Raba kwubaha Uhoraho nibwo bwenge kandi kuva mu vyaha nikwo gutahura: 08/07/2017

Ubutumwa  bwo ku wa 08.07.2017

Raba kwubaha Uhoraho nibwo bwenge kandi kuva mu vyaha nikwo gutahura.

Iy’umuntu yubaha Imana, abana nayo kandi ukagendana nayo. Uba umwizigigwa, kandi ukagira ikiganza ciza muvyo ukora vyose; ndetse ugakundwa n’Imana n’abantu. Itanguriro 39: 2-6 Yosefu yahaye Imana umutima wiwe wose, arawukiza, arawukomeza, kandi araweza gose. Yabana nawe , mubibazo vyose yaciyemwo ntaho yigeze yiyanduza ngwahebe Imana yiwe. Izo ngorane zose yaciyemwo kuko yubaha Imana n’umutima wiwe wose, yamuhaye ubwenge bwo kwirinda, ibana nawe, ico babona kwari ingorane zikomeye kuriwe yaba inzira yo kuduzwa mumigisha no mucubahiro. Kuko yubaha Imana yamenye, agatinya kuyicumurako kuko yayikunda n’umutima wiwe wose. Harigihe ibibazo ducamwo bitaba ingorane ahubwo ziba inzira zo gusubizwa no gutabagwa. Yesu Kristo nawe yaciye mu rupfu rwo ku musalaba, aharonkera ugucungura kwibihe bidashira. Yobu 1: 1-10 Imigenderanire canke ubucuti ufitaniye n’Imana Satani arayizi, uburinzi Imana igufiseko irabuzi, nico gituma ikora uko ishoboye kugirango igukure murivyo. Nkuko umusavyi w’Uhoraho yobu nawe yamugerageje, ariko Yobu we yarumugororotsi , yubaha Imana yiwe, akirinda ikibi. Yobu 27: 3-6 ;  Yobu 28: 12-13. Igikenewe nukugira ijambo muri wewe, ugatahura ivyo, ukaba maso, ukagwiza kwubaha Imana, no kwirinda ngo ntuve mu masezerano canke mu migenderanire yawe n’Imana. Daniyeli 2: 46-49 Daniyeli yahisemwo kuguma i bwami hako aja gutwara igihugu muri Babuloni, kuko yagomvye kwirinda no gucabugufi asengera i Bwami, yanka icubahiro c’isi. Ba Daniyeli, Yosefu na Yobu bari baranywanye n’Imana, bari bafise ijambo ryabubatse ribatuma haba igitinyiro c’Imana muribo bayubaha muri vyose. Nkuko Pahoro yavuze ati mwame mwiyubaka imisi yose. Ni twebwe twiyubaka dukoresheje ijambo. Iyo wubaha Imana icukora cose utegerezwa guhagarara kwijambo. Nivyo ucamwo vyose guma kw’ijambo niryo rizogukomeza kandi bigatuma ugira ubwenge ukirinda ikibi cose. Yohana 6: 33-35 Amen

Advertisements
This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s