Yesu Kristo ni we mukwe mwiza.
Muri Kristo Yesu niho hari ivyizigiro bizima. Niho hari ugutabagwa no kubabarigwa, tukahabonera ubushobozi bw’Imana n’ukugira neza kwayo mubitugerageza vyose. 1 Yohana 5: 4-5 ; Abaheb. 12: 2 ; Abanyefeso 1: 20-23.
Ntakintu na 1 kitugerageza kitari muvyo Yesu Kristo yanesheje. Kandi nawe ntamaramazwa no kuba umukwe wacu. Aradutabara kandi akatuzigama iyo tumwizeye. N’umukwe adasuzugura, kandi nawe ntasuzuguritse na gato, kandi ivyakora vyose ashakako tubiha agaciro. Kandi nawe nta n’umwe asuzugura ngwamukengere canke amugaye, kuko umwizera wese akamwambaza nawe aramwitaba.
2 Abami 7 : 3-9 ; 2 Abami 1-2 Umwami wacu Yesu Kristo nta n’1 akengera canke ngwanene, nkuko abana b’abantu babikora. Kandi nta na 1 adatabara abamwambaza bose bamwizeye. Naho abo banyamibembe basa n’abatawe, kuko bari barakumiriwe mub’Isirayeli kubw’ubugwayi bari bafise, bakomeje gusenga Uhoraho Imana yabo bizeye, bareka kwiyanduza ku mutima ngo bagirire ugwanko bene wabo ba b’Isirayeli babakumiriye bakamera nkababataye. Imana yabo yo ntiyabataye Mukwizera kwabo niho Imana yaciye ibashiramwo umutima wo kuja kurondera icobofungura mu Basiriya. Ndetse ibagira n’inzira yo gutabagwa ku bantu bayo bab’Isirayeli. Ishitsa ico yacishije mumuvugishwa n’Imana Elisa ko igiye kubamara inzara yose. Yesu Kristo araturinda akaduha n’inkomezi mubibazo ducamwo, sico gusa akaducira ninzira zo gutabagwa kwacu mu buryo udashobora kwiyumvira canke ngumenye.
Ntuharure imyaka canke ngubone uburemere bw’ikibazo urimwo. Kuko aho Satani arahakorera cane mukukwereka ko bitevye, canke bivemwo, canke erega Imana yawe ntikwumva, canke akagutoza ubwiwe inzira yo gutabagwa mucaha canke mukwigwanirira, ndetse n’ibindi….acishamwo muguca intege abantu. Igikwiriye mwene Data nuko urinda umutima wawe kukintu na 1 igito nikinini, wibuke ibitangaza nivyiza Yesu Kristo yagiye akora mu buzima bwawe, vyose bigutere intege urorere wihanganye , ushikame mu kwizera. Kuko niyo umusi wawe w’ugutabagwa uzira uzokwibagigwa ububabare wagize. Kuko izokwibagiza n’amosozi n’agahinda wagize. Ivyawe bizoza bifise ubudasa n’ibindi kuko wagize ukwizera kwinshi bo nukwihangana gukomeye.
Yeremiya 45 : 5 , Abacamanza 6: 12-17. Amen