Kugwiza imigenderanire yawe n’Imana.
Nkabacunguwe, tukagugwa amaraso y’Umwana w’Imana, dukwiye kuzigama neza agakiza Imana yaduhaye igacishije mu mwana wayo. Kuko nkabaja mw’ijuru agakiza niko katuzigama. Kakaturinda tukakaboneramwo gutabagwa bikomeye, ubugingo bukazorokoka. Yakobo 1: 21-25 ; 1 Pierre 2 : 1-6 ; 1 A b’I Korinto 9: 26-27. A b I Filipi 2: 12-16. Ijambo ry’Imana ridutumirira kugwana urugamba , mukwiyambura ivyaha vyose ningeso mbi zose, tukagendera mw’ijambo ry’Imana twahawe. Kandi tukarishitsa ico ritubwira cose. Niho tuzohabwa umugisha muvyo dukora vyose. Dutegerezwa kugira umwanya wacu n’Imana mugusoma ijambo ry’Imana no mugusenga kenshi. Kuko abarigenderamwo bose bakarishitsa baba ivyamwa vy’ijambo ry’Imana. Mwene Data mubuzima bw’iyi si dutwagwa na vyinshi, umwanya wo gusenga tukawubura, ariho twubakigwa, kandi isi ntizokwigera iduha umwanya ahubwo n’uwarusigaye igerageza ingene iwudutwara kugirango tubure umwanya wo guhura n’Imana yacu. Ariko Umukozi w’Imana Paul yabivuze neza ati ndwanya umubiri wanje nkawuhindura umuja kugirango amaze kwigisha abandi nawe ubwiwe ntaze aboneke atemewe. Ncuti yanje twese niko dukwiriye gukora , tukima imibiri yacu ibiwuhimbara tujamwo canke bidutwara umwanya kugirango turushirizeho kwegera, no gusoma ijambo ry’Imana. Nico gituma umuntu wese akwiye kumenya yuko we ubwiwe Imana imufitiye umugambi mwiza, nico gituma dukwiye kuyiha umwanya ngwitwigishe. 1 Samuel 17: 8-26 & 44-47 Umusavyi w’Imana Dawidi, Imana yamwigishirije mubugaragwa, yabayeyo asoma ijambo ry’Imana, agira umwanya mwiza wo kwigishwa nayo, ndetse agirira umwimenyerezo mubikoko nkindubu n’amabingira vyaza kurya intama zase. Uhoraho akazigabura mumaboko yiwe igihe cose. Agira kwizera Imana bikomeye, amenya neza uwariwe n’ic’Imana iri kuriwe no kubwoko bwayo bw’Abisirayeli n’ububasha bwayo n’ubushobozi bwayo. Niho yahagarara kw’Izina ry’Uhoraho Imana y’ingabo za b’Isirayeli mukwishura Goliyati ariko aratuka kandi acokora ingabo z’Imana nzima. Sauli ningabo nziwe bari barandutse umutima bikomeye, ariko Dawidi kuko yari yuzuye inkomezi akura mw’ijambo, n’amavuta avoma mu masengesho. Yica uwo mu Filistiya w’intakebwa mw’izina ry’Uhoraho. N’Imana yamwiyigishirije yonyene, iramwisigira. Nico gituma dukwiye guha umwanya Imana cane kugirango itwigishirize mwijambo ryayo, twenyene nayo, ukagira ubusabane bukomeye nayo. Iyo uhaye umwanya Imana , ukitaho kumenya ivyayo no kwiyubaka mugakiza kawe, nayo igushitsako amasezerano yawe. Ugira gushikama no kwirinda, ukunguka ubwenge n’ubumenyi bwo muri Mpwemu , ukagira muri wewe gukomera mukwizera Imana no gushira amanga cane. Ntahandi Dawidi yigishirijwe atari mu bugaragwa mu ntama za se. Niho imigenderanire yiwe n’Uhoraho yakomereye. We ntiyarazi icazoba, ariko Imana yo yari yaragiteguye. Nawe mwene Data Satani ntakwibe kuko imigambi y’Imana ari myiza kuri wewe. ariko ukeneye kugwiza urukundo ukunda Imana no kuyirondera , ukayibona uko utari bwayibone. Nivyiza kumenya ingene agakiza kawe gahagaze, nimigenderanire yawe n’Imana ingene imeze.
Icangombwa nukureka Imana akaba ariyo iturongora mugakiza yaduhaye, kugira ntiturongogwe na za kamere kacu nivyiyumviro vyacu. Tukareka akaba ariyo iganza muri twebwe, tukagira ubusabane n’Imana abandi batarimwo.
Ibintu biva mu kureka Imana ngwikwigishe mw’ijambo ryayo no mugusenga :
- Bigwiza intsinzi, kuko birema ukwizera muri wewe, ugaha agaciro Imana muma situation yose.
- Umenya ubugombe bw’Imana ku buzima bwawe , bijanye na situation yose urimwo.
- Urakura mugakiza ukamenya n’amabanga y’Imana kubana bayo.