Ubutumwa bwo ku wa 15.07.17
Twiyegurire Imana kandi turondere munyonga zayo.
Imana iradukunda cane kandi irashaka ko natwe tuyikundisha umutima wacu wose ata buryarya. Zaburi 27: 8-9 Uhoraho yavuzengo nimurondere munyonga zanje, Dawindi aramwishura ati munyonga zawe ndaharondera Uhoraho. Yinginga Imana ngo ntimuhishe munyonga hayo. Uko twegera Imana n’umutima wacu wose twejejwe niko itwereka ubwiza bwayo. Kuko icaha nico kitubuza kubona munyonga zayo. Nkuko yabivuze iti ukuboko kwanje si kugufi ngo kunanigwe gukora ariko ivyaha vyanyu nivyo vyababujije kubona munyonga zanje. Turi ihanga ryatoranijwe ngo tugendane n’Imana kandi nayo ibe hagati muri twebwe. Nahacu ho kuba maso igihe cose kugirango dukomeze kugendana nayo, kuko haraho usanga twitwa ngo turiko tugendana nayo ariko tutari kumwe . Ariko ubuntu bwayo bukatubako, mugabo ikaguhisha munyonga zayo. Kuvayo 33: 1-3 Imana yabwiye umusavyi wayo Mose ngwatware ubwoko bwayo yakuye muri Egiputa abujane mu gihugu yasezeraniye ba sekuruza. Yabemereye kubaha Umumarayika agendana nabo. Abemerere kucirukanamwo abasanzwe bakibamwo: Abanyakanana, Abaheti, … . Ibemerera kubaha igihugu gitemba amata n’ubuki . Ariko yanka kujana nabo. Imana irazigama ubwoko bwayo kandi n’ubuntu bwayo no kugira neza kwayo kukababako, bakabona babayeho neza ndetse n’imigisha bakayibona ariko vy’ukuri Imana itarikumwe nabo, yabahishije munyonga zayo. Icatumye Imana yanka kugendana nabo nuko aho Mose yaduga kumusozi guhura na Yo akamara imisi 40 , amaze guteba yasanze baravuye ku Mana Rurema yabakuye mugihugu ca Egiputa, babwira Aron ngo abacurire ikigigwamana. Kuvayo 32: 1-6 . Kugirango Imana igutoranye nuko ikibonako umutima uyikunze kandi uyizeye, ukitandukanya n’icaha cose. Uwo mutima niwo ubona Imana kandi niwo ushikama. Aron yemeye gucurira ikigigwamana Abisirayeli, siwe yahamagawe hahamagawe Mose. Nkuko na Dawidi Imana yamutoranije kuko yarafise umutima ukunda Imana. Kandi nubuntu twese dushobora kugirigwa twuguruye imitima yacu vy’ukuri.
Mwene Data mbe iyo Imana wizeye itebeje gushitsa amasezerano canke ico uyisaba mbega ntahabaho kureka kwizera ivyo utarabona ugahindukirira bimwe ubonesha amaso akaba arivyo ushirako umutima ? Aho kuwugumiza ku Mana kuko naho niyo ishobora vyose naho itevya isezerana irarishitsa. Ukwo guhindukirira ibigigwamana ni kurya usanga umuntu ashize umutima ku bintu cane, ndetse n’amasengesho ukuyatumbereza ku bintu cane kuko niho umutima awe uba uri, s’urukundo ukunda Imana. Nivyo vya bintu Imana irabiguha ariko kubw’ubuntu bwayo, ariko ikaguhisha munyonga zayo. Kandi vyabintu ubironse uratazira Imana ugashima bikomeye. Kuvayo 32 : 15-20. Hariho gushima ushize umutima ku bintu canke ushize umutima kububasha n’ubushobozi bw’Uhoraho. Imana itubwirango turondere ubwami bw’Imana ibisigaye biradukurikira. Kandi iti nkunda abankunda kandi abandondera ubudahumeka bazombona. Mugihe umutima wawe waweguriye kurondera munyonga z’Imana ibintu ibiguhera ubuntu. Ba Daniyeli, Shadulaka , Meshaki na Abedunego beguriwe gutwara igihugu kuko barondeye Imana. Yesu Kristo niwe citegererezo cacu. Niwe adushikana ku Mana canke kukunywana nayo. Paul kugiraarushirizeho kuronka Kristo, yahevye ibintu vyose avyiyumvirako arubuhombe kuriwe, arishano. Ab’I Filipi 3: 7-12 Turashaka kugendana n’Imana no kuyiyegurira gose, niho tubona munyonga zayo. Dusenge Imana tuyisabe idushoboze kuyiyegurira gose, idukuremwo inkamba n’ibigigwamana bitubuza kuyegera ngo tubone munyonga zayo. Kuvayo 33: 4-6 Imana yabwiye Abisirayeli ngo biyambure utugenegene twabo kandi barabikoze iraheza irabahangaza. Amen. Kwumvira kuruta ibimazi vyoshejwe. Amen.