Kurondera Imana no kuyegera gose.
Iyurondera Imana kandi ukayegera nayo ibana nawe, ikakwigisha, ikakwereka ingene ukwiye kwitwara , ikakwungura ubwenge bwo muri Mpwemu, ikagutahuza ivyo utatahura, urukundo rwayo rukakugwirako. Ivyak. n’Intum. 10: 1-8 &19-41 Tugire ibikogwa vyiza biva k’umutima urondera Imana mukuri nivyo vyibukwa imbere yayo. Ataritwe dushaka kuvugwa no kuboneka, ahubwo umutima watahuye ukuri. Kuko igisunika umutima w’umuntu gukora canke kurondera Imana nico Imana yitegereza. Koruneliyo yubaha Imana akagororoka,akayitinyana nabo munzu yiwe bose. Akagira ibikogwa vyiza imbere yayo kandi agasenga cane. Harivyo atari bwatahure kuko yar’umunyedini ariko agakunda Imana. Nayo ntiyamuretse yaciye imurungikira uza kumutahuza ivyo atamenye, kugirango aje mukuri ave mw’idini. Ubuntu yagize be nogusenga kwiwe nivyo vyibutswe imbere y’Imana.
Kuko yarondera Imana mukuri yarazi akanayikunda nico camutumye akoranya abo murugo gwiwe n’incuti ziwe zo kumutima kugirango bumve ic’Imana yiwe igomba kumubwira. Petero nawe ubwiwe yari gusenga, kandi amaze kwumvira Umumalayika amutumweko akaja kwa Koruneliyo, nawe yahigiye vyinshi kandi nabo bajanye nabo bahatahurira vyinshi. Abo Koruneliyo yazanye nabo bahabonera ya Mana Koruneliyo asenga, bahabwa Mpwemu Yera baranabatizwa.
Ivyo vyose vyavuye kuko Koruneliyo yarondeye Imana n’umutima ukunze kandi na Petero nawe yarondera Imana. Reka twige kurondera Imana nkuko dufise ivyitegererezo bizima mw’ijambo ry’Imana. Tuyirondere uko tutayirondeye, tuyegere uko tutayegereye kugirango natwe tugire ivyo tuzokwibukigwako nkuko abo bakozi bayo bibutswe kubwibikogwa vyiza n’urukundo bakunda Imana n’abantu bayo.
Zaburi 63: 1-3 ; Zaburi 34 : 7-10 ; Yerem. 29 : 13-14 Imigani 18 : 17-18 Umumalayika w’Uhoraho ashagaje impande zose z’abubaha Uhoraho akabarokora. Kandi abarondera Uhoraho nta ciza na 1 bakena. Reka natwe tugire ivyo Imana izotwibukirako muburyo bumwe canke ubundi. Kuko kurondera Imana no kuyikorera ari umugisha ukomeya cane. Kuko ijuru rigushingira intahe n’abantu bakagushingira intahe. Ariko kuko benshi bashaka gukora kugirango abe aribo bamenyekana, bituma nivyo bakora ata cibutso kibavugira imbere y’Imana. Nihamwe ijambo ry’Imana rivuga ngo: Bazovugango twabwirije benshi, twakoze ibi canke ibi, ariko ngo nawe azobabwira ngo mva imbere mwabakora ibizira mwe sinigeze kubamenya. Kuko Yesu Kristo aravuga ngo Intama zanje ziranzi nanje ndazizi. Luka 4 : 24-28 Mubagiye barondera Imana kandi baciye bugufi , bakayizera nimitima yabo bataravye ivyo bafise canke babuze mugukorera Imana nibo Imana yaciyemwo mukwishingira intahe yerekana urukundo rwayo , gukomera kwayo n’ibitangaza vyayo. Abapfakazi bari bakeneye gutabagwa mu b’Isirayeli bari benshi ariko siko batabawe, Imana yirerekaniye kuwi Zarefati. Mub’Isirayeli harabanyamibembe, ariko hakijijwe Namani Umusiliya. Bivugako Imana ikorana n’imitima iyirondera.
Reka tureke gushaka kwimbura ivyo tutarimiye ngo dutere canke tunabagarire , ahubwo, Imana igiye guha imigisha abana bayo, reka nawe ntusigare haguruka dukorere Imana yo mw’ijuru kuko Nayo irashitsa amasezerano. Amen