Kuba aho Yesu ari. 29/08/2017

Ubutumwa bwo ku wa 29/07/2017

Kuba aho Yesu Kristo ari.

Mugihe twahisemwo agakiza, tukabatizwa, n’ukuvugako twahisemwo kuba aho Yesu Kristo ari. Ariko bakristo bene Data kenshi siko dusanga biri, kuko benshi bashaka kutaba aho Yesu ari, ariko we abasange aho bari, abasange muvyaha vyabo canke munzira zabo banezereregwa. Kuko Yesu Kristo arashaka tuve muvyo turimwo, tumusange mu kwezwa. Kuko we yaje kudukura muvyaha no mungeso n’imirimo ya za  kameremere, tumusange mu kwezwa kwukuri. Iyo mirimo turayisanga mubi Galatiya 6. Uyu mwaka Imana yakomeje kutubwira ngo dushire ivyizigiro vyacu vyose ku Mana, tugendane nayo niho tuzovomana umunezero mu maliba yagakiza kacu. Yohana 5: 5-17 Uwo muntu yaramaze imyaka myinshi arikimuga, ariko Yesu Kristo ahashitse aramukiza. Ntiyamumenye ariko Yesu Kristo we yaramuzi, ndetse nigihe amusanze mu rushengero niho yaca amubwira ngo ntaze yongere gukora icaha atazobona n’ibiruta vyabindi. Bivugako yamubwiye kuguma mu kwezwa. nyakuri ariho haba kurindwa no kugira imigisha. Kuko aho Yesu ari turahakirira, tuharonkera imbabazi nikigongwe, tuhagirira inkomezi ndetse tukanatabagwa. Ukuri kutubamwo kukatugwiriza kwizera. Kandi aratubwira ngo aho azoba niho n’umukozi wiwe azoba. Yohani 12: 26 ;        Yohani 17 : 24 kandi aho Yesu ari tuhabonera ubwiza bwiwe. Uraho Yesu ari ugira umutima uhindutse utaganzwa n’Icaha. Kuko gukizwa nukuva mu caha. Ncuti yanje mwene Data menyako yicaye kuntebe y’imbabazi, ariko ahazozira azogaruka ari umucamanza. Kubana na Yesu nivyo vyingenzi kuko yatuzaniye ubugingo buhoraho, atari kugira irari ry’ivyisi. Mbega hamwe mwahurira uracahari uracabikora? Kuko benshi barondera Imana kubwibibazo canke ingorane. Ahandi bakamurondera kubwinyungu bamushakako zivyo abakorera. Ego nivyo bikwegereje Imana namahoro, ariko mugumeko kuko muriwe harubugingo. yaje ngo tubane nawe tgende twumva ijwi ryiwe, nicadushakako, kuko tutumvise imvugo 1 y’Imana, yo irashobora gukoresha iyindi mvugo kubwurukundo adukunda adashaka ko duhona, kandi yo tuzoyumva. Kuko kenshi abantu baraba abandi, ariko yo ishaka umutima wawe, niwo ishaka kubana nawo. Igihe umuntu agiye gukora icaha we ntibajana, ikikugarukana ahari nukwihana ntakindi. Kandi ntari mwigugu ry’abantu canke mukivunga cabo, nkuko Mariya na Yosefu bibwiyeko arimukivunga cabantu bavuye mu misi mikuru ya Pasika batashe, bamurondeye imisi 3 mumihana yababanyi , ariko bamutoye arikumwe n’intumwa mu rushengero rw’Imana. Kuba kumwe na Yesu ukaba uri mu mwanya wawe n’Imana birahagije, kuko ibindi vyose arabigukorera. Ntabwo twizereye Yesu ivyo turya ariko twamwizereye ubugingo buhoraho. Harabantu bama murushengero ndetse n’imyaka myinshi Yesu Kristo batari kumwe. Kuko barugendamwo biyuzuriye ingeso za kera ndetse bakibera muvyaha bitandukanye bavuga ngo ni abakristo. Birababaje, kuko azobihakana ntakabuza. Reka tugume mumbabazi ziwe. Intambara tugira ubwambere n’umubiri twambaye, ingingo zidukwegera muvyaha, ivyifuzo n’irari ry’ibintu. Akar. Dawidi yabonye muka Uliya aramwifuza aryamana nawe. Icamutabaye nuko yaciye bugufi akihana. Ijisho rikwereka vyinshi rikagukwegerayo, ugutwi kukumva vyinshi kukagukwegerayo. Umukizwa abasha gutegeka ingingo ziwe n’umubiri wiwe ningeso zigahinduka niwe abana na Yesu kandi uwo azobasha gushika. Imana irashaka ko duca bugufi ata bindi vyiriwe biraducisha bugufi. Kuko umutima ukunze Imana utahura ukuri. Ukakubamwo. Kandi nabatubona ataco umuntu yiyiwe avuga bashima agakiza Imana itanga. Tureke agakiza kavanze, kuko ntigashobora gukomera muvyo umuntu ahura navyo bimutesha inzira ija mwijuru. Abatwitangiye imbere igituma bakomera mugakiza naho bahura nibigeragezo bikomeye nuko bativanga mugakiza kabo baguma muri Kristo Yesu. Igituma abantu baneshwa nuko bava aho Yesu ari. Mw’isi ntagisubizo kihari, ariko muri Yesu vyose birashoboka. Amen Kandi Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s