Kuguma mu rukundo rwa Yesu Kristo.
Ic’Imana yakoze mu bugingo bwacu nikintu gikomeye cane. N’ikintu cinkora mutima, kidukorako wese uwamaze gutahura. Nicogituma ishaka twakire ugwo rukundo , turubemwo nagwo rutubemwo kandi tugwamane. Kuko urufise ntarabisha amaso y’umubiri canke ngo yumvishe amatwi y’umubiri, ahubwo Mpwemu Yrea niwe akwereka kandi akagutahuza. 1 Samweli 18: 1-4 Yonatani yarabisha Dawidi amaso yo mri Mpwemu, nico catumye amukunda akaramata. Ariko siko Sauli nawe yamubona. Abantu benshi ntibakunda Yesu, ahubwo bakunda ivyabaha. Bashaka imigisha , ibitangaza n’ibindi… Nico gitma igihe yakurikigwa n’isinzi ry’abantu, umusi 1 yarabagejeje arababwira ati munkurikira kuko nabahaye imikate, bose bamenya kwabatoye, barayombayomba baragenda, hasigara 12 nabo nyene abaravye mumitima abona bagiye. Arababaza ati mbega namwe mugomba kwigira. Ariko barambwira bati twokuvako tukaja hehe??
Matayo 19: 27-29 Petero yabajije Yesu Kristo ati none twebwe abahevye vyose tuzoshumbushwa iki? Yesu aramubwira ati bazobishumbushwa umurengera kandi bahabwe ubugingo budashira. Nico gituma igikwiriye suko twosenga turondera mubiganza vyiwe ivyaduha ahubwo nuko tworondera munyonga ziwe, kuko urondeye munyonga ziwe ugwiza ubucuti nayo kandi ikaguha n’ibiri mubiganza vyayo. Zaburi 27: 8-10 Nico gituma Dawidi yishuye Uhoraho atoi mu nyonga zawe ndaharondera Uhoraho , kuko yahoze ari umutabazi wanje. Niho ugwiriza ubucuti n’Imana , ikaguha ubwenge bw’ingene witwara muri runo rugendo trimwo ruja mw’ijuru. Uba umukundwa wayo kuburyo harivyo igukorera wewe ubwawe, ataruko yabikoreye n’abandi. Kuko mubiganda vyayo, igwishiriza imvura ababi n’abeza. Hari kugiraneza kwiharije Imana igirira abayikunda. Urukundo Imana idushakako n’amajambo avanze n’ibikogwa. Abaroma 12: 9 ; Ivyahish. Yohana 2 : 4-5 ; Ivyah 3 : 18 Ugwo rukundo nigwo rgutuma wihanganira ibikugerageza vyose ntihagire ikigutandukanya n’Imana yawe. Abaheb. 11 Abo baciye mu bigeragezo vyinshi baranesha kubw’urukundo rw’Imana rwari muribo, bituma bitwa abahizi mukwizera.
Nukundisha Yesu Kristo umutima wawe wose, hari ibintu 5 azoguha :
1 – Umutamana : impano za Mpwemu Yera
2 – Icuma gikingira igikiriza: Kugororoka mugato no mukanini.
3 – Inkota : Ijambo ry’Imana ritumurikira , rigaca imanza zananiranye.
4 – Umuheto : Amasengesho arasa kure, ndetse abomora ibihome vya Yeriko
5 – Umukanda : Kuvuga imvga kuri, kandi ibihe vyose.
Ibi utabifise kubona ubugingo buhoraho bizokugora.