Kwumvira ijwi ry’Imana no kurongogwa na Mpwemu Yera: Ubutumwa bwo kuwa 03/02/2018

Kwumvira ijwi ry’Imana no kurongogwa na Mpwemu Yera.

Murugendo twatanguye rutujana mw’ijuru, ntakindi gituma tumenya inzira dukwiriye gucamwo Atari ijambo ry’Imana rishigikiwe na Mpwemu Yera. Yosuwa 3: 1-13.    Kuvayo 6 : 6-8 . Nta jambo na 1 riva ku Mana ritagira ububasha ryakiriwe n’umutima wejejwe kandi wizeye. Yosuwa ntakindi yakoze atarukwumvira ijwi ry’Imana akaryizera akabishikiriza ubwoko bw’Imana. Mpwemu Yera nawe agaca umubwira ingene bakwiye kubigenza. Nkuko yababwiye ati ninzira mutigeze gucamwo, natwe nuko agakiza n’inzira atamuntu yovuga ngo ndabizi, ariko n’inzira tugenda turigiramwo ku musi ku musi. Kuko ivyo duhura navyo bitubera bishasha ku munsi ku munsi, igihe cose. Ariko twuzuye Mpwemu Yera intsinzi ni yayindi. Mukujabuka ikiyaga gitukura Imana yabariye Mose ngo bwira Aroni atunge inkoni hejuru yikiyaga. Ariko kuri Yorodani, Uhoraho ababwira ngo Abaherezi bareruye isandugu y’isezerano bashorere amaguru muri Yorodani baruhagararemwo, amazi yo haruguru aca aguma haruguru ayo hepfo nayo atembe. Gushira ibirenge vy, abaherezi muri Yorodani rugacikamwo 2, vyababereye ikimenyetso c’ingene Imana izokwirukana abababa mubihugu Imana yaribajanyemwo imbere yabo. R.N.: Bivugako mukwumvira kwawe ijwi ry’Imana, ugakora iciviganye nawe, nta rugamba na 1 utazonesha, kuko urongowe na Mpwemu Yera kandi Yesu Kristo nawe abana nawe.

Yohana 14: 15-24  ; Yohana 16 : 13-15, Yesu Kristo yaduhaye Mpwemu Yera ngwabane natwe, nawe atugarukako muburyo bwa Mpwemu, kandi Data wa twese ari muri we nawe akamubamwo, bivugako muri wewe wizeye Imana  vyukuri ukagendera mu vyagezwe vyiwe vyose ukabishitsa, ubutatu bweranda bukurimwo. Bivugako Imana yaremye ijuri n’isi iri kumwe nawe. Ugira ubushobozi bwose buvuye ku Mana, nico gituma yatubwiye ngo nitwamwizera, nivyatakoze tuzobikora. Ivyk n’Int 10 : 38. Mpwemu Yera yasutswe kuri Yesu Kristo niwe yahawe abamwizera bose. Ivyak. n’Intum. 4 : 7-13   ; Ivyak. n’Intum. 16 : 25-26

Reka ukuri tugezemwo abarikwo tugenderamwo. Tugende turongogwa na Mpwemu Yera. Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s