Umugororotsi azobeshwaho n’ukwizera kwiwe: Ubutumwa bwo ku wa 18/11/2017

Umugororotsi azobeshwaho n’ukwizera. Abagalatiya 3 : 11-14

Imana yo mw’ijuru ihabwicubahiro cayo cose, kuko yaduhishuriye ibanga ikatubwira ko ukwizera arikwo gutuma twemegwa n’Imana. Ntakindi twizera atari Uhoraho Imana nyene ijuru n’isi, na Yesu Kristo umwana wayo wikinege. Niwe yaduhaye amasezerano ngo tuyizere. Imbere yuko ivyagezwe biza habanje kubaho amasezerano Imana yasezeraniye Aburahamu ariwe sokuruza wo kwizera. Kandi ivyo yamusezeranije yabibonye  n’uruvyaro rwiwe vyose barabibonye. Ntakindi kintu na kimwe gituma Imana itwemera atarukwizera Imana n’Umwana. Kuko ivyo dukora vyose tubikoreshwa nuko tumwizeye, tukama ivyamwa vyo kwizera. Kuko igihe tugezemwo kirakomeye, kuko harabizera amadini, canke ba Pasitori wabo, canke ibikogwa bakora ndetse n’ibindi…. Ivyo vyose ntibishobora kudukiza no kudukuza canke ngo bidushitse kubugingo no kugutabagwa , kiretse kwizera Imana n’ubushobozi bwayo, hamwe nivyo yadusezeraniye vyonyene. Niyo mushobora vyose kandi itananigwa nikintu na 1. Amasezerano yayo tukayabika mumutima wacu. Aburahamu yahagaze kw’isezerano igihe Imana yamubwira ngwaje gutanga Isaka kugicaniro, ntabwo yaraziko asanga hari intama Imana yamuteguriye.

Abacamanza 7: 1-2 & 5-7 & 12 Imana yabariye Gidiyoni kwadashobora kugumana nigugu ryabantu benshi barikumwe nawe mukuja muntambara, ngo badahava birata ubwinshi bwabo kwaribwo bwabakijije, ariko Imukuriramwo bose hasigara abantu amajana atatu nibo Imana yakoresheje mukugwanya isinzi yabantu bangana n’umusenyi wo kwisesero ry’ikiyaga. Naho nyene bakoze ic’Imana ivuze ntarugamba bagwanye. Itanguriro 19 16- 21 , Kenshi Imana iravuga bagashirahi ivyabo bigombera ngw’Imana ibibakirizemwo, Loti igihe Imana yamukura muri Sodomu ni Gomola, Malayika w’Imana, yamukuyeyo yamubariye ahaja , ariko Loti ntiyavyemeye ahitamwo ahiwe, Imana iramwemerera. Niko kenshi aba Kristo bakora, kuko Imana iravuga ntibizere ngo bahagarare kuc’Imana yavuganye nabo ariko bakinginga Imanabisabira ivyo bishakiye. Imana irareka bikaba, ariko ingaruka yavyo ikaba mbi nkuko vyabaye kuri Loti. Abantu kenshi bicwa n’ubwoba bwivyo babonesha amaso, hakaba gukoresha ibigumbagumba nama sentiment, ndetse bagashira mwo n’ubwenge bw’umubiri, vyongeye bagacika n’intege, akaba arivyo bibuzura, bakibagigwa ic’Imana yavuze mu masezerano. Zaburi 91: 1-16 Iyo twuzuye kwizera kuzima, twibera mubwigobeko bw’isumba vyose nayo ikatugwanirira intambara zose. Zaburi 125: 1-2 Kandi ukwo kwizera nikwo Imana idukomerezamwo ikakutwambikiramwo inkomezi ntihagire na kimwe dutinya kandi tukanabona ukugira neza kw’Imana kuri twebwe.

Ab’I Galatiya 3: 5-5 Iyaduhaye Mpwemu wayo igakorera ibitangaza muri twebwe, ntibikoreshwa nuko dukora ibikogwa ariko ibikoreshwa nuko twumvise tukizera Umwana wayo Yesu Kristo. Kuko abisimiye ukwizera nibo bana ba Aburahamu. Ikigwanishwa gikomeye Satani yateje ishengero n’ukubakuramwo ukwizera intsinzi ya Yesu Kristo n’ubushobozi bwayo, ngo bitege ugukora kwayo. Arabareka ngo basenge, ndetse banisonzenshe, ndetse bakore nibikogwa , ariko ntibashikame mukwizera iyo bamenye ngo babe mu buzima bwo kwirinda. Imana idushoboze gufurura ukwizera nomukukubera maso. Amen

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s