Kuvugana n’Imana no gukoreshwa na Yo : Ubutumwa bwo ku wa 10/02/2018

Kuvugana n’Imana no gukoreshwa na Yo

Turi mugihe ciza co kurondera Imana no kuyegera. Ivyo bidusaba kugwiza umwanya wo gusoma ijambo ry’Imana kugirango tumenye ivyayo nico idushakako. Ntidushobora kuba abigishwa ba Yesu Kristo tutazi imvugo yiwe kandi tukamenya nico ijambo ry’Imana ridusaba gukora. Yohana 14: 1 & 12-14 & 18-24 Nkuko umuvyeyi mwiza agira ubusabane canke ubwumvikane n’abana biwe canke abo murugo rwiwe niko n’Imana yacu nayo ashaka ko tumera kuri we. Ashaka ko tuba mw’ijambo ry’Imana kandi turishitse. Ariko icambere dukeneye n’ukurimenya.  2 Timote 3 : 15-17 Ntahandi dukura ubwenge no kutumenyesha ivyagakiza atari mw’ijambo  ryahumetswe n’Imana. Niryo ritwigisha rikaturera, rikadukosora , rikanaduhana rikadutoza inderero nziza. Kugirango abana b’Imana tube abashitse. Dukoreshwe nayo twuzuye ataco duhajije mugutahura ivyayo. Twubatswe neza mw’ijambo itwigishirizamwo.

Matayo 7 : 21 & 24 -29. Reka tube aba Kristo bashitse kandi babanyabwenge buva ku Mana niho tuzoba twubakitse neza, ntitujanwe nibihuhusi vyose, ngo dutembe tuve munzira nziza itujana mw’ijuru. Niho ha mbere tuvuganira n’Imana rikatwigisha ukuri kudukomeza mukwizera Yesu Kristo. Ritwuzuza ishaka n’inkomezi  zo gukorera Imana no gukomera mukwizera. Nubwo Imana ivugisha abantu bayo mu buryo bwinshi reka turabe uburyo 7 butwereka ingene tuvugana n’Imana : naho hariho n’ubundi

1: Ijambo ryayo. Niyo mvugo yayo yambere dutegerezwa kwugururira amatwi n’umutima rikatwigisha.

2: Kwumva ijwi ry’Imana mugutwi mukundi. Rishobora kuza ahuri hose. Yesaya 30: 21

3: Munzozi : Usinziriye , Imana iraza ikavugana nawe, icishije mu buryo yahisemwo. Ivyak. n, Int. 16: 9 Akar. ba Paul bahamagagwa kuja i Makedoniya kuvuga ubutumwa. Yosefu abwigwa kwariwe azoba mukuru muri bene se.

4: Mwiyerekwa: Uri maso kumurango canke uryamye, ariko udasinziriye, ukaja mwiyerekwa. Ushobora kuba uriko urasenga. Ivyak n’Int. 10. Koruneliyo yerekwa Umumalayika w’Imana.

5: Ijambo ryo kumenya ”Ubuhanuzi”. 1 A b’ Ikor 2 : 7-8  Ushobora kwihanurira canke ugahanurira abandi. Kandi urifise risenya vyinshi muriwe. Rikamwubakamwo ivyingirakimazi. Kuko ugira ubwenge bw’Imana. Akar. Dawidi yanka kwica Sauli. Uko abandi babona ibintu wewe siko ubibona kuko ufise ubwenge bo badafise.

6: Circonstance ( ivy’umuntu acamwo) : Abaroma 8: 28-30 Tumenyako ar’Imana ifise agenda yacu ( kirangamisi cacu)  Ishobora kureka ugaca mubibazo bikomeye ariko ariho igomba kukuganiririza ikakwambikira inkomezi n’ukwiga, ugasohoka murivyo harimwo gutabagwa.

7: Mubidukikuje: Iratuganiririza muvyo yaremye iyo tuvyitegereza, canke tuvyumviriza. Hari nigihe ikoresha ivyo wewe nyene uriko urakora, bikakwigisha, Imana irahakuganiririza.

Hari aba Kristo benshi babisuzugura bakavuga n’amajambo menshi kubwo kutamenya kwabo no kudasobanukigwa, ngo nivyabantu badasobanutse, mwene Data ca bugufi Imana yacu ikorana nabaciye bugufi kuko nawe irashaka kukuvugisha kandi ngutahure imvugo yayo, uyikorere uhagaze kuco yavuganye nawe. Ishaka tube aba Kristo bashitse batari utuzuyazi. Tuve muri confusion no mukutamenya, turondere Imana nayo ize itwihishurire, dushikame mukwizera Kristo Yesu. Amen.

 

 

 

 

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s