Pasika nigihe co guhumuruzwa no gutabagwa: Ubutumwa bwa: 01/04/2018

Pasika n’Igihe co guhumurizwa no gutabagwa

Yesu Kristo yazutse yatura amahoro n’ihumure kubari bagiye kuraba imva yiwe, abatuma no kuri bene se.

Bivugako wewe muntu w’Imana hariho inkuru nziza ije (ikugana) igutumbereye yuko Umwami wawe yanesheje urupfu, n’ibikugerageza vyose vyahindutse ubusa kuri we. Aza akubwira ngo NTUTINYE; ba AMAHORO kandi UMWIZERE.

Kuko Pasika haba guhinduka kw’ibintu, ubwoko bw’Imana buratabagwa.               Kuvayo 11: 1-3 ; Kuvayo 12: 1 & 12-14  Ikintu ca mbere nukugira kwumvira. Pasika nigihe imana zo muri Egiputa zaciriweko iteka. Abanyegiputa baraba nabi ubwoko bw’Imana. Ariko igihe co gutabagwa kigeze, Uhoraho abaha kugira ikiganza ciza , barabwa neza n’aba ny’Egiputa. Kugirango bagarurigwe ivyabo ndetse banahembwe canke bashumbushwe nivyo bakoreye vyose mugihe cose bamazeye batwazwa ituntu.

Mugihe cubu Imana yatumye Umwana wayo Yesu Kristo kugira natwe atubohore aho twatwazwa ituntu n’umwami w’iyi si. Yaragizwe n’ibintu 2: – Ubumuntu kugirango ashobore kumva ububabare, ababarane n’abababaye, adutstindanishirize icaha,  atwikorere n’imitwaro n’ibindi…. . – Ubumana kugirango ashobore gutabara abageragezwa, kandi abere n’inyishu abana b’Imana. Nico gituma yadutsindanishirije icaha n’ibitugerageza vyose. Pasika nigihe twatsindanishirijwe, twakuwe mu rupfu duhabwa ubugingo buhoraho. Pasika ikugirira ikimazi iyo Uzi ivyakoretse ukavyizera. Kuko Malayika yabwiye ba bagore bagiye kumva bagasanga yuguruye iri gusa ati ngo murabe aho yararyamye, ati Mweho ntimutinye. Imana yacu niyukuri kandi n’ijambo ryayo n’ukuri. Nico gituma ishakako iyo turisoma canke turyumva turishitse tudakekeranya kuko niho bidukorekako.

Matayo 28: 1-10 Mukuzuka kwiwe yatuye ijambo ryo guhumuriza ishengero : Ntimutinye n’Amahoro ni vyukuri. Yararangije gucirako iteka Satani , amwugaranira ikuzimu, ntabubasha agifise kubizeye, aribo bana b’Imana. Naho bocana itanure ubona, naho basonzesha intare ubona, arakubwira ngo n’Amahoro kandi ntutinye kuko ivyo vyose aziko yamaze kubirangiza. Yaraduhaye amahoro amuvako n’ihumure bimuvako no hagati mundwara, mu bibazo no muntambara kuko aziko abamwizeye bose baratsindanishirijwe. Yabariye baba Mariya Magadalena nabo bari bajanye kumuraba ati genda mubwire abigishwa ko muzohurira Igalilaya. Aho niho muzomusanga. Hagati murugendo ivyo mushobora guhura navyo vyose, ivyo yaramaze kubirangiza, kuko yarahaciye kandi vyose yarabirangije. Nico gituma ashaka uhace utuje kandi ufise amahoro naho harivyo uriko urahura navyo kuko ivyo vyose yarabinesheje. Kandi umwizere n’umutima wawe wose abe ariwe urangamiza kuko ntawundi mutabazi ariho Atari Yesu wenyene. Yahana 18 : 36-36 Nkuko Yesu Kristo mu b’isi ata n’1 yamugwaniriye niko natwe ata n’umwe ashobora kudutabara canke kutubera inyishu Atari Yesu wenyene. Kuko nta bubasha Satani canke ab’isi badufiseko kuko Umwami wacu yanesheje isi. Nico gituma ashaka tugire amahoro no hagati mu bibazo, no muntambara.

Mariko 4 : 39-40 Abantu benshi bambaza Yesu Kristo ataruko bamwizeye kwashoboye kubatabara, ahubwo ngo ababarane nabo. Nkuko izo ntumwa zamuvyukije , nawe agacecekesha ikiyaga. Nabo ngo mbega uwo n’umuntu ki n’ikiyaga kimwumvira. 2 Abami 7: 2   & 19-20 Umugabisha w’ingabo umwami yagenda yegamiye kuko yarukomeye kandi ahambaye, yatumwe kuri Elisa gusiguza Imana, Eliya amaze kumubwira ivy’Imana igiye gukora yarabisuzuguye avugako bidashobora kubaho, kuko hari kigoyi (inzara) nyinshi gose. Umukozi w’Imana ati waje kumbaza utavyemera, uzobirabisha amaso ariko ntuzobiryako. niko vyagenze, abandi baratabagwa nawe agwa mw’irembo ry’igisagara. Yesu Kristo yazutse ngo twizere ububasha bwiwe n’ubushobozi bwiwe. Tugire amahoro kandi tureme Kuko Vyose bibonekera muri we. Yesaya 30: 15 Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s