Tubeho mu buzima butinya Imana, tube abanyakuri igihe cose.
Nk’abatoranijwe n’Imana kubwagakiza twaronkeye muri Yesu Kristo, ijambo ry’Imana riradusaba kuba mubuzima butinya Imana kandi buyubaha.
- Umugisha uhambaye kandi ukomeye n’ugutinya Imana. Ico gihe Imana iguha ubwenge budasanzwe , ikakwigisha n’ingene ukwiriye kubaho; kuko ubwenge nyabwenge buri mw’ijambo ryayo. Urufatiro rwagakiza n’ugutinya Imana. Ivyak.n’Intum. 10: 1-2 & 34 – 41. Zaburi 111: 10 Koruneliyo yubaha Imana akayitinyana nabo munzu yiwe bose. Agakora ibikogwa vyiza mugufasha abakene, akagira ubuntu bwinshi. Agasenga yisonzesha arondera Imana muburyo bukomeye. Ariko ntiyari bwahishurigwe ivya Yesu Kristo na Mpwemu Yera. Nico gituma Malayika w’Uhoraho yamubonekeye akamubwira ngatumeko Petero, nawe agaca atahuzwa yuko mumahanga yose uyubaha agakora ivyo kugororoka iramwemera. Kandi yagiye kumutahuza ivyo atarazi ndetse bahabwa na Mpwemu Yera . Harababaho batinya abana babantu, abagore bagatinya abagabo, abagabo bagatinya abagore babo, ariko Imana idusaba urukundo no kwubahana, canke bagatinya abavyeyi canke ababafiseko ubushobozi, nka bashebuja n’ibindi.. .. Ariko igikenewe kandi gihambaye ijambo ry’Imana ritubwira nugutinya Imana. Iyo utinya Imana nayo iguha umugisha ukomeye. Nkuko handitswe ngo umuryango wabatunganye uzohabwa umugisha. Zaburi 112: 1-7 . Iyutinya Imana uba mubuzima atavyaha birimwo, ukaba mukwezwa , ukagira amahoro ava ku Mana , iguha murugo rwawe no mubawe. Sico gusa haba kurindwa kwagakiza kawe , urugo gwawe , abana bawe , akazi ndetse n’abawe, bakagira umugisha hakaba amahoro menshi.
- Iyo utinya Imana nayo iguha ubwenge atari bumwe twakura mu mashure no muri za experience yivyo twakoze igihe kirekire. Ariko budatahugwa n’abana b’abantu. Akar.: Ba Daniel mugihugu ca Nebukadinezali, na Yosefu muri Egiputa, n’abandi.
- Iyo utinya Imana , naho woca muntambara zikomeye, Imana itugwanirira intambara Yera. Nimbushaka kurugo rwawe , canke ivyukora vyose bikomera, bikagenda neza, reka ijambo ry’Imana rigire ububasha MU BUZIMA BWAWE no muvyawe. Kuko ivyukora nivyo ushira imbere bizozana ingaruka mu rugo gwawe , bikazana ingaruka mu buzima bwawe. Nico gituma ijambo ry’Imana ridusaba kugira umutima umwe wari muri Kristo Yesu. Kuko Imana ariyo ikorera mu mitima yacu, ikaduha gukora ibiyihimbara. A b’I Filipi 2 : 5 & 12 – 13. Amen.