Ubutumwa bwa 13.05.2017
Urukundo rw’Imana ruri ku bantu bayo
Dufise Imana itwitayeho muri vyose nico gituma dutegerezwa kwitegura kugendana n’Imana mugihe gishasha c’ubuzima bwacu. Tukamenyako muriy’isi tubaho mu buzima bwo kunigana n’icaha. Icaha ni 1 mubintu bidukurako ubuntu bw’Imana, canke kikatwambura tugacika abantu batakaje iteka ryabo canke icubahiro cabo. Ariko dushoboye kunesha icaha Imana iturindisha Abamalayika bayo mubitugerageza. Nico gituma Imana yaduhaye Yesu Kristo ngwatwuhagire imyanda yose aheze atwambike ubwiza bwiwe. (Ariwo mwambaro musha: Amaraso yiwe). Luka 15: 17-24 Uwo mwana yacumuye kuyo mw’ijuru nokuri se. Ariko ivyo yatwaye vyose vyamuheranye, amaze kwononekara yarabuze icadya asigaye asangira n’ingurube. Aribwira ngwagaruke gusaba se imbabazi kandi amusabe amushire mubakozi biwe kuko atagikwiriye kwitwa umwana wiwe. Se yamubonye akiri kure aranezegwa cane aramusanganira , abwira abashumba biwe ngo bamwambike imvune iruta izindi be n’impeta kurutoke. Ndetse agira n’umusi mukuru amubagira imasa. Kugaruka kuwo mwana kwakoze kumutima wase, nico gituma yamwambitse impuzu yigiciro kinini kiruta izindi ndetse n’impeta ku rutoke. Umwana we yasavye ivyo hasi, ariko se yamugize uwigiciro. Itangur. 3: 8-10 & 21 Adamu na Eva bamaze gucumura habaye ingaruka y’icaha, bibona ubwambure bwabo. Barinyegeje barahunga, bagize isoni zuko babonye ubwambure bwabo, bironderera amababi y’ibiti barafadikanya kugirango biyambike, ariko ntaco vyabamariye, Ariko kubwico kimwaro bagize, Imana yo yaciye yica igikoko yaremye ibambika yo nyene n’amaboko yayo urusato rwico gikoko. Vyasobanura vyongera bihishura ko tuzocungugwa n’urupfu rwa Yesu Kristo. NB. Ivyo twiyambika nivy’abana babantu batwambika nta gaciro bigira kandi nta naho bidushikana. Ariko iy’Imana ikwambitse umwambaro wayo, ikurindisha Abamalayika bayo bakakuzigama. Ikatwibutsa nivyo yadukoreye bikatuduza kurundi rugezo mukuyizera tuyinezererewe. 1 Samuel 17: 37-40 Dawidi yagiye ashingira intahe Uhoraho nugutabara kwiwe. Ariko Sawuli we yagiye kumwambika ivy’isi n’ivy’umubiri ataco bizomushikanako. Aza kumwambika umwambaro w’ubwami buriko burarangira, arawiyambura arawumusubiza. Araheza ahagurukana ukugororoka nk’icuma gikingira igikiriza n’inkinzo y’ukwizera ariyo yakubise hasi Goliyati. Mwene Data Imana yonyene niyo izi umwambaro ugukwiriye. Ujanye nico yakugeneye. Zakariya 3: 1-7 Yosuwa ntiyigwaniriye canke ngo yiyuhagire ubuhoma bwamuriko, ariko Malayika w’Imana niwe yavugana na Satani amuhagaze imbere ngwamurege. Ndetse atanga nitegeko ryuko bamwambura impuzu z’ubuhoma , amubwirako agira amwambike imyambaro ishajije. Amwihanikiriza k’Uhoraho avuze ngo niyagendera munzira ziwe, akitondera ivyo yamujeje, nawe azomuha kugaba ivyo mungoro yiwe, arinde n’urugo rwiwe, amuhe n’ubwishikira mubarikumwe nawe bose. N’Imana yonyene ishobora kukuburanira ikakugwanirira kandi ikagutsindanishiriza. Kuko Yosuwa yari igishirira, yahimbara umutima w’Imana. Abah. 9: 14-15. Yesu Kristo yatwambitse amaraso yigiciro kandi niyo Imana iyakubonyeko nta na 1 kigira ico kigukoza. Amen.