Twame twiteguye kuko tutazi umunsi wo kuza kw’Umwami wacu Yesu Kristo. 20.05.2017

Samedi du 20/05/2017
Twame twiteguye kuko tutazi umunsi wo kuza kw’Umwami wacu Yesu Kristo.
Matayo24:44 Nuko namwe mwame mwiteguye , kuk’Umwana w’umuntu azoza mugihe mutiyumviriye. Kuko Umwami wacu Yesu Kristo yagiye kudutegurira amazu, kandi azoza kutujana. Nico gituma dukwiriye kuba maso. Kuko abatugwanya sabinyama n’amaraso. Nico gituma Satani ashobora gutera umuntu yahora akorera Imana. Ariko akisanga yarasubiye inyuma. Ngo bazane mesage ugasanga umuntu ariko aravuga ngwabo nabo ntakindi bavuga atarukwihana n’ubuvugishwa. Ariko Imana ituburira kugirango tuze tubone ubwami bw’Imana . Nico gituma dukwiye kwakira ayo majambo akomeye, kugirango ivyo dusengera abandi natwe abe ariko tuba duhagaze neza nu Mwami Yesu. 1Ab’i Korinto 10: 1-6 Ijambo ry’Imana riratubwira nguzonesha nzomwambika igitsi. Kuko turi muntambara yo muri runo rugendo ruja mw’ijuru. Abo bakera ntibashitse kuko batahagaze neza muvyo Imana yabategetse gukora. Ntakindi ukwiriye gukora ataruguhagarara neza mu mirimo y’Imana. Niho utabarigwa ukanabera maso. Dawidi igihe yagwa mucaha, abandi bari kurugamba nawe yigumira muhira, ariko yota akazuba atembera kukirimba iwe, niho yabona wa mugora yamukwegera mucaha. Ariko iyo akaba kurugamba hamwe n’abandi ivyo ntibiba vyaramubayeko. Kuko utari gukorera Imana ivyaha birakwinjirana haba muvyiyumviro canke mubindi. Dusenge dusaba Yesu Kristo atwihishurire Luka 24: 13-35 . Kuko abana b’abantu tibagira ningoga, kuko n’intumwa zabanye nawe ndetse bakagendana nawe, mugihe gito bari basubiye muvyabo kandi bagenda bavuga ivya Yesu nkinkuru . Niko hari n’abantu bagomba kugereranya ivya Yesu nivyabanyabwenge bandi canke nibindi. Nico gituma kubwurukundo adukunda aguma adutumako abakozi bayo. Nababantu 2 bagendana nawe batamumenye, ariko Yesu Kristo abasubiza kubabwira ivya Mose nibindi vy’abavugishwa n’Imana. Ariko bumvise ivyababwira baramugobera ngwagumane nabo. Bivugako mwene Data birakwiriye kugobera Yesu Kristo kugirango agumane nawe. Nico gituma avutubwira ngo uzomurondera ubudahumeka azomubona. Reka tumumenye, duhindugwe , duse nawe. Kuko nuwamumenye birakwiriye kwasubira kumwihishurira. Ijuru rirahari nico gituma dukwiye kwihangana . Tugakomeza kwinjira mw’ijambo ry’Imana tukagwana n’imibiri yacu kugirango ubwo buntu tuzobushikeko. Naho woba ufise icuriko uragwana naco, tera udahusha nkuko Paul yavuze. Gwana urugamba gushika Yesu agutabaye. Abaheburayo 10: 35-39 Kenshi abantu tugira ubwoba, umubiri ukaturengera, tukaja mukwikunda kuko ariho Satani akorera. Naho vyokunaniza canke umubiri ukakugora ihangane kugirango ushobore kuzoshikira ivyasezeranywe. Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s