Tugire umuco mwiza wo gushimira Imana no kuyishingira intahe : Ubutumwa bwo ku wa 09/12/2017

Tugire umuco mwiza wo gushimira Imana no kuyishingira intahe.

Nk’aba Kristo ijambo ry’Imana riradusaba guhora dushima, ariko n’ikintu kenshi tudashirako umutima cane; ngo tubishiremwo n’umwete. Ariko nigwo rufatiro gwo gusenga. Umuntu asenga ategerezwa kuba ari umuntu azi gukenguruka muri vyose.

  • Icambere dutegerezwa gushimira iciri, agakiza yaduhaye, urukundo idukunda, ukugira neza kwayo, n’imbabazi itugiriza ibihe vyose.
  • Ishimwe n’intahe bituma duha agaciro Imana ndetse nivyo yadukoreye , bigatuma twitegana umunezero w’inyishu zivyo twiteze birimbere. Kuko kenshi iyo dufise umutwaro canke ubugwayi, turinginga Imana caane, ndetse tukanatanga n’umutwaro. Ariko iyo Imana yakoze ukamengo nibisanzwe bwa buremere nawa mubabaro twari dufise tukavyibagigwa kuko Imana yadutabaye.
  • Satani adushiramwo kuraba no gushira umutima kuvyo tudafise no kubibazo turimwo, tukirengagiza aho Imana yadukuye nibikomeye yaturenganije. Impamvu Satani atugota ngo ntidushimire Imana igihe cose nukwazi ko gushima bidutera intege mukwibuka gukomera kw’Imana yacu hamwe nuko bidukuza mukwizera hamwe nabatwumva. Zaburi 77: 11-15  ; Zaburi 40: 1-5 & 10  Dawidi muriwe yarafisemwo gushimira Imana bikomeye. Nico gituma Imana yirahiyeko muruvyaro rwiwe hatazokwigera habura uwo kuba kungoma. Naho abana biwe ndetse n’abuzukuru baba ibigaba, ntiyabarimbura kuko yibuka ico yavugane n’umusavyi wayo. Luka 17: 11-16 Ijambo ry’Imana ritubwiyeko mubanyamibembe 10 Yesu yakijije, 1 gusa ariwe yagarutse kumushimira. Biramutangaza cane, acaramubwira ati genda ukwizera kwawe kuragukijije. None bamwe bakira ntibagaruke gushima Imana ese vyagenze gute?
  • Gushima ningombwa gose nk’abana b’Imana kuko na Yesu Kristo mugusenga kwiwe yaravugango Ndagushima Data, Canke ngo Data wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe ryubahwe..
  • Imana irashaka ko tudahisha inyishu y’amasengesho. Kugirango abandi nabo bizere Imana yacu , kandi ikomeze guhabwa icubahiro. Luka 15: 22-24 Uyu mu Papa wari yabuze umwana n’amatungo yagiye atwaye, ariko umwana agarutse yagize umusi mukuru ukomeye cane ashima ko umwana wiwe yazutse, yari yarahavye none yahabutse. Ntaho yiyumviriye amatungo yatwaye canke ingene yavyononye akamubabaza. Ariko bishoboka ko yoba yarasenze, Iyo mw’ijuru ikamugarukanira umwana. Nawe aca agira umusi mukuru wo kumenyesha abandi ivyakoretse.
  • Nk’abana b’Imana dutegerezwa kumenya kw’Imana yacu ivyagiye mumashimwe y’abana bayo bayihesha icubahiro muvyo yabakoreye. Ayawe arimwo?? Mugushimira Imana harimwo kubohoka burundu. Kurya kurya munyamibembe yagarutse gushima agakira gose. Amashimwe ntasaza namba na gato ahubwo aguma arimwo uburyohe iyo arongowe na Mpwemu Yera.
  • Atera abandi intege akabakomeza, bigahesha iyo mw’Ijuru icubahiro kandi bikanezereza umutima w’Imana. Gusub. vyag. 4: 9-10 Imana idusaba gushira ku mutima ivyo yadukoreye, tukabimenyesha n’abana bacu ndetse n’abuzukuru, ukurunganwe ruzogenda rukurikirana. Kuko nabo bibatera kwubaha Imana bakayitinya. Ndetse bakanayizera kubw’intahe twabashingiye muvy’Imana yagiye idukorera mu buzima bwacu, ndetse naho yadukuye. Amen.
This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s