Uhoraho abwira abantu biwe ngo Ntimutinye 22/07/2017

Ubutumwa bwo ku wa 22 07 2017

Uhoraho abwira abantu biwe ngo Ntimutinye. 

Haribintu Imana yo mw’ijuru ikorera abayubaha mu mpande zose, kandi aribo vyabona vyiwe. Yesaya 43: 1-21. Uhoraho aravugango yarakumenye, kandi kandi yaguhamagaye mwizina uruwiwe. Araguhumuriza ngo Ntutinye kuko ari kumwe nawe, Ntukihebure kuko yagucunguye. Kuko wabaye uwigicoro kinini mu nyonga ziwe, n’umwubahwa nawe akagukunda. Arakubwira ngo ntutinye kuko arikumwe nawe. 1 A b’I Korinto 9: 1 Nico gituma Paul yatura adatinya kwaruwidegemvya. Kandi ar’intumwa. Kandi ko yabonye Yesu Kristo Umwami wacu. Uhoraho aradukomeza mukutwibutsa ivyo yadukoreye twiboneye n’amaso yacu ko ata yindi Mana ihwanye nawe. Ic’Imana yadukoreye nivyo tubona uyu munsi nivyo bibanza kutubera inyishu yivyo ukeneye canke wifuza. Kuko tuba dufise intahe muri twebwe yerekana gukomera kw’Imana yacu n’imbabazi ziwe bajanye ningene arihambaye mu bushobozi, ata kiyinanira canke ngo kiyirengere. Kandi ariyo izi ibidukwiriye. Izi ibiduhesha umugisha ikamenya n’inzira ibicishamwo mukubishikira niyo iducira inzira. Nico gituma dutegerezwa kumenya ko hari umugisha ugendana n’abubaha Imana, bakagendera munzira zayo zose. Abantu bahisemwo kwubaha Imana ivyabo ntawubigoboza. 1 Samweli 2: 30 Abubaha Imana nabo irabubaha!! Harimwo ibintu bidaharurika. Yosuwa 14: 6-14 Kuko Kalebu yavuze inkuru y’Ikanani adacishije kuruhande, akagendana n’Uhoraho muri vyose. Nayo munyaka 85 yeguriwe igisagara umusavyi w’Imana Mose yamubariye.

Iy’isi tubamwo yarononekaye ndetse n’abayibamwo barononekaye. Ariko har’abantu bahisemwo kwubaha Imana naho vyobasaba ikiguzi, kuko bazi amahitamwo bagize, kw’arubwoko bw’Imana, bwashiriweho kugirango bagende barerekana imirimo itangaje Imana ikora. Abacamanza 6: 12-14. Gidiyoni yarafise ubwoba n’umwiheburo mwinshi ariko ntiyaraziko inzira yo gutabagwa kwabo ariwe Uhoraho azoyicishamwo. Kuko yubaha Imana, yasekura ingano mu kuzimu ayiganyira, kandi ayibutsa. Kuko abandi bari barahindukiriye ibigigwamana ndetse no kwa se. Imana irashaka ko tuba muriy’isi tuyubaha, nayo ikatwerekanirako gukomera kwayo no gukora kwayo, kuko turab’Imana kandi tubaye mw’isi. Kuvayo 33: 16-17Ukugira neza kwayo kuba kubantu bayo.

Hari ibintu 2 biba kuwahisemwo kwubaha Imana:

  • Kurenganwa : 2 Tim. 3: 12 Abagomba kugenda bubaha Imana bose bazohamwa.
  • Umugisha  : Gusub. Vyag. 28: 9-10 Aravugako imihezagiro yasezeraniye abitondera ivyagezwe vyose azobibashitsako. Kandi kwamahanga yose yo kw’isi azobona ko twitirigwa izina ry’Uhoraho akadutinya. Menya nezako ivy’isi igushakako atarivyo Imana yo mw’ijuru igushakako. Nico gituma haraho wankwa, ukababazwa, ukaja no mw’ibohero , ugatukwa, ukirukanwa ndetse n’ibindi ….. Ariko arakubwira ngo Ntutinye . Kuko Imana yacu nta na 1 yibagira abayo, ahubwo nivyo vyose ducamwo idushira mumuco wayo utangaje. NB: Turi ibicapo vyo kwerekana ibimenyetso vy’Imana mu buzima bwacu. Ivyiza vy’Imana vyose bazobibona mu buzima bwawe. Kuko yadutoranirije kwerekana ubwiza bwayo. 1 A b’I Korinto 2 : 9-10  Nico gituma akubwira ngo Ntutinye kuko yarakumenye izina uruwiwe. Ivyuriko uracamwo nivyuriko urahura navyo ntaho bihuriye nivyo igiye kugukorera kandi izogutabara muri vyose. Amen
This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s