Duhore dushima iteka ryose : Ubutumwa bwo ku wa 12/08/2017

Duhore dushima iteka ryose. 

Imana yaturemye umwana w’umuntu mw’ishusho yayo kandi iturema ngo tuze dutegeke ivyaremwe vyose. Idushiraho ngo tuze duhore tuyishima ibihe vyose.      Zaburi 139: 13-18 Imana mukuturema ntiyigeze yihenda, nico gituma yakuremye ukumeze. Kandi niyo ishiraho ikamenya ingene uryama ningene uvyuka, izi inzira zawe zose. Bimwe woshobora no kubesha uwo murikumwe canke uwundi. Niwe atugose imbere n’intuma akamenya nimigenderere yacu yose. Nta na kimwe twishobije kiretse Imana yonyene. Umusiguzi 3: 1-4 &14 Muriyi si n’Imana igenera ikintu cose igihe caco. Nicagambiriwe mugihe cose kirashika uko yagiteguye. Nukuvuga ibihe vyose yaturemeye yuzobibona. Harigihe co kurira n’igihe cogutwenga, igihe co c’umunezero n’igihe co kubabara, igihe co kuvuka nigihe co gupfa. Bivugako ibihe vyose Imana yaturemeye tuzobicamwo. Ariko menyako Satani kenshi yivanga, tumenyekubaza Imana kwicogihe aricayo canke kwari ica Satani. Nico gituma Imana yaduhaye ubwenge ngo tuyisiguze. Kandi irakubwira nawe ukamenya ingene usenga n’ingene uja ku mavi nayo igaheza igaseruka. Imana ntishobora kwemera ko dupfira muvyaha. Nico gituma ibidukwegera muvyago vyose ishakako tuvyiyambura tukazohabwa rwa rupfu rutariza, ahubwo rutuma dushimira Imana. Nukuvugako imwe yakura Ab’Isirayeli muri Egiputa, natwe ariyo idukura muvyaha no mubituvangira kugirango duhunge ibihe vya Satani. Ibitangaza Imana yakoze muri Egiputa natwe tubibona buri musi, ndetse nigihe inkoni ya Mose ihindutse inzoka, Farao agahamagara abanyamareba biwe nabo bagakora kuno, inkoni ya Mose yaciye izimira zose. Niko nubu Imana iriko iratwiyereka, ariko Satani nawe aca ashiraho ibimira imigambi y’Imana kuri twebwe kuko twagiye muntegenke zivyaha. Reka duhinduke gose kugirango imigambi y’Imana kuri twebwe imire imigambi ya Satani itwiruka inyuma. Ic’Imana ikora cose kizohoraho iteka ryose kandi Imana yakiremye kugirango tuyubahe. Nivyinshi tubonesha amaso yacu ariko Satani akaza akatunangira imitima. Bigatuma tuja mubihe tuguyemwo atari imigambi y’Imana. Ivyak. n’Intum 9: 1-9 Sauli yabayeho mubuzima bwo kugwanya abana b’Imana  kandi ari murusengero rw’Imana, ariko Yesu Aramubonekera, aramubwira ati Sauli Sauli undenganiriza iki? Yesu Ntiyemeye ko Sauli apfira muvyaha, ramuhindura kandi Sauli ahinduka ahindutse. Umuco umukubise mumaso yaciye ahuma. Igihe kigeze arahumuka. Reka dukorere Imana tutabanje guca mubigeragezo canke mu bibazo. Yesu areke kuduhamagara avugango Naka Naka umpigira iki? Reka rero twemere, kuko twemeye vyose birashoboka. Tureke kuva murushengero ngo dutahe tuje muvyaha bitandukanye kandi turabakizwa. Reka tugire imitima iciye bugufi, yubaha Imana muri vyose mugato no mukanini. Turi mubihe vyanyuma, tudashobora kumenya uvuga Yesu w’ukuri n’uvuga Kristo mubitarivyo. Nkuko izina ryacu ryahinduwe reka duhinduke duhindutse. Nkuko Paul yabona akoze ikintu kitariciza agaca akoma induru ati mbonye ishano, akihana vyukuri ababajwe nicaha ciwe. Igihe Yeremiya yerekwa ikibindi umubumvyi ariko arabumba kikamushwanyukira mu maboko agaca akibumba gusha uko ashaka, Imana yamubariye iti mbega kuwo mubumvyi akibumvye uko ashaka jewe sinoshobora kubahindura?? Reka twegere Imana dutandunane ningeso zituma tudahinduka vy’ukuri, kuko benshi aringeso zibakoresha ivyaha. Abaroma 2: 10-11. Imana yacu izokwitura ubwiza, icubahiro n’amahoro umuntu wese akora ivyiza. Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s