Ubutumwa bwo ku wa 13/01/2018
Tube abantu bihereje Imana vy’ukuri.
Yesu Kristo yatwitangiye kumusaraba kugirango yironkere ubwoko, ishamvu yicunguriye kugirango ribeho rikorera ubwami bw’Imana. Nico gituma dukwiye kugirira confiance Yesu Kristo, tukitanga wese. Duhagarike kubaho kubwacu ariko tubeho kubw’inyungu z’ ubwami bw’Imana.
Abaheb 9: 14 Galati 2 : 19-21 2A b’ Ikorinto 5: 14 Amaraso ya Kristo yatwuhagiye ibikogwa bibi twagendeyemwo kera kugirango, atweze tubeho mugihe co kwezwa kubw’icubahiro c’Imana. Ubu ntitukibaho twinezereza nkuko twari mugihe co kutamenya. Ariko turiho ngo tunezereze uwadupfiriye akatwigura. Kuko tutabayeho kubwacu, ariko tubayeho kubwiwe. Nta mpamvu ni1 dufise kubaho kubwacu tutabayeho turab’Imana. Tubeho dukoresha ubushobozi n’inyungu z’Imana ziri muri twebwe. Ivyo ntibishoboka tutaretse ngo tumwinjiremwo wese, tumwihe birenze uko twamwihaye kera, dushimisha ubwiza bwiwe. Kumwiha wese ntabuhombe burimwo, tubayeho turab’Imana mubuzima bwacu. Niho tuzobaho mubutsinzi butagira akagero. Igihe cubu benshi babayeho n’ibibazo badashobora gutorera inyishu, bafise ingaruka mu buzima bwabo kubwo kutiha Imana nkuko bavyatuye. Ntibagukiwe, ntaburyohe mu buzima bwabo burimwo, kuko iryo jambo ryo kwitanga wese bataryakiriye. Bakaba inyegu ya Kristo ryaravuye mw’ishengero. Ishengero ry’uyu musi riri mubihe bikomeye cane, rironze muburyo bwa Mpwemu, kandi ico gihe ntibashobora kugwanya ibibazo bahura navyo nko mumiryango, ku kazi, mubuzima nahandi. Ivyo ntushobora kubigwanya utihaye Kristo vya vrai. Reka Yesu abe umutware w’ubuzima bwacu muri vyose tureke kumuha agace gato gusa. Tuvuge tuti ibitari inyungu z’Imana turabihagaritse. Ivyak. n’Intum 9: 36-42 Uyu mugore Tabita yakoreye Imana n’umutima wiwe wose mugufasha abapfakazi, igihe Imana yamureka agapfa, yagira yerekane ko ata wayikoreye azokogwa n’isoni. Siwe yasavya amasengesho canke umuryango wiwe, ariko ibikogwa yakoze, abapfakazi n’abera nibo batumyeko Petero ngwaze amusengere araheza arazuka. Ihereze Imana mukwagura ubwami bwayo no muguhesha icubahiro izina ryayo ugire ibikogwa bikuvugira mw’ijuru. Harivyurindwa bitanagushitseko. Nibiza ariko ntiwirigwe uranabisengera. 1 Samuel 4-24 Hana nubwo Imana yari yaramuzivye inda kugirango yiheshe icubahiro. Igihe cose yama gusenga kandi akadugana mungoro y’Imana amashikanwa yose umugabo yamuhaye. Yarafise umubabaro ariko yihaye Imana wese arayirondera , arayegera kandi arayibona. Umwana yasavye Imana iramumuha. Nkuko yasezeranye mugusenga, wa mwana amushikanira Imana ngwayikorere murushengero gwayo. Korera inyungu z’Imana wewe utarinze no kubisaba izokorera inyungu zawe. Yesu arashaka duse nawe twitange wese muri we ataho tumunyegeje. Tuvuge tuti Mana ndaguhaye ubuzima bwanje bukoreshe ukushaka. Niho nayo izokwitaho ubuzima bwawe bwose n’ivyawe vyose. Ukagira amahoro yo mumutima atagabanije.