Noel= Urukundo Imana yakunze abari mw’isi: Igenekerezo rya 25/ 12/2017

Urukundo Imana yakunze abari mw’isi.

Igihe ca Noel nigihe ciza co kwibukanya no gukomeza gushingira intahe Yesu Kristo nicamuzanye kw’isi. N’urukundo ruhebuje Uhoraho yakunze abari mw’isi yose.

yohani 1: 14-18 & 29-34 Yesu Kristo yaje kudushira mumuco wiwe, adukura muvyaha, nomukutamenya kwinshi aho twatwazwa ituntu na wa mugwanizi. Nico kintu nyamukuru cotuma duhimbaza Noel, kuko twahawe cingabire iruta izindi iva mw’ijuru. Uwo yatuzaniye ubugingo budashira buva kuri Kristo Yesu. Tukanezeregwako Yesu Kristo yaje kudutabara, akadukiza urupfu. Noel itariyo mu buryo bwa Mpwemu ntaco itumarira. Kuko uwo Jambo yaje kutweza, kubw’ijambo ryiwe no kutumurikira, iryo jambo rikadushira mu muco. Rero turabe ko twakomeje mu Rukundo rwiwe, kumwakira no kumwemera. Noel itume twisuzuma . Luka 1: 67-79 ; Luka 2 : 8-15 Guhimbaza Noel n’impundu no guhimbaza Imana vyaje biva mw’ijuru. N’inkuru nziza yazanywe n’Abamalayika. Nico gituma Noel atarukurya no kunywa gusa, ahubwo niyo gushimira Imana no kuyihimbaza , ndetse nukugirango twibuke tuduzwe mu buryo bwa Mpwemu. Abaroma 8: 3-5 

Ibigize Noel:

1. Noel = Urukundo

2. Gutanga no kwitanga: Imana yatanze Yesu Kristo, nawe aratwiha aratwiha. Bivugako        mukwitanga havamwo intsinzi.

3. Guca bugufi. Nta Noel ibaho tudacishije bugufi imitima yacu, ngo twibuke kandi                 twisuzume.

4. Kwumvira Imana.

5. Kureka ubugombe bw’Imana bugakoreka muri twebwe.

 

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s