Kugira ishaka ry’Imana : ubutumwa bwo ku wa 17/03/2017

Kugira ishaka ry’Imana.

Uwambere yagize ishaka ry’Imana ni Yesu , umwana w’Imana , mukwerekana urukundo Data wa twese yakunze abari mw’isi. Harabantu bibazako kurondera Imana arukubufise ingorane cankibibazo, canke ubukire ukaja gushimira Imana, canke arimico yo gusenga bakuriyemwo. Ivyo vyose bikwegereje Imana nivyiza, si bibi. kandi birashoboka. ariko ivyo vyose birashobora guhinduka. Ariko ic’Imana idushakako n’iki? Nukugira ishaka ry’Imana kuko watahuye ivyayo. Kuko ico gihe naho woca mubibazo canke mungorane, mubukene cankubukire, mugwanko canke muguhebwa n’abantu ntushobora kurekura Imana yawe kuko watahuye vy’kuri urukundo rwayo. Ukaba mubuzima bwo kwezwa, nayo ikabana nawe. Haba hariho Connection y’umutima wawe n’uw’Imana , bigatuma atakigukura kuriyo murugendo urimwo ruja mw’ijuru. 19 Abami : 7-10 . Eliya yagize ishaka ry’Imana , ariko naho bagomba kumwica , yahunga abamuhiga ariko ntaho yava ku Mana. Yarafise impamba ikwiye yari yariziganirije ivyo murugendo rukomeye yarimwo.

Mgihe ugize ishaka ry’Imana nayo iguha ingene kwiriye kwitwara.  Ugira umutima wejejwe wirinda icaha nkuko Eliya yakoze nayo ikabana nawe, nkuko yabanye nawe gushika imuduganye. Itang. 13 : 2-9 Aburahamu niwe yimuka igihe umukuku waba mwinshi na Loti umuhungwabo ukaba mwinshi, batagikigwa mugihugu kimwe , Aburahamu yaca yimuka kuko yanka kwiyanduza. Harigihe umunt asubigwako nivyo yakoze, ariko we yibazako ntarubanza rumutsinda, Yeremiya 15: 15-19 Ico gihe umuntu yibaza ngwari mukuri, ariko ararenganwa. Nayo Imana itagabitanya yamubwiye kwitandkanya n’icaha.

Yobu 42: 5-6 & 10 yabanye n’Imana ayirondera kandi ayigororokera, nivyo yaciyemwo vyaramwigishije kandi bituma  yihana imbere y’Imana imugwiriza ivyo yarafise 2. Ariko yagize ishaka ryinshi ry’Imana, yarafise impamba nini yamufashije ghagarara mubibazo bikomeye yaciyemwo. Kuko iyfise ishaka ry’Imana nayo iguha ubwenge n’inkomezi mruugendo rtoroshe kandi rurerure turimwo. Nico gituma itwingingira ngo tugure uburyo tubugwiza kuko imisi ari mibi.  tugende nkabanyabwenge. Rusi 1: 8-14, Rusi yari yaratahuye neza ivy’Imana y’Abisirayeli, nico gituma naho inabukwe yamwinginga cane ngwasbire inyuma nkuko mugenziwe yabikoze, namajambo yo kumwemeza impamvu yotuma asubira inyuma, we yaramaramaje aguma ku Mana ya Ishirayeli kuko yarazinezako atawayikurikiye numwe yakozwe n’isoni. Haba imigisha y’isi yarayihawe no gushumbushwa bikomeye, yongera ahabwa mugisha wo mubo Yesu Kristo yakomotseko. Nawe mwene Data Gira ishaka ry’Imana imigisha irateguwe, kandi ubugingo uzobuhabwa. Amen.

 

 

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s