Kwuzura Mpwemu Yera 11.06.2017

Ubutumwa bwo ku wa 11/06/2017
Kwuzura Mpwemu Yera
Yesu Kristo yabariye abigishwa ati sindabamariye vyinshi, ariko uwo nzobarungikira azobamarira vyinshi. Kuko hari inkomezi no gutahura bifatanye no gushima atabahaye , naho bamubonako vyinshi Imana ikoresha amaboko yiwe. Yohana 16 : 7 & 13-14, Yohana 14 : 26.
Mpwemu Yera niwe atwigisha akanadutahuza ijambo ry’Imana ryose, akadushoboza mukwizera ndetse no kwirinda mukutugira inama. Kuko niwe aguma atwibutsa ijambo ry’Imana mu (ma situation yose) bihe vyose ducamwo. Iyo wuzuye Mpwemu Yera ntuhagarika umutima kandi ntutinya ikintu na kimwe muvyuhura navyo. Nico gituma dukeneye kwama turi connecte na Mpwemu Yera igihe cose. NB: Urashobora gutahura canke kumenya amabanga y’Imana menshi , ariko ugahagarara gake, kandi uzi vyinshi. Intumwa za Yesu Kristo zahishuriwe vyinshi, zibona vyinshi, ariko ntibashoboye guhagarara inyuma y’urupfu rwiwe. # Kumenya vyinshi ni 1, gutahura vyinshi ni 1, ariko guhagarara nikindi. Bivugako dushobora gutambukira muvyo twemera mw’ijambo ry’Imana aruko twuzuye Mpwemu Yera. Nico gituma Yesu Kristo yabujije intumwa kuja kumushingira intahe yazutse, kubwibigumbagumba, na za emotion, ariko ngo barindire abarungikire Mpwemu Yera. Kuko iy’umuntu atuzuye amera nk’igicu gihinduka mukanya gato, ntumenye ingene vyagenze. Nizo ntumwa ibibazo vyari kubanesha. Kuko ushobora gushikama ntahindagurike ntiyihakane ico yabonye nico yumvise nuwuzuye Mpwemu Yera. Kuko naho woca mubikubabaza gute, uwimbere aba ariko yota uwundi muriro, ariwo Mpwemu Yera. Ivyak. n’Intum 6: 1-7 & 15 ; Ivyak n’Intum 7: 54-56 Iyowuzuye Mpwemu Yera, akwuzuza umunezero akakwereka ivy’abandi batabona. Akaguha inkomezi zivuye ku Mana zirimwo umunezero uzanwa no kwizera Imana. Menya nezako Mpwemu Yera ni garanti yo kuroranigwa mu buzima bwacu,Yesu Kristo yahaye ishengero. Ahuri hose nivyucamwo vyose Mpwemu Yera azokwama aboneka nk’umufasha. Kuko niwe nkomezi z’Imana mu buzima bwacu. Niwe atwuzuza umunezero ibihe vyose. Nico catumye Yesu Kristo aha umunezero ishengero. Ikiva ku Mana cose nico gishobora ku resista mu bitero vyose ushobora guhura navyo. Nico gituma umwana w’Imana wese akeneye kw’uzuzwa Mpwemu Yera , ariwe atuma ugira intsinzi muvyo uriko urakora vyose, canke uhura navyo. Bidusaba kugira ubusabane n’Imana no kugwiza ubucuti nayo. Kuko abarongogwa na Mpwemu w’Imana nibo bana b’Imana. Amen.

 

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s