose, yaba yaraye kumusozi asenga canke ahejeje kwigisha akaduga umusozi agasenga. Nigihe yageragezwa na Satani yaramaze imisi 40 asenga kandi yisonzesheje, ariko ntaho Satani yigeze amushobora kuko yaba yuzuye imbaraga, n’ubushobozi bwo kunesha icaha.

Yesu Kristo yabariye Petero ati Satani yabansavye ariko muhumure kuko nabasengeye. Umukristo wese akeneye kubaho mu buzima bwamasengesho kuko mu gusenga niho tubonera ubushobozi bw’Imana yacu n’inkomezi zayo. Daniel 6: 4-28 Iyo usenga ugira relation nziza n’Imana ijuru rikakumenya, Abamalayika bakakurinda ndetse bakanagutabara kubwo gusenga kwawe. Uvugana n’Imana igihe cose kuko Mpwemu Yera abana nawe, ukagira ubusabane n’Imana Yesaya 57: 14-19. Iyo ukunda gusenga bikuremamwo umutima ukunze Imana, ukagira inkomezi muvyucamwo vyose, nacanecane ukagenda urabohoka mubintu bitari bike batahesha Imana icubahiro biba bikurimwo. Yeremiya 15 : 19. Uba umukunzi w’Imana , kandi ukagira kumaramaza mugakiza, kuko ugira guhindugwa ugahabwa guca bugufi mubuzima bwawe, ukagira umutima wirinda. Uhabwa kunesha kuko imigambi ya Satani irasambuka mu buzima bwawe.

Iyo umuntu asenga agira kuremeshwa no kwizera bishimikiye kuvyizigiro afitiye Imana yiwe. Uhabwa Mpwemu w’ubwenge ugashobora gutandukanya ikibi n’iciza kuko Mpwemu Yera abana nawe. Kubwivyo amasengesho yawe aagira ububasha bwo gushingura akarimbi Satani aba yaragushingiye. Hagasambuka ivyo Satani yubatse, hakubakika ivyo yasambuye, ndetse nivyapfuye bikazuka. Yerem. 33: 1-3. Imana igusiga amavuta y’ubunyamasengesho ukaba igikoresho ciza c’Imana. Wambikwa inkomezi, kuko muri wewe haremekamwo uumutima nkuwa Kristo. Imigambi ya Satani ikaburizwamwo muvyusengera vyose. Hamanuka inyishu n’ibitangaza kuko kubwamasengesho imiryango y’ikuzimu irugagwa, amarembo y’ijuru akuguruka. Inyishu zikaboneka abantu bagatabagwa, nawe ukama uri maso Luka 12: 35-40, agakiza kakarindwa. Matayo 17: 20-21. Mugusenga no mukwisonzesha n’ibidashobokera abandi wewe biragushobokera. Amen.

Advertisements
This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

w

Connecting to %s