Yesu Kristo yazanywe no kuduhindura, ahageze hose haba impinduka.
Kuva Yesu Kristo avutse habaye impinduka, Herode nab’i Yerusalemu bose bahagaritse umutima. Mugupfa kwiwe habaye uruhagarara mu bami bese, mu baganwa no mubahambaye bose bo murico gihe ndetse n’amasinagogi yose.
Dukwiye kuvuga cane izina rya Yesu Kristo kuko n’umuntu ahindura ibintu. Nikuki Umwami wacu Yesu Kristo yakurikigwa n’isinzi yabantu? Nuko yaje ahindura ibintu, yazanye impinduka mu buzima bw’abantu. Aho yaca hose ubuzima bwarahinduka, ingwara zigakira, abapfuye bakazuka, abafise abadayimoni bakabavamwo, abashonje akabaha ico gufungura. Yagenda atanga imbabazi, abantu bagahabwa ubugingo, ndetse nivyabantu bananiwe akabihindura. Yavuga ijambo abantu bagahinduka , kubwiryo jambo ibitangaza bigakoreka. Yohana 4 : 10-14 28-30
Umusamaliyakazi yarakahebwe n’abantu, yari imaraya igeze kumugabo wa 6 , ariko amaze guhura na Yesu Kristo izina rikomeye kandi rihambaye, yamuvuye iruhande agenda kuvuga ubutumwa bwuko yahuye na Yesu Kristo, yemeza abantu kandi ntiyaragitinya abantu, ahubwo yashaka ko nabo mugisagara bose bamubona. Kuva bahuye na Yesu Kristo bakaganira ubuzima bwiwe bwahindutse uwo mwanya nyene. Uko situation yawe yoba imeze kwose ashobora kuyihindura, kuko nivyapfuye arabizura nivyaboze akabihindura. Kuko ivyagenda arakora nivyo bimushingira intahe. Ivyak. n’Intum. 9 : 3-6 ; Abaroma 12 : 1-2 ; Abanyef. 5 : 2 & 8 -10 yagiye ahindura imyizerere yabantu akabakura mumwijima wumuzitanya , akabashira mumuco wiwe utangaje. Akabaha imitima mishasha, nukwizera gusha, n’imibereho yabo igahinduka. Nico gituma ivyo yahinduye arivyo bigenda bimushingira intahe. Ugenda umenyekanisha Yesu Kristo uhereye kuco yakoze mu buzima bwawe. Akarorero : Moridikayo yanse kwunamira Hamani kuko yarazi neza uwariwe n’Imana y’unamira iyariyo. Nkuko Paul yakoze, Imana utayihaye wese ntushobora guhinduka mu buzima bwawe. Nico gituma dukwiye kuva muri bimwe twagenderamwo tukimukira mu bikogwa vy’umuco. Umusamaliyakazi ntuyasubiye kwinyegeza ahubwo yamobilisa abantu, abemeza Yesu Kristo. Iyo Yesu Kristo yaduhinduye ,ordre na priorite birahinduka.
Yesu Kristo yatumye Mpwemu Yera kumutegurira ishengero. Ngwaryeze azarishikirize
Kristo. None wewe yaguhinduye kugeza hehe?
Ukorana gute na Mpwemu Yera?