Samedi le 06/05/2017
Urukundo rw’Imana ruturiko.
Yesu Kristo yaje kuduhishurira ukuri kwabariko baraja mw’ijuru. Nico gituma dukwiye kumenya nezako umunsi wa Yesu Kristo wegereje kuruta uko tuvyibaza. Ariko menyako umuntu wese uri mungoro y’Imana , hari ikibanza uriko urategurigwa mw’ijuru, kandi umuryango uruguruye kubwawe.
NB. Umenye neza mwene Data ibiriko bigenda bishira birihuta cane, bigatwara abana b’Imana inkomezi, imitima n’ubwenge bwabo bwose. Ariko ku bizera ijambo ry’Umusalaba wa Kristo niryo ridutandukanya n’ivy’isi. 2 Abami 5: 1-19 . Naho Namani Imana yamuha inganji igatuma Abisiriya banesha mu ntambara zose, ariko yar’umunyamibembe. Umwami w’Abisirayeli Namani yarungitsweko nta na 1 yashoboye kumufasha ahubwo we vyamuteye ubwoba yitantamurirako impuzu ziwe. Ariko umuntu w’Imana Elisa amutumyeko gwaje iyari. Namani ahagarara imbere y’umuryango w’inzu ya Elisa, uwo muntu w’Imana aca amutumako ngwagende yiyuhagire muri Yorodani ibihetangabo 7. Ariko Namani araraka cane, avuga amajambo atari meza, arivumbura aragenda. Bageze munzira abanyu biwe Imana ibacamwo irabakoresha bamuhanura kwumvira ngwakore ico wa muntu w’Imana yamubwiye. Kuri Namani imibembe niyo yaseruka inyuma gusa, ariko umutima wiwe warimwo amanyama, ubwibone, kudaca bugufi, kutumvira, ndetse nibindi…. Ariko uwamurabisha amaso yabona gusa ubugwayi bwiyo mibembe. Nico gituma Yesu Kristo yaje kudukiza ubugwayi bwo mumutima, imbabazi ziwe zigakuraho ubuhumane buri ku mibiri yacu. Arinaco gituma Namani amaze kwumvira, agakora ic’Umuvugishwa n’Imana yamubwiye akiyuhagira muri Yorodani ibihetangabo 7. Yaciye akira imibembe yiwe, agira umubiri nk’uwumwana muto, arahumanuka. *Iyo twumviye Imana tgaca bugufi , tugakora icitubwira, hariho ubuhumane butuvako, bwaba ububoneka canke ubutaboneka ku maso y’abantu. * Icari kibujije Namani guhumanuka nizo mbuto za Satani. Kandi mwene Data waramaze kumenya Kristo, ariko izo mbuto za Satani nizo nubu ziboshe abantu b’Imana benshi. NB. Menya nezako uwakijijwe vy’ukuri , ntanyota y’ivy’isi itubamwo, iyo twatahuye neza ukuri kw’ijambo ry’Imana nico umusalaba waje kutubohora. Nkuko Namani yarukomeye mub’Isiriya, yari yazanye ingemu nyinshi zamazahabu, amafeza n’imyambaro. Ariko umuntu w’Imana yaramubwiye ati ndakurahiye uguhoraho kw’Uhoraho Imana nsavye kwata kintu na 1 cawe nakira. Amen. Mwene Data hariho ivyete bisomeka.
Ariko umukozi wiwe Gehazi yagize irari ry’ivy’isi, yiruka kwaka Namani bimwe muvyo yarazaniye Shebuja akoresheje ububeshi. Nawe aramuha ivyo amusavye ndetse amuha n’ababimutwaza. Ariko umuntu w’Imana aba yabihishuriwe, ya mibembe ya Namani isubira kuri Gehazi. Birababaje cane kuko harivyo twakira bagatera abantu guhumana. Kuko Urukundo rw’Imana rudukiza nta na gato turugura. Natwe abakozi b’Imana, twabironkeye ubusa, tubitangire ubusa. NB Dutegerezwa kwirinda no gukorera Imana mu Mpwemu no mu Kuri. Ico Elisa yakoze cigishije cane Namani, bituma ahubwo asaba ivu ryo mugihugu ca Isirayeli , gwaje kurishira aho azokwama yosereza ibimazi Uhoraho kuko yarabonye yukwatayindi Mana iriho ishobora gukiza atari mu b’Isirayeli yonyene. Amen
Matayo 22: 34-40 Mariko 12: 28-34 Yesu kuri yaje kutumenyesha ukuri kugirango tubeho neza mu Rukundo rw’Imana. Kuko gukunda Imana niho harimwo gutahura ijambo ry’Imana. Ninakwo kudushingira intahe ko turabana b’Imana vy’ukuri; no gukunda bagenzi bacu nkuko twikunda. Kuko Mur’iy’isi abantu bagenda bakuza ukwikunda kurugezo rwo hejuru. Ariko Yesu Kristo yaravyerekanye mu mubabaro mwinshi yaciyemwo i Getsemani, aho yasengana umubabaro. Yariko yigura bene Se, aribo wewe nanje. Yaciye murubwo bubabare kugirango wewe nanje tubeho mubuzima bwo kwezwa buri muri Kristo Yesu. 1Ngoma 4: 9-10. Iyo urondeye Imana, igukurako izina ribi bakwise, ikagushirako ikiganza ciza ukagira umugisha, ivyawe vyose bigahinduka. Yabesi nyina yarimwise kuko yamushikanye bimugoye ariko izina riramukurikira aba mugahinda gakomeye kuko iryo zina risobanugwa ngo Gahinda. Ariko Amaze kurondera Imana, akayisenga ayisaba ngo imwagurire imbago igende imuramira, imuhe umugisha . Imana yahinduye ubuzima bwiwe yumva gusenga kwa Yabesi. Arusha icubahiri bene nyina. 2 Ngoma 18: 3-7 Hezekiya yakuyeho ibitabo vyose vyo kumpinga z’imisozi , yizigira Uhoraho Imana yiwe yifatanya nayo akaramata, yitondera ivyagezwe Imana yahaye Mose umusavyi wayo. Agira ikiganza ciza c’Imana muvyo yakora vyose. Imana yo mw’ijuru yaradukunze, irashaka ko natwe tuyikundisha imitima yacu Yose n’ubugingo bwacu bwose, n’inkomezi zacu zose n’ubwenge bwacu bwose kugirango . Niho tuzotahura urupfu rw’Umwana wayo, tukiyambura ibiduhumanya. Tukamana kwezwa nka Yosefu, Daniel … Ikiganza ciza c’Imana kikatubako. Amen.
-
Recent Posts
Archives
- November 2021
- October 2021
- September 2021
- August 2021
- April 2021
- March 2021
- February 2021
- January 2021
- December 2020
- November 2020
- October 2020
- September 2020
- August 2020
- July 2020
- June 2020
- May 2020
- April 2020
- March 2020
- February 2020
- January 2020
- December 2019
- November 2019
- October 2019
- September 2019
- August 2019
- July 2019
- June 2019
- May 2019
- April 2019
- March 2019
- February 2019
- January 2019
- December 2018
- November 2018
- October 2018
- September 2018
- August 2018
- July 2018
- June 2018
- May 2018
- April 2018
- March 2018
- February 2018
- January 2018
- December 2017
- November 2017
- October 2017
- September 2017
- August 2017
- July 2017
- June 2017
- April 2017
- March 2017
- February 2017
- January 2017
- December 2016
- November 2016
- October 2016
- September 2016
- August 2016
- July 2016
- June 2016
- May 2016
- April 2016
- March 2016
- February 2016
- January 2016
- December 2015
- November 2015
- October 2015
- September 2015
- August 2015
- July 2015
- June 2015
- May 2015
- April 2015
- March 2015
- February 2015
- January 2015
- December 2014
- November 2014
- October 2014
- September 2014
- August 2014
- July 2014
- June 2014
- May 2014
- April 2014
- March 2014
- February 2014
- January 2014
- December 2013
- November 2013
- October 2013
- September 2013
- August 2013
- July 2013
- June 2013
- May 2013
- April 2013
- March 2013
- February 2013
- January 2013
Categories