Kwumva ijwi ry’Imana : ubutumwa bwo ku wa 27/01/2018

Kwumva ijwi ry’Imana.

Dukeneye guhinduka gose Mpwemu Yera Akaba ariwe adukoreramwo. Dukeneye kwama twiteze ico atubwira kira musi. Tukumva ijwi ryiwe igihe cose.

Yohana 10: 14 & 22-28      Mariko 4: 23-24 Ab’Imana bumva ijwi ryiwe. Arabazi kandi nabo baramuzi. Bumva ijwi bakamukurikira. Kwumva ijwi ry’Imana nukumenya ubugombe bw’Imana ku muntu. Nico gituma ijwi ry’Imana canke ijambo ry’Imana iyo turyumvise dutegerezwa kurifata nk’inzahabu canke no kurusha inzahabu. Tukarizera kuko ariryo rituma tuba ic’Imana itugombako, iyo twarihaye agaciro tukarigendera. Kuko ijambo ryose riva ku Mana rigira ubushobozi kuryakiriye akaryizera akabikora. Wumviye ijwi ry’Imana ugira nikigushigikira, kuko niho inkomezi z’Imana ziyerekanira muri wewe. Nikintu cingenzi kumenya ko ar’Imana ivuganye nawe, niho ubaho utubatswe nivyo wiyumvira canke naza philosophie z’abantu. Hari ubushobozi buva mubintu twumva kandi tukavyemera. Bituremamwo iciryo jwi ryaje rigamije gukora.

NB: Twebwe abakijijwe turi ibiremwa bishasha, Twubakiye ku rutare arigwo Yesu Kristo. Ijambo yatubwiye niryo ritwubaka rikadukomeza, rikatugira abo turibo. Kandi kubwo kuryizera ntakitunyiganza. Dufise ivyiyumviro bisha kandi bizima. Ivyakoz. n’Int. 9: 4-7 . Sauli amaze guhura na Yesu Kristo akamubwira icakwiye gukora, yaragikoze kandi aba ikiremwa gishasha, kuko yumviye ukuri. Kuko ivyo tumvise nivyo bisunika icemezo dufata. Icemezo umuntu afata gituruka muvyo yemera. Muvyo washize mubuzima bwawe. Abaheb. 11: 8-9; Aburahamu ntakindi yakoze atarugukora ic’Imana imubwiye kandi akagenda akurikiza ijwi ry’Imana kuko ayizeye. Nayo ikabana nawe. Na Mose umusavyi wayo, ntakindi yakora atarukwizera Imana agakora ico imibwiye cose.

Nico gituma twese abana b’Imana dusabwa kuyumvira kugirango tw’experimente ubushobozi bwayo. Kuko ikuvugisha ifise nico yaguteguriye imbere. Iyo wumvira ijwi ry’Imana, ugendera muntsinzi no mubitangaza kuko uhimbara umutima wayo. Abaroma 8 : 8. Ariko iyurongogwa nivyiyumvira vyawe canke nijwi ryakamere niryo mumutima wawe, uraneshwa mubuzima, kandi ukama uri mu madidane atakintu kizima ushikako. Bigutera icaha kuko ivyo twumva vyose siko vyose arukuri. Haramajwi ava muvyo dusoma mubinyamakuru, ivyo turaba ku ma Television, ndetse kuma media yose, namajwi rero menshi atuganiriza yo mumutima. Ayo yose ijwi riruta yose dukwiye kwumvira nijwi ry Imana. Nico gituma Imana yabariye Yeremiya iti niwarobanura ivyingirakimazi ukabikura muvy’imbura kimazi uzoba nkakanwa kanje.

1Abami 17 : 1-7 & 8-15 Kwumvira ijwi ry’Imana ninkubusazi kuko Eliya Imana yamubwiye ngwagende kumwonga izohora imurungikira ibikona abe arivyo bimugaburira, kandi kubwo kwumvira vyamuzanira buri musi umutsima n’inyama. Hanyuma imurungika kumupfakazi w’umukene asigaje agafu kanyuma ngo yipfire n’umwana wiwe, ariko harabatunzi yari kumurungikako, yemerera Imana icivuze aragenda. Benuwo mupfakazi bagira umugisha mumyaka yose amapfa yamaze mugihugu bo bararya bakanywa. Umu Kristo ataramenya kuvangura amajwi ntashobora guhimbara Imana. Kandi ntanakura mugakiza ngwahinduke vy’ukuri. kuko ibiri mumutima nivyo twama. Bona ingene Imana yavuganye na Gahini ikamuburira, ariko kuko atumviye agakurikiza ijwi ryo mumutima, yishe murumunawe.

Agakiza nikintu bita guhinduka muvyiyumviro, mumyizerere, mumibereho, …… Kuko udashoboye kwumvira Imana ngw’ijambo riguhindure, Sataniwe ntakubembetereza aragukoresha kuko uri mw’isi yiwe. Menya nezako wakiriye ukuri kwinshi kukuremamwo ubuzima bwiza. Nico gituma dukwiye gusenga cane ngo Mpwemu Yera adufashe gufata ivyemezo, tumenye kwumva ibiva ku Mana, niho tuzozigama ubugingo, kandi tukabaho mumahoro Imana itanga, no mu buntu bwayo. Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s