Urukundo rw’Imana ruturiko 06.05.2017

Samedi le 06/05/2017
Urukundo rw’Imana ruturiko.
Yesu Kristo yaje kuduhishurira ukuri kwabariko baraja mw’ijuru. Nico gituma dukwiye kumenya nezako umunsi wa Yesu Kristo wegereje kuruta uko tuvyibaza. Ariko menyako umuntu wese uri mungoro y’Imana , hari ikibanza uriko urategurigwa mw’ijuru, kandi umuryango uruguruye kubwawe.
NB. Umenye neza mwene Data ibiriko bigenda bishira birihuta cane, bigatwara abana b’Imana inkomezi, imitima n’ubwenge bwabo bwose. Ariko ku bizera ijambo ry’Umusalaba wa Kristo niryo ridutandukanya n’ivy’isi. 2 Abami 5: 1-19 . Naho Namani Imana yamuha inganji igatuma Abisiriya banesha mu ntambara zose, ariko yar’umunyamibembe. Umwami w’Abisirayeli Namani yarungitsweko nta na 1 yashoboye kumufasha ahubwo we vyamuteye ubwoba yitantamurirako impuzu ziwe. Ariko umuntu w’Imana Elisa amutumyeko gwaje iyari. Namani ahagarara imbere y’umuryango w’inzu ya Elisa, uwo muntu w’Imana aca amutumako ngwagende yiyuhagire muri Yorodani ibihetangabo 7. Ariko Namani araraka cane, avuga amajambo atari meza, arivumbura aragenda. Bageze munzira abanyu biwe Imana ibacamwo irabakoresha bamuhanura kwumvira ngwakore ico wa muntu w’Imana yamubwiye. Kuri Namani imibembe niyo yaseruka inyuma gusa, ariko umutima wiwe warimwo amanyama, ubwibone, kudaca bugufi, kutumvira, ndetse nibindi…. Ariko uwamurabisha amaso yabona gusa ubugwayi bwiyo mibembe. Nico gituma Yesu Kristo yaje kudukiza ubugwayi bwo mumutima, imbabazi ziwe zigakuraho ubuhumane buri ku mibiri yacu. Arinaco gituma Namani amaze kwumvira, agakora ic’Umuvugishwa n’Imana yamubwiye akiyuhagira muri Yorodani ibihetangabo 7. Yaciye akira imibembe yiwe, agira umubiri nk’uwumwana muto, arahumanuka. *Iyo twumviye Imana tgaca bugufi , tugakora icitubwira, hariho ubuhumane butuvako, bwaba ububoneka canke ubutaboneka ku maso y’abantu. * Icari kibujije Namani guhumanuka nizo mbuto za Satani. Kandi mwene Data waramaze kumenya Kristo, ariko izo mbuto za Satani nizo nubu ziboshe abantu b’Imana benshi. NB. Menya nezako uwakijijwe vy’ukuri , ntanyota y’ivy’isi itubamwo, iyo twatahuye neza ukuri kw’ijambo ry’Imana nico umusalaba waje kutubohora. Nkuko Namani yarukomeye mub’Isiriya, yari yazanye ingemu nyinshi zamazahabu, amafeza n’imyambaro. Ariko umuntu w’Imana yaramubwiye ati ndakurahiye uguhoraho kw’Uhoraho Imana nsavye kwata kintu na 1 cawe nakira. Amen. Mwene Data hariho ivyete bisomeka.
Ariko umukozi wiwe Gehazi yagize irari ry’ivy’isi, yiruka kwaka Namani bimwe muvyo yarazaniye Shebuja akoresheje ububeshi. Nawe aramuha ivyo amusavye ndetse amuha n’ababimutwaza. Ariko umuntu w’Imana aba yabihishuriwe, ya mibembe ya Namani isubira kuri Gehazi. Birababaje cane kuko harivyo twakira bagatera abantu guhumana. Kuko Urukundo rw’Imana rudukiza nta na gato turugura. Natwe abakozi b’Imana, twabironkeye ubusa, tubitangire ubusa. NB Dutegerezwa kwirinda no gukorera Imana mu Mpwemu no mu Kuri. Ico Elisa yakoze cigishije cane Namani, bituma ahubwo asaba ivu ryo mugihugu ca Isirayeli , gwaje kurishira aho azokwama yosereza ibimazi Uhoraho kuko yarabonye yukwatayindi Mana iriho ishobora gukiza atari mu b’Isirayeli yonyene. Amen
Matayo 22: 34-40 Mariko 12: 28-34 Yesu kuri yaje kutumenyesha ukuri kugirango tubeho neza mu Rukundo rw’Imana. Kuko gukunda Imana niho harimwo gutahura ijambo ry’Imana. Ninakwo kudushingira intahe ko turabana b’Imana vy’ukuri; no gukunda bagenzi bacu nkuko twikunda. Kuko Mur’iy’isi abantu bagenda bakuza ukwikunda kurugezo rwo hejuru. Ariko Yesu Kristo yaravyerekanye mu mubabaro mwinshi yaciyemwo i Getsemani, aho yasengana umubabaro. Yariko yigura bene Se, aribo wewe nanje. Yaciye murubwo bubabare kugirango wewe nanje tubeho mubuzima bwo kwezwa buri muri Kristo Yesu. 1Ngoma 4: 9-10. Iyo urondeye Imana, igukurako izina ribi bakwise, ikagushirako ikiganza ciza ukagira umugisha, ivyawe vyose bigahinduka. Yabesi nyina yarimwise kuko yamushikanye bimugoye ariko izina riramukurikira aba mugahinda gakomeye kuko iryo zina risobanugwa ngo Gahinda. Ariko Amaze kurondera Imana, akayisenga ayisaba ngo imwagurire imbago igende imuramira, imuhe umugisha . Imana yahinduye ubuzima bwiwe yumva gusenga kwa Yabesi. Arusha icubahiri bene nyina. 2 Ngoma 18: 3-7 Hezekiya yakuyeho ibitabo vyose vyo kumpinga z’imisozi , yizigira Uhoraho Imana yiwe yifatanya nayo akaramata, yitondera ivyagezwe Imana yahaye Mose umusavyi wayo. Agira ikiganza ciza c’Imana muvyo yakora vyose. Imana yo mw’ijuru yaradukunze, irashaka ko natwe tuyikundisha imitima yacu Yose n’ubugingo bwacu bwose, n’inkomezi zacu zose n’ubwenge bwacu bwose kugirango . Niho tuzotahura urupfu rw’Umwana wayo, tukiyambura ibiduhumanya. Tukamana kwezwa nka Yosefu, Daniel … Ikiganza ciza c’Imana kikatubako. Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s