Kubaho mu buzima bushimira Imana. Ubutumwa bwo ku wa 02/12/2017

Kubaho mu buzima bushimira Imana.

Twebwe abi Mpwemu dutegerezwa kwerekana ukubaho kw’ Imana mu buzima bwacu; bikaba ibintu biboneka kandi bifadika, kuko turi ishengero rya Kristo. Ishengero ni wewe ni jewe. Ivyak. n’Intumwa 2: 42-47

Mw’ishengero rya mbere rya Kristo. Harikintu Imana yakoze mu rushengero kuko bose bashoboye kuba umwe. Mugusangira no mukugabura ivya Mpwemu. Yesu Kristo yaje ishengero rikenye mu gihugu no mubantu. Ariko Yesu Kristo yazanye uburyo bwose; n’ivy’Impwemu, kandi ivy’Impwemu bigahingurigwa mu bifadika. M’ishengero ry’Imana hakaboneka ivyamwa vya Mpwemu Yera, kubw’agakiza, mu biboneka bifasha n’abandi. Arico gituma Yesu Kristo yavuze ngo tur’umunyu w’isi. Kandi tur’amatara amurika ku mpinga z’umusozi. Abo ba Kristo bari barabohotse, bagahimbaza Imana muvyo bafise mukuyishimira ivyo yabakoreye. Barerekana cane ko gutangira Imana ar’umutima. Suko uba ufise vyinshi canke umurengera.

Itang. 4: 3-7 Ntahantu na hamwe hatubwira yuko Abeli na mukuruwe Gahini bigishirijwe ivyo gushikanira Imana no kuyitangira. Ariko Mpwemu Yera niwe yagenda abiyigishiriza nkuko abikora nuyu musi. Igihe bashikanira Imana, Abeli , Imana yarakiriye amashikanwa yiwe, ariko aya Gahini ntiyayakiriye. Bivuhako Imana yacu ntishaka ibintu ariko yakira ibivuye kumutima wejejwe kandi uyishimira muvyukuri atarugupfa kuzana gusa. 1 Ngoma 29: 1 & 9 & 12-14 & 20 Mugihe Dawidi yashikanira Imana mungoro yayo ivyo kwubaka ingoro yayo, yashikanye ivyigiciro kinini kandi yabishikanye anezerewe cane, kubw’urukundo yarakunze Imana yiwe no kubw’ishaka yarafise mu mutima wiwe. N’abaganwa n’abami ndetse n’abantu bose baraza bashikanira Imana yabo n’umutima ukunze kandi bose banezerewe kubw’ico gikogwa. Baraheza bahimbaza Imana yabasizemwo uwo mutima. Abo bantu bakunda Imana n’imitima yabo yose. Ni naco gituma ariyo bashize imbere muri vyose. Ishengero rya Kristo ritegerezwa kugira urutonde muvyo bakora vyose. Ariko Imana niyo ibanziriza vyose.

2 Timoteyo 3: 1-5 & 7 Paul yahanuye Timoteyo amubuza kumera ndetse no kwifatanya nabo mugihe c’iherezo, arico turimwo mugihe cubu. Amubwira ko bazoba bikunda, badakunda n’ababo, bakunda amahera, birarira, bitwa ngo bakunda Imana ariko banegura ivyayo, bigishwa ariko badahinduka. Nico gituma dukwiriye kumenya ko ataro Timoteyo wenyene yabwigwa ahubwo, natwebwe ab’iki gihe kugira, ntitube nkabo ariko tumere nk’ishengero rya Kristo ryigishirijwe mukuri rikabohoka koko. Nk’aba Kristo dukeneye kwerekana ukubaho kw’Imana mubuzima bwacu, mu buryo bumwe canke ubundi. Ndetse n’ukubona yuko ivy’Imana yaguhezagije harico biriko birakorera mu bwami bw’ Imana. Ataruko bimeze, haraho utazoba uhagaze neza mukibanza cawe nk’ishengero rya Kristo. Kandi Imana yadusizeho kugirango tube inyishu y’ibibazo biboneka haba murushengero ndetse no hanze, mu miryango, mu gihugu no muri sosiete. Kuko ishengero ry’Imana risobanura ukubaho kw’Imana. Nitwebwe ikoresha bagashima unubasha bwayo n’ubwenge bwayo bakabunona. Imana igahabwa amashimwe yayo. Amen Kandi Amen.

 

 

 

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s