Umugambi w’Imana n’inzira z’Imana ku bantu bayo.
Imana yo mw’ijuru irashobora guhindura ubuzima bwawe canke ikakuremera ivyiza n’ibitangaza, kuko ikunezererewe. Ico dukeneye nk’abana ikunda n’ukumenyana nayo. Nici gituma muvyo woburiko uracamwo vyose, kameza imigenderanire yawe nayo ukomeze gusenga. Kuko imigambi Imana ifise ku bana bayo ari myiza cane. Yeremiya 29: 11-14. Kuko hari abantu bibazako nkingorane canke ibibazo bariko baracamwo bibamazeko nkigihe kirekire canke canke bahura navyo kenshi , bibazako ariko ubuzima bwabo buzoguma, bidashobora guhinduka. Oya namba nico gituma Imana yaduhaye ijambo ryayo riduhumururiza, ndetse ryitwa Inkuru Nziza. Nigihe Yesu Kristo yazuka , twatangarijwe inkuru nziza yo gutabagwa kwacu.
Nico gituma Imana ntishira agaciro kanini kungorane abantu bafise , ahubwo igashira kumugambi ibafitiye. Kandi ntaho yigeze ibabwira inzira izocishamwo mukubatabara canke mukubahezagira. Itang. 22: 15-19 Imana yabonye umutima wa Aburahamu uciye bugufi ukayumvira n’urukundo yakunze Imana yiwe, nayo imushitsako imigambi yose yarimufiseko. Matayo 26 : 6-13 Uyu mugore yarabohotse , ashira umutima wiwe wose kuri Yesu Kristo , amukorera igikogwa ciza. Amusukako amavuta yagaciro kanini cane, amutegurira guhambwa kwiwe. Naho abigishwa bamutera amajambo mabi bamubabaza we yarazi icakoze. Nico gituma yakoze kumutima w’Imana, ashirigwaho kwibukwa mw’isi yose iciza yakoze, ahubutumwa bwiza buzovugwa hose. Umugambi w’Imana wamubayeko kuko yahawe ubugingo buhoraho.
Zaburi 25: 4-5 & 8-10 Naho woburikuraca ahantu hagoye canke mubibabaje bivuna, shishikara gusa kurondera Imana no gukora ico yagutegetse gukora mw’ijambo ryayo, Nayo imigambi yayo ishobora guca naho nyene wewe ubona ko bitoroshe ndetse ushobora no kwiheba, ariko yo aho ihaguhera umugisha ukomeye. Dawidi yabonye ukugira neza kw’Imana muburyo budasanzwe, ariko ubuzima bwiwe ni kenshi cane yahuye n’ibibazo. Nico gituma yatakambiye Imana ayisaba ngo imwereke inzira zayo. Aravuga atinzira zawe n’imbabazi n’ukuri. Nta kuruhande OYA, ni mukuri no mumbabazi. Nico gituma yayibwiye ngo undongorere mu kuri kwawe.
Yesu Kristo yaratubwiye ati ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo. Niwe atuyobora munzira yiwe, akadushikiriza nivyo yadusezeraniye. Abisirayeli mukuva muri Egiputa barongogwa n’inkingi yigicu c’umuriro kumurango, ngo bwira kikamanuka kikabaja inyuma kikabamurikira bakagenda mw’ijoro nkabagenda ku murango. Nico cabarangira inzira. Kuko inzira zose z’Imana, nayo izibamwo kandi niho dushikiririzwa ivy’Imana yatuvuzeko. Amen.