Kugira urukundo rwa Kristo rusavye mu mitima yacu : ubutumwa bwo ku wa 14/10/2017

Kugira urukundo rwa Kristo rusavye mu mitima yacu.

Iyo dukunda Imana nico gituma agakiza kacu karyoha. Gukunda Yesu nirwo rufunguruzo rw’imigenderanire myiza yacu n’Imana. Kandi n’ikintu gikura kikagwira kuko tumwizeye. Abaroma 5 : 5 

Kugira urukundo rw’Imana muri twebwe nico ca ngombwa mu buzima bwacu ru kristo, kuko abakunda Imana bafise igiciro kinini imbere y’Imana kurusha abayikorera batagira urukundo rw’Imana. Nigwo gwasutswe mu mitima yacu na Mpwemu Yera.

Kuko iyo wuguruye umutima wawe ugatahura urukundo Yesu Kristo yadukunze bituma utagira ibitsitsa muri wewe, nta bupfunya canke intambamyi zikubuza gukorera Imana yawe. 1 A b’ Ikorinto 13: 1-8  & 13. 

Imana irashaka ko tuyikorera dufise urukundo rwa rwayo ruva i bwina mu mutima, niho kuyikorera kwacu kuzana imigisha n’imihezagiro bituma n’abazoba babibona baha Imana icubahiro.

Urukundo rwa Kristo rutarimwo ivyo wokora vyose n’ubusa. Kuko ikunda abayikorera bafise urukundo rwayo muribo kandi bayubashe. 2 Samuel 6 : 13-15 & 21-22 ; 2 Samuel 7: 1-3 & 8-10. Ntituyishimire canke ngo tuyikorere kubera ivyo yadukoreye gusa ahubwo tuyikorere kuko ar’Imana. Ukorera Imana kuko ayikunda kandi ayizeye akayubaha, aba umugisha kubandi ndetse no kugihugu. Nico gituma iyo dufise imbaraga z’urukundo bituma iduha ivyo dusaba ndetse ikaduha nivyo tutasavye ndetse birenze nivyo twiyumvira. Iguha ibirenze nivyusaba bitewe n’imbaraga zikurimwo. Iyubushabazi buri mumuntu bukoreshejwe , uboneka nkudasanzwe kandi usanzwe. Kuko umuntu asnzwe akora ibidasanzwe bitewe nuko yuguruye umutima wiwe mu kwizera Imana. Dawidi yatambiye imbere y’isandugu y’Imana, yiyereka kuko yayikunda cane ayitwaye kumugwa iwe. Sico gusa yifuza no kuyubakira ingoro ariko ntiyabimwemerera, ariko imuha imigisha imuha izina rya rurangiranwa.

Nehemiya 1 : 3-4  ; Nehemiya 2: 1-5 & 20 , Nehemiya yakunda Imana cane, nico gituma yababajwe nuko igihugu Imana yahaye basokuruza biwe cabaye imisaka, ndetse n’amarembo yarwo agaturirwa. Nico catumye asenga Imana , akinginga umwami ngwamurekure aje kuc’ubaka. Ntiyaravye ibibazo ashobora guhura navyo canke kwashobora kuhasiga ubuzima, ariko yari yizeye Imana cane kwirikumwe nawe.

Mumitma yabantu hari inzira y’urukundo zizivye, nico gituma abantu banmenya ukuri bakakurenzako, nico gituma abantu bakora ivyaha, bakikunda gusa, kandi bagasa naho ataco bakibabaye, ataribibahimbara ubwabo bakirengagiza vyinshi vyogirira ikimazi abandi. Abanyefeso 3 : 19-21

Rabako inzira y’urukundo yuguruye muri wewe. Kuko urukundo dukunda Imana ruhagarara kukintu, kandi ico kintu ni mugenzawe, mwene SO, Kuko tutovuga go dukunda Imana tudakunda abantu yaremye , n’ibikogwa vy’Imana vyiyerekanira mukugirira neza bene Data ndetse n’abandi bose kuko aribo Imana iserukiramwo. Amen.

 

 

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s