Kuba inyegu y’Imana : Ubutumwa bwo ku wa 03/03/2018

Kuba inyegu y’Imana.

Nkuko Imana yadutoranije ikatugira ihanga ryayo, irashakako tubaho ku bwa Kristo. Kuva igihe twakiriya Yesu Kristu nk’Umwami wacu, twabaye inyegu Imana yiharije. Kuko yatuvanye mubuzima bw’abandi bose itugira inyegu yayo burundu, tuba aba Naziri ku Mana. Kuko yadukuye muvyadutwara arivyo bihimbaro vy’iy’isi, arivyo bibangamiye ishengero nubu kuko benshi baguma babikurikira, idushira mu kwera no mukugororoka, kugirango tube ibikoresho vyayo muguhindura isi. Abacamanza 13 : 1-7 ; Abac. 14 : 3

Abanaziri : n’umuntu yiyeguriye Imana , yitandukanije, atavanga n’ikintu na 1, atihumanya. Kandi na wewe ugiye gutwara uwo mu Naziri uhamagariwe kutihumanya . Uwo mugore Imana yamubariye ingene azokwitwara. NB: Ico turi nico twahawe nivyo biduha icerekezo cingene twitwara, ningene tubaho. Sitwebwe tubishaka canke ngo duhitemwo ariko ni Kristo atuyobora. Igihe cubu bigereranywa n’ishengero kuko uwo dutwaye ni Kristo yatujemwo mu buryo bwa Mpwemu, Niwe yashikije ubu Naziri ativanze kandi niwe izina ryiwe riba muri twebwe. Uwavutse ubwa 2 wese agereranywa na nyina wa Samusoni. Uko niko twebwe aba Kristo Imana idushaka murugendo turimwo.

1 Samweli 1 : 11  ; Luka 1 : 15-17 Mugihe ca Samweli no mugihe ca Yohana umubatizi, no mugihe ca Samusoni abo bana bose bavutse mugihe ishengero ryari ryarasubiye inyuma cane muvyo kwumvira Imana no gukora ivyo ritegerezwa gukora ( Ryari muri crise spirituelle). Ico gihe cose ishengero ryari mungorane nomubuja kubwo kutumvira kwabo, ariko ubugombe bw’Imana suko ishengero ribaho mukuneshwa ahubwo nuko ribaho mubuzima bw’intsinzi. Rero igihe cose ubwoko bw’Imana bwabaho mu buzima bwo kutumvira Imana ngo bakore ivyibasaba gukora, Bama babaho mubuzima bwo kuneshwa, ikabatanga mumaboko yabansi babo. Reka tubeho tuyoboka ijwi ry’Imana, idutsindanishirize muri vyose. Samweli na Yohana babayeho mubuzima buyoboka Imana. Babaho barongogwa nayo gushika bahejeje umurimo bahamagariwe.

1 Pierre 2: 9-11 Twahamagariwe guhindura isi, nkuko Samusoni yahamagawe, naho yagendeye mungeso zidashimishije Imana , ariko umugambi w’Imana wo wararangutse. Ariko yavukiye gutabara Abisirayeli. Kuko naho tutoba abizigigwa yo ihora arumwizigigwa ibihe vyose. Amen.

 

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s