Kugwiza imigenderanire yawe n’Imana: Ubutumwa bwo ku wa 28/10/2017

Kugwiza imigenderanire yawe n’Imana.

Icambere dukwiye kumenya nuko twebwe abana b’Imana, abakijijwe ko turabigiciro gikomeye imbere y’Imana. Ikintu cose gihabwa igiciro bikwiranye. Natwe twibukeko twaguzwe  amaraso y’umwagazi w’intama w’Imana. Nico gituma turabantu bigiciro cane hano mw’isi ndetse no ku Mana.    Kuvayo 3 : 7-10   &  Itanguriro 19 : 1029.

Igihe ab’Isirayeli batakambira Imana bari mugihugu ca Egiputa, Imana yatumye umusavyi wayo Mose ngwagende abakure mu maboko ya Farao kuko babatwaza ituntu babacunaguza nabi cane bigatuma bagira umubabaro mwinshi cane. Nico catumye batakambira Imana yabo kuko bibuka amasezerano Imana yasezeraniye Aburahamu, Isaka na Yakobo. Bibuka ivyo yayabariye kandi babihagararako mu mubabaro barimwo, bibutsa Imana. Nayo ica ihagurutsa umusavyi wayo kugirango ibarokore. Iraheza irabakiza amaboko ya Farao nabantu biwe.

Muri Sodomu ni Gomola naho nyene bavugije induru nyinshi kubwivyago nivyaha vyinshi vyariyo. Navyo nyene bishika mu matwi y’Uhoraho, nawe aca atuma Abamalayika kuharandura. Ariko umusavyi w’Uhoraho Loti nkuko yabanye na sewabo Aburahamu ntiyavuye ku Mana ya Aburahamu naho yari mugihugu cuzuyemwo ivyaha. Ahubwo vyaramubabaza cane. Yagumanye impwemu yo kwubaha Imana. Nico gituma naho Abamalayika bashitse murico gihugu Loti yarabakiriye abinjiza munzu yiwe arabazimana. Nico catumye abagabo bose n’abasore n’abana bi Sodomu bakondorera kumuryabgo w’inzu yiwe kugirango bagirire abo ba Malayika nabi. Ariko Loti aja kumuryango avugana nabo arugara. Abasaba ngo basi abahe abakobwa biwe basi abe aribo bonona. Vyerekanye urukundo rw’Imana rwari muriwe, no kuyubaha gushikaho yemeye guheba abakobwa biwe. Kubwuwo mutima bamusunikiye hirya ngo babomore urugi kunguvu, baba Malayika bashingura Loti hagati yabo basukamwo uruhunyi babagabo b’Isodomu ni Gomola bose bazerera barondera rwa rugi bararubura.

Bivugako ivyucamwo vyose naho ibibazo vyokwugariza kumpande zose, guma ku Mana yawe. Komeza kwizera ahuri hose naho woba uraho atawe muvugana Ijambo ry’Imana kuko Yesu arahari. Guma mw’ijambo ryiwe rikwubake kandi riguhe inkomezi, uhagarare mukuryizera nomukubona ingene Imana yatabaye abantu bayo no mumasezerano y’abana b’Imana ukayagumako. Ukamenya kw’Imana yawe ata na kimwe inaniwe. Nayo izokwiyereka ugutabara kwayo.

Babamalayika baciye bakura Loti n’umuryango wiwe muri Sodomu bamubwira ngwahunge ntapfe kandi ntarabe inyuma, bamurangira iyaja, ariko kuko turabana b’Imana yaciye abasaba ahwaja kandi naho nyene hari kurimbuka, ariko Imana irabimwemerera irareka ku harimbura bajayo.  Bamaze gushikayo itiburira umuriro uyigiza ivyo bihugu. Nico gituma dukwiye kurondera Imana bikomeye kugirango itwigishe kandi igende iturokora muvyago no mubigeragezo duhura navyo. Sico conyene tuze turonke n’ubugingo buhoraho.

Ntihinduka Nkuko yazanywe no kurokora ubwoko bwayo muri Egiputa nuyu musi niko idutabara. Ariko nkuko yarimbuye Sodomu niko abanyavyaha n’abatubaha Imana bose bazorimbuka, ugutakamba kwabo gucika induru mu matwi y’Uhoraho. Amasengesho y’abana b’Imana nabo ukaba umubabwe umota neza imbere y’Imana. Amen.

 

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s