Ubutumwa bwo ku wa 06/01/2018
Twigire ku vyitegererezo bizima bitwigisha kurondera Imana no kuyegera.
Yesu Kristo yatuzaniye agakiza ngo tukabemwo, tukagenderemwo kandi abe ariko kadurinda. Birakwiriyeko abakijijwe n’Umwami wacu Yesu Kristo tumenyako agakiza aribwo buzima bwacu turindigwamwo kandi tugatabarigwamwo. Kuko ubu bamwe mu baKristo baravanze ibintu, usanga ata tandukaniro ririho hagati yabakijijwe n’abadakijijwe. Bifutse gusa umwambaro wagakiza, n’aho binjirira ariko ivyamwa vy’agakiza n’imyitwarire yabo binyuranye cane n’inzira y’agakiza kamwe n’ukuri Yesu Kristo yatweretse. Haba muburyo bw’i Mpwemu no mumibereho yacu. Birababaje cane kuko bamwe mu bakizwa bubu barutwa n’abanyamadini. Kuko bo barabibamwo bakanabishira mungiro kuko basoma ivyamategeko yabo abagera bakabibamwo bakavyinjizamwo n’abana babo guhera ari bato, bagakura iryo dini ribari mu maraso. Bakamenya gukurikiza ivyamadini yabo.
Ariko bamwe mu baKristo bakino gihe kubwo kwirengagiza ico bemeye kandi banahisemwo, imyitwarire yabo ikanyurana nico barico, bituma batera namadidane abana babo, ivyo bigishwa murushengero bakabona binyuranye n’ubuzima babonamwo abavyeyi bitwaramwo.
Ivyak.n’Intumwa 10: 1-4 & 34-39 Koruneliyo yarumunyedini ariko yakunda Imana yiwe akayikorera n’umutima wiwe wose, akagira ubuntu, akayegera mugusenga nomukuyigororokera. Akayitinyana nabo murugo gwiwe bose. Abamubona bose yababera icitegererezo ciza, ndetse bagakunda nimyitwarire yiwe yose. Malayika w’Uhoraho amugendeye akamubwira ngwatumeko Petero. Petero aravuga ati Imana ntirobanura abantu kubutoni ariko uyubaha wese agakora ivyukugororoka aramwemera. Bamwe mu bana b’Imana bubu batera confusion abababona , aho kubabera amatara mukubereka uwo bamenye n’ubushobozi bwa Yesu Kristo ngo babe amatara mw’isi.
Yesu Kristo aratubaza ngo agakiza tugahagazemwo dute? Tukitwaramwo dute? Twama ivyamwa Ki?
Daniel 1: 8-9 & 12 ; Daniel 16-19 ; Daniel 3: 1-18
Abo basore bagiye kurondera Imana, barayegera barayisiguza ivy’abana babantu badashobora gutahura no kumenya. Kubwoguca bugufi kwabo bakayirondera nabo yarabiyeretse. Muri vyose ibigeragezo vyose bagiye bacamwo Imana yarabiyeretse irabatabara. Bari bazi neza Imana bamenye kandi basenga haba mukwizera kwabo no mumibereho y’ubuzima bwabo. Nta gukekeranya canke amadidane yari uribo na gato ku Mana yabo. Kubwo kurondera Imana yabo kuyikunda ndetse no kuyegera, vyatumye ibiyereka. Babera amatara igihugu cose barabona ko Imana bakurikiye ari Imana yo. Igihe ba Shadulaka bari mumuriro bo Yesu Kristo ntibamubonesha amaso yabo babona gusa at ana 1 babaye nkuko bavyatuye kwishobora kubakiza batarawinjiramwo. Ariko abari hanze nibo babona Yesu Kristo arikumwe nabo mw’itanure ry’umuriro uhinda. Bagumye muvyagezwe ntibakuyeko na rimwe. Yohana 14: 21 Ugendeye muvyagezwe vya Kristo akabishitsa niwe Yesu Kristo aza akihishurira kuko aba yerekanye kwamukunda Kandi niwe yama ivyamwa vyagakiza . Amen.