Ubwami bw’Imana babunyakurisha ubuhizi: Ubutumwa bwo ku wa 30/09/2017

Ubwami bw’Imana babunyakurisha ubuhizi. 

Igihe kirageze aho Yesu Kristo tumwifuza tukamaramaza naho hari ibitubuza kuja kure mu gakiza no mugukorera Imana. Mariko 10: 46-52 Ikidutera gutakamba turushiriza gusemerera nuko tumukeneye kandi tumwizeye. Iyo mpumyi abantu benshi barayicecekesha bakayizibiza, kuko nabo batari bwatahure neza ibanga rya Kristo. Harageze ko dukunda Imana yacu nishaka ryinshi bimwe abadatahura neza bavyita ubusazi. Tugakubita hasi, tukiyambura ibituzibira vyose kugirango dufatane na Yesu Kristo Umwami wacu akaramata. Benshi bacikishwa intege no mugushiramwo ibiharuro ibintu vyo muri Mpwemu, nivyagakiza. Ahubwo dukwiye kwakira ijambo ry’Imana uko turyigishijwe ata bwenge bw’isi bujemwo, canke ahubwo tukabwakira nkabana bato, arivyo bamwe bita ubusazi. Akarorero: nka Noa naho yagerageje kuvuga ubutumwa cane aburira abantu ibigira bibe, umwuzurira wagira uze, ntihagire umwumvira, ariko we yarakomeje kwubaka ubwato bwo guhungiramwo naho abandi booose batamutahura. Mariko 12: 28-34 Ikintu ukunda kurusha ibindi nico uzokwitangira kurusha ibindi. Kuko tubanje Imana mumutima wacu, tukayiha ikibanza nyamukuru muri twebwe, tuzoyikorera kandi vyose bizoheza bigende neza. Ariko tubanje ibindi, tukabirutisha Imana, iherezo ryavyo bizosenyuka. Kuko Yesu Kristo yadukunze urukundo rutagira akagero nico gituma yatwitangiyekw’incungu ku Musalaba. Suko yarakunze urupfu yagirapfe ahubwo nuko yakunze twebwe. Nico gituma Imana idusaba kugira ishaka ryo kuyikunda tukayirutisha ibindi vyose. Urukundo ukunda Yesu Kristo nigwo rutuma n’ibindi bigenda neza. Ico ushiramwo ishaka canke icuhikibanza kinini mubuzima bwawe nico cerekana ic’umatanye naco. 2 Petero 3: 1-10 ; Itangur 7: 1 & 5 ;  2 Petero 1 : 3-11, Petero yibukije abantu abakangurirakutibagigwa ivyabaye mugihe ca Noa c’umwuzurira watikije isi, abibutsa nivyo mugihe c’iherezo turimwo ingene hazoza abacokoranyi, badakurikiza ivy’Imana ariko bakurikiza ukwifuza kwabo. Ababwira yuko ijuru ryubu n’isi yubu ko yabikiwe ikibengebenge c’umuriro, yukwiryo jambo ryabibikiye kuzosha, birarinzwe gushika kumunsi wo gutikiza kw’abatubaha Imana. Noa yarubashe Imana ndetse agakora nivyo imubwiye vyose. Nico gituma Imana idusaba kuyikunda tukayubaha ikaduhindura mpaka no mungeso. Ntituze tubone urupfu rwa 2. Reka tuzirikigwe kuri Yesu Kristokuko niwe adashobora kuduhemukira. Kuko imbabazi ziwe zizodushikana aho tutoshitse kandi atakindi kintu na 1 cohadushikana. Amen

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s