Kubona ubwiza bw’Imana 22.04.2017

Ubutumwa bwo ku wa 22.04.2017
Kubona ubwiza bw’Imana
Mugihe ca Pasika dusubinzwamwo intege mukuronka ivyizigiro bishasha. Nico gituma Uhoraho yabariye umusavyi wiwe Mose nguwo muhango baze bame bawukora ukurunganwe rwabo ruzogenda rukurikirana. Pasika idushiramwo ikanguro ry’ububasha bw’Imana n’ubushobozi bwayo. Ikaduhumura amaso tukabona ubwiza bw’Imana tunezereregwa. Yohana 20: 16-29 . Abigishwa bari biyugaraniye munzu kubwo gutinya abayuda. Ariko harimyango itazibira ubwiza bw’Imana. Aho nyene bari biyugaraniye bishwe n’ubwoba bwinshi kubwo gutinya niho Umwami wacu Yesu Kristo yabiyerekeye. Ndetse abaha n’ububasha bwo guharira ivyaha, abahuhirako na Mpwemu Yera. Bamaze kumubona n’ubwiza bwiwe ntibasubiye gutinya abayuda. Nico gituma nawe ijambo ry’Imana rikuziye rikubwira ngureke gutinya ikintu na kimwe, komeza mugusenga kandi wizeye, naho ubona ko vyakurengeye canke ubwoba bwakubanye bwinshi kuko hari ibikwereka ko kumbure bitazokunda. Arakubwira ngo nuwo kwizegwa kandi ahagarara kwijambo ryiwe ngwarishitse. Mariya Magadalena umubabaro yarafise agenda kumva ya Yesu, waheze mukanya gato. Amaze kumubona, wahindutse umunezero utagira ukwungana. Luka 24: 16-35 Abigishwa 2 bagenda munzira ija Emawusi baganira kuvyabaye kuri Yesu Kristo, ariko nawe abiyerekera muriyo nzira, abajamwo baramubaza ko ariwe atazi ivyabaye i Yerusalemu? Barabimudondera ariko bavugako bari bishimiye kwariwe azocungura Abisirayeli. Ariko nawe arabishura ati ewe mwamburabwenge imitima yanyu itevye cane kwizera. Asubira arabihishurira baranezegwa cane biruka basubira inyuma kuvyiganira izindi ntumwa. Menyako ahuri hose Yesu Kristo aba arikumwe nawe. Sigihe usenga honyene, ariko igihe cose arikumwe n’abiwe. Ivyak n’Intumwa 12: 7-10 Igihe Herode yari yugaraniye Petero mw’ibohero agirango buce amwica, kubwo kwizera n’amahoro Imana iduha iyo tuyizeye, Petero yarasinziririye hagati yabasirikare 2 bamucunze ndetse ku marembo yose y’ibohero harabasirikare, ariko ubwiza bw’Imana buramurasira, Malayika araza aramukangura aramubwira ngo niyambare ibirato yikubireko n’umutamana amukurikire. Malayika aramusohokana kugeza kurugi rw’ibohero rwanyuma rurabiyugururira, Malayika abwira Petero ngo nagende. Mwene Data ukwizera irya mibabaro yababajwe kubwawe, no kwizera umusalaba wiwe n’izuka ryiwe niho ubwiza bwiwe bugukayanganira. Abo bigishwa biwe bari barumvise ijambo ryiwe ryuzuye ubushobozi ndetse n’ubushobozi bwari muriwe muvyo yakora vyose. Ariko baribafise gukekeranya. Ariko we yarashikije ico ijambo ryiwe ryavuze abasanga i Galilaya arabiyereka kwari muzima.
-Mwizere kuko arikumwe nawe, menyako mw’ijoro rimwe canke ku musi umwe urabona ubwiza bw’Imana vyose arabihindura. Aho Yesu Kristo aciye ikirere kirahinduka.
-Nkuko ca kibuye Umumalayika yagitembagaje akacicarako, niko nawe ibikwugarije vyose abitembagaza mw’ijoro rimwe. Ukavyukana inyishu no guhimbagwa mu mutima wawe. Nta kindi na kimwe Yesu Kristo adushakako atarukumwizera.
Elisa yari yizeye Imana, ico yatura nico yasaba Imana cose caba kuno. 2 Abami 6: 16-17 & 26-27 & 32-33 Umusuku wiwe amubwiyeko hari isinzi ry’abantu rije kubatera, yasavye Imana ngwimuhumure amaso abone ababakikuje ukuo bangana, Imana irabikora. Kubwizara umwami w’i samaliya yari yicishije igihugu c’Abisirayeli, umwami yari yataye umutwe kubwico kiza, Ndetse amaze no kwumvako harabatanguye kurya abana, we yaciye abona ko ataco akiziga k’Uhoraho atuma kuri Elisa ngo bamwice ndetse ubwiwe nawe arihagurukira kuja kumwiyicira. Bivuyeko harubuvugishwa Elisa yari yamubwiye ariko biteba gushika. Elisa abibarira abashingantahe bari kumwe nawe k’umwami aje kumwica. Ariko umwami Ashitse, Elisa yongera kumubwira ijambo Uhoraho avuze, kubizoba ejo nkayo mango. Ubwiza bw’Uhoraho buzokayanganira Samaliya. Ariko umugabisha uwo umwami yagenda yegamiye, arabihakana gose ati naho Uhoraho yotobora amadirisha mw’ijuru ivyo ntivyoshoboka. Elisa aramubwira ati uzobirabisha amaso ariko ntuzobiryako. Nkuko Uhoraho yavugishije Elisa, mwijoro rimwe ubwiza bukayanganira Samaliya inyuma yikiza cinzara yarikomeye cane, vyose birahinduka kumusi umwe. Mwene Data nkuko Yesu yizuye mu bapfuye niko agukurako nivyo vyose ubona ko kumbure bidashoboka canke bigoye. Nkuko Yesu Kristo yabariye Toma nturindire kwizera kuko ubonye ahubwo mwizerere murivyo ata nzira na ntoyi wewe ubona kuko niwe nzira muri vyose kandi ni ndashoboye muri vyooose. Ubwiza bwiwe burakurasira. Amen

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s