Ukwizera no gukurikira Imana ushize amanga bidushikana kubitangaza IMANA yadusezeraniye. 17.02.2018

Ubutumwa bwo kuwa 17.02.2018

Ukwizera no gukurikira Imana ushize amanga ,bidushikana kubitangaza IMANA yadusezeraniye.

Umutima w’urukundo n`ubutwari  nivyo vyaranga abahizi muri bibiriya, hahesheje izina ry’Imana icubahiro , bigatuma ishingigwa intahe mu banyamahanga ko Uhoraho ariwe Mana.

Imana ihagurutsa  umuvugishwa n’Imana Yeremiya, hari mugihe ubwoko bw’Imana abanyislayeri bari basubiye inyuma ,bava muvyagezwe vy’Imana, bibumbira ibigigwa mana ,barabisenga, batako bakora ibibi vy’ubuyobe vyababaje Imana cane, batako batoteza kandi bica abavugisha n’Imana.

Nuko vyaruko ,Urukundo gw’Imana gwinshi cane nigo gwatuma idaheba aboyaremye, ikongera igahagurutsa abasavyi bayo, ikabakoresha ngo baburire abasubiye inyuma , bagarukire Imana yabaremye.

Tubaye mw’isi yugarijwe n`umwijima , n’imibabaro. Ivyaha bikoregwamwo ninkivyakoregwa mub’anyisilayeli, nico gituma Imana iriko iraduhamagarira cane, twebwe abakijijwe, kuyiyegurira gose, tukayihebera umutima wacu wose, kugira ngo idukoreshe mugutabara abarimbuka.

Ijambo ry’Imana muri bibiriya ABAMI bambere 17, riratwigisha ingene nubwo murico gihe hari ugusubira inyuma mu bwoko bw’Imana , Imana yari yaritoranirije umusavyiwayo Eliya, iramuzigama, iramwibikira ngo azayikorere murico gihe. Ntwe uyu musi nitwe turi ba Eliya, Imana yizigamiye mbere yahagurukije kugira bayikorere. Eliya yahawe isezerano n’Imana ko izomukoresha ibikomeye,ko imvura izongera kugwa aruko Eliya abivuze. Murico gihe c’umwumwa , n’ubugaragwa igihugu cari cose cari kirimwo, Imana niyo yitungiye Eliya ntiyagira ico abura.Imana igirira neza abayo, abayiteze kandi bayihanze amaso yo gusa, ntibazogira iciza bakena

Abami bambere 17,8 Umupfakazi yizera Imana ,yumvira ico Eliya uwatumwe n,Imana amubwiye,yemera gutanga kugafu nutuvuta twanyuma yarafise maze Imana ikora ibitangaza, ica inzira ahatari inzira, uwo mupfakazi numuhungu wiwe, ntibigera babura ico barya .

Vyongeye mu gihe umuhungu wiwe yaragiye gupfa, Eliya yibutsa Imana icuwo mupfakazi yakoze, maze Imana iramutabara imukiriza umwana.

Abami bambere 18, Eliya amaze kubona ubushobozi bw’Imana, bimutera gushira amanga, yumvira Imana yamutumye kumwami , ntiyaba agitinye ubukozi bwikibi bwiwe , yirengagiza ko kenshi yamurondeye ngo amwice. Eliya ariyemeza, yizera IMANA yiwe, ahamagara umwami Ahabu, abinyisilayeri bose, abaherezi bibigigwamana ngo baduge kumusozi Karumeli. Abanyisilayi bacanira igicaniro bayari, ninkwi zumye, bashirako igitambo, baborogera bayari umusi wose, umuriro ntiwamanuka.

Eliya agezweho , agahinyuza kaba i Karumeli vyukuri. Eliya ategura igicaniro, ashiraho amazi mukiringo c’inkwi , aterekako ikimazi maze asenga Uhoraho IMANA y’ibitangaza nayo imanura umuriro uvuye mw’ijuru. Abanyisilayeri bose bacishwa bugufi, baramya IMANA ,UHORAHO NIWE MANA.

Natwe irijambo ry,Imana ryongeye kudutera intege. Imana yadutabaye mubikomeye vyinshi, yaratwiyeretse ko ishoboye. Duhaguruke mukwizera, tushire ubwoba, turengere nintambanyi zitubuza gukorera Imana, kuko muguhaguruka kwacu, tugakora , Imana izokwihesha icubahiro bitume abatayizi bayimenya.

Abami bambere 18,41 Eliya asenga Imana, imvura iragwa maze abanyisilayeri babona guhembuka.Harico natwe IMANA ishaka kudukoresha kugirango imiryango yacu ikire, ishengero rikire, ababanyi bakire, igihugu gikire, abantu babone ugutabagwa…

Twebwe abakijijwe twahawe ububasha mu MWAMI wacu YESU KRISTO, amasezerano nayacu, duhaguruke twizeye ijambo ry’Imana, dusenge IMANA nkuko Eliya yatakamye, maze abantu b’Imana babone gutabagwa.

Abami bambere 19, Eliya nubwo yasenze abanyisilayeri bagatabagwa, satani we ntiyabinezerewe, bituma ahamwa. Nubwo bitari vyoroshe,Eliya yagize umwete wo kurondera Imana ,amara imisi mirongwine ayishaka.Maze kubwuyo mutima yagize ko kurondera Imana naho we yahamwa,Imana iramutabara.

Satani ntiyigera anezeregwa ko dukorera IMANA , ariko naho imitego ari myinshi kandi nubwo tubona benshi bariko barava ku Mana ,dushishikare kurondera Imana n`umutima wacu wose, hari ugutabagwa mu Mana.

Dusabe Imana ubwenge, twirinde ibidusamaza, ninyigisho ziduca intege, zaba izivuye kubavugisha n’IMANA badahagaze ,canke ivyo imibiri yacu itwereka tukaja muntege nke.(Abami 13)

Ariko gwa rukundo gw’Imana yacu yadukunze rutagira akagero, gwatumye iduha umwana wayo w’ikinege, akadupfira kumusaraba abe arigo rudutera kuyikorera.(Ivyakozwe n’Intumwa 21:10-13.)

Advertisements
This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

w

Connecting to %s