Kugira ubusabane n’Imana 01.07.2017

Ubutumwa bwa 01.07.2017
Kugira ubusabane n’Imana
Imana yacu niyo bwugamo, niyo buhungiro kandi niyo buzima bwacu bwose, ni twagomba kuba aba Kristo batunganiwe. Kuko wewe nanje tuzi ico turi ku Mana nico iri kuri twebwe. Ici idushakako n’ukwezwa kwacu, tukagendera mu bushake bwayo, tugororoka, turongogwa na Mpwemu wayo. Nayo ikatubwirango nigiki kizodutandukanya n’urukundo rwayo?? Abaroma 8: 35-37 & 14-17 Umutima warokotse kandi wabohotse utahura ivyo. Kuko umaze kumenyako urumwana w’Imana vyukuri, biraguhimbara ukavuga uti mbega notanga iki nkishimwe ryawe Mana? Ntakindi mwene Data, ataruko uvuga uti ndaguhaye umutima wanje? Utanze umutima ushitsa ic’Imana yahumetse cose. Kuko ico kindi wiyumvira kitavuye mu bushake bw’Imana haraho gishobora kuba kivuye kuri Satani, nawe yaje gusambura, kwiba no kugeseza,…. . Ariko Yesu Kristo we yaje kuguha ubugingo n’umugisha ngubironke bisangutse. Ibanga Imana yaduhaye n’agakiza gashitse ko kumusalaba, guhinduka burundu, ufise umugisha ukomeye wo mu mutima, kuko wahinduriwe amateka, ukagira umutimamushasha utagihimbagwa nivy’isi. Umutima ukunda Imana, ukayubaha, ugashakako Yesu Kristo yamamara mwisi yose, izina ryiwe rigashigwa hejuru. Umutima mushasha ni revolution, una detecta uvuze ivyiza canke uvuze ibitarivyo (bibi) . Umutima mushasha niwo utuma tugira (communion) ubunywane n’Imana. Umenyana n’Imana neza Yesu Kristo akakubera umukunzi mwiza. Ugira imigenderanire myiza n’Imana , ubusabane n’Imana atawubanje kugusunika. Wewe na Yesu Kristo mukaba 1 koko. Yesaya 28: 5-6 Izina rya Yesu Kristo rikakubera ikidodo ntabanduka uteza i cachet kuco uvuze canke kuco usengeye kandi bikagenda uko wabivuze kuko ririmwo icemezo kidahindugwa. Yohana 14: 13-14 ; Yohana 15: 7-8 . Mugihe ufise ubunywane na Yesu Kristo umutima wawe wama uri mwikanguro, ugategeka umwansi kandi ukaremesha abandi uti ntimutinye. Ufise communion n’Imana ntavyaha ujamwo kuko ubuzi ico wavuganye n’Imana. Ukora ibihesha ingoro y’Imana umugisha, ugasabira ivyiza bene So. Akarorero : Ba Moridikayo, na ba Yosefu.
Umutima wawe nuwa Yesu Kristo uba umwe, kuko wewe na Kristo muri umwe. Aho niho akubera ubugingo n’umugisha ukomeye, kuko muri wewe nta mugabane Satani ahafise. Ntufata igihe kirekire co gusenga igihe cose, kuko muma circonstance amwamwe, ukoresha ububasha yaguhaye. Elisa abwira Namani ngo Genda widubike muri Yorodani ibihetangabo 7. Aburahamu asabira Sodomu na Gomola abwira Imana igitigiri cabantu yobonamwo ikabababarira. Ndetse n’abandi bana b’Imana benshi baganira nayo, bakoresheje imugenderanira bafitanye n’Imana. Ncuti yanje natwe turabikeneye kugira ubusabane bwiza n’Imana aho turi hose. Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s