Twame twibuka Yesu Kristo yazutse mu bapfuye : Ubutumwa bwo ku wa 05/08/2017

TwaTwame twibuka Yesu Kristo yazutse mu bapfuye. 

2 Timoteyo 2: 8

Mubuzima bwo mur’iyi si abantu bibuka vyinshi cane, amatariki abibuta ibintu vyinshi, ivyiza canke ibibi. Ariko ijambo r’Imana ryo ritubwira ngo twame twibuka Yesu Kristo umwe Yadupfira ku Musaraba, akongera akizura mu bapfuye. Kuko Ivyo vyose twibuka birashira kandi bizogira iherezo ariko Umwana w’Imana we azohoraho ibihe nibihe. Niwe isi yaririndiriye ngo habone gutabagwa kwabari mw’isi. Ariwe muco wamahanga. Ibibi twaciyemwo ni vyinshi, ivyaha bitandukanye,  indwara,  ibibazo, ubukene n’intambara zamoko atandukanye n’ibindi.. .. Vyose twabivuyemwo kubwa Yesu Kristo akomoka mu ruvyaro rwa Dawidi. Kristo risobanugwa ngo uwasizwe amavuta bo n’amavuta yiwe. Agakiza no gutabagwa niwe yabiduhaye, nico gituma ijambo ritubwira ngo twame twibuka Yesu Kristo ibihe vyose. NB: Reka uyu musi duhishurigwe Kristo ukundi gusha kuko niwe yageragejwe ariko ntiyacumura kugirango ashobora gutabara no gufasha abageragezwa. Ingoma yiwe ntizokwigera ihera. Uwo umwugururiye vyukuri mu rugo gwawe vyose birahinduka. Abana bananiranye bagahinduka, ubukene bwigize ndanse bugahunga, ivyasobanye bigasobanuka, imiryango yugaye ikuguruka , ivyanse vyose bigakunda kubwizina ryiwe. Ivyak. n’Intum. 16: 6-10 Ni Mpwemu Yera yarungitswe mu bantu abona ingene babayeho nabi, nubwo abantu bo bobonako aramahoro , We abona ukuri, akavuga ukuri. Ba Paul bari bagiye kuvuga ubutumwa ariko Mpwemu Yera ntiyabemerera ko babuvuga. Uwo mugabo w’Imakedoniya aje kubinginga mu ndoto ngo bagende iwabo babatabare Mpwemu w’Imana yarakoze, umugure yitwa Rudiya nabo murugo gwiwe bose barabatizwa barakizwa. Ivyak. n’Int. 16: 14-34 Abantu bariko barabohoka kubw’ubutumwa bwiza nico gituma ukobwa aragura yarimwo Dayimoni yaciye agenda abasemerera inyuma kugirango abantu ntibumve kandi ntibemere kuva mu ndagu ziwe. Nuyu munsi Dayimoni ziracabikora mukubuza abantu kubohoka ndetse nuguhitamwo inzira nziza yagakiza ariko baronkera amahoro kandi bagatabarigwa. Ariko harubushobozi bwa Mpwemu wa Yesu Kristo abantu barakira. Ndetse ushobora guca mububabare bwinshi, muntambara canke nibindi.. kugirango abantu bakire kandi batabagwe. Umurinzi w’ibohero n’urugo gwiwe bakize kubwiminyororo ya Paul na Silas. Uwabohotse vyukuri agira urukundo rwinshi kandi rutaryarya no guca bugufi 15 & 33. Akibuka ugucungugwa kwiwe buri munsi. Nico gituma kubw’ubuntu bw’Imana tubayemwo twahawe ivyagezwe vya Mose n’ivyabavugishwa n’Imana ngo tubikurikize, tuvyumvire kugirango dukizwe duhinduke gose. Luka 16: 19-31 Imana ihezagira abantu kugirango bayikorere, babeho bayihesha icubahiro, nayo ibakize ibabohore, ibahe Mpwemu Yera , baze bayibone. Uwo mutunzi mw’isi yaraziko akomeye cane, ntiyibuka Yesu Kristo, icubahiro c’Imana yari yaracihaye, anezegwa mw’isi ariko iherezo ryiwe riba guteregwa mumuriro utazima. Ariko Yesu Kristo sico atugombako, agombako abatunzi n’abakene babaho bose bubaha umusalaba wiwe, no murupfu rwiwe. Nkuko Razaro yarumukene caane ariko ataha aja kubitugu vya Aburahamu. Yesu Kristo yaje kutubohora ivyotubona nivyo tutabona bituboshe, yaje yambaye umubiri tubohegwamwo kugirango abashe kubohora ababoshwe muburyo bwose. Zaburi 112: 1-4 Uwubaha Uhoraho ahabwa umugisha n’Isumba vyose , uruvyaro rwiwe rugahabwinkomezi, kandukugororoka kwiwe kukamaho ibihe bidashira. Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s