Ubutumwa bwo ku wa 22.04.2017
Kubona ubwiza bw’Imana
Mugihe ca Pasika dusubinzwamwo intege mukuronka ivyizigiro bishasha. Nico gituma Uhoraho yabariye umusavyi wiwe Mose nguwo muhango baze bame bawukora ukurunganwe rwabo ruzogenda rukurikirana. Pasika idushiramwo ikanguro ry’ububasha bw’Imana n’ubushobozi bwayo. Ikaduhumura amaso tukabona ubwiza bw’Imana tunezereregwa. Yohana 20: 16-29 . Abigishwa bari biyugaraniye munzu kubwo gutinya abayuda. Ariko harimyango itazibira ubwiza bw’Imana. Aho nyene bari biyugaraniye bishwe n’ubwoba bwinshi kubwo gutinya niho Umwami wacu Yesu Kristo yabiyerekeye. Ndetse abaha n’ububasha bwo guharira ivyaha, abahuhirako na Mpwemu Yera. Bamaze kumubona n’ubwiza bwiwe ntibasubiye gutinya abayuda. Nico gituma nawe ijambo ry’Imana rikuziye rikubwira ngureke gutinya ikintu na kimwe, komeza mugusenga kandi wizeye, naho ubona ko vyakurengeye canke ubwoba bwakubanye bwinshi kuko hari ibikwereka ko kumbure bitazokunda. Arakubwira ngo nuwo kwizegwa kandi ahagarara kwijambo ryiwe ngwarishitse. Mariya Magadalena umubabaro yarafise agenda kumva ya Yesu, waheze mukanya gato. Amaze kumubona, wahindutse umunezero utagira ukwungana. Luka 24: 16-35 Abigishwa 2 bagenda munzira ija Emawusi baganira kuvyabaye kuri Yesu Kristo, ariko nawe abiyerekera muriyo nzira, abajamwo baramubaza ko ariwe atazi ivyabaye i Yerusalemu? Barabimudondera ariko bavugako bari bishimiye kwariwe azocungura Abisirayeli. Ariko nawe arabishura ati ewe mwamburabwenge imitima yanyu itevye cane kwizera. Asubira arabihishurira baranezegwa cane biruka basubira inyuma kuvyiganira izindi ntumwa. Menyako ahuri hose Yesu Kristo aba arikumwe nawe. Sigihe usenga honyene, ariko igihe cose arikumwe n’abiwe. Ivyak n’Intumwa 12: 7-10 Igihe Herode yari yugaraniye Petero mw’ibohero agirango buce amwica, kubwo kwizera n’amahoro Imana iduha iyo tuyizeye, Petero yarasinziririye hagati yabasirikare 2 bamucunze ndetse ku marembo yose y’ibohero harabasirikare, ariko ubwiza bw’Imana buramurasira, Malayika araza aramukangura aramubwira ngo niyambare ibirato yikubireko n’umutamana amukurikire. Malayika aramusohokana kugeza kurugi rw’ibohero rwanyuma rurabiyugururira, Malayika abwira Petero ngo nagende. Mwene Data ukwizera irya mibabaro yababajwe kubwawe, no kwizera umusalaba wiwe n’izuka ryiwe niho ubwiza bwiwe bugukayanganira. Abo bigishwa biwe bari barumvise ijambo ryiwe ryuzuye ubushobozi ndetse n’ubushobozi bwari muriwe muvyo yakora vyose. Ariko baribafise gukekeranya. Ariko we yarashikije ico ijambo ryiwe ryavuze abasanga i Galilaya arabiyereka kwari muzima.
-Mwizere kuko arikumwe nawe, menyako mw’ijoro rimwe canke ku musi umwe urabona ubwiza bw’Imana vyose arabihindura. Aho Yesu Kristo aciye ikirere kirahinduka.
-Nkuko ca kibuye Umumalayika yagitembagaje akacicarako, niko nawe ibikwugarije vyose abitembagaza mw’ijoro rimwe. Ukavyukana inyishu no guhimbagwa mu mutima wawe. Nta kindi na kimwe Yesu Kristo adushakako atarukumwizera.
Elisa yari yizeye Imana, ico yatura nico yasaba Imana cose caba kuno. 2 Abami 6: 16-17 & 26-27 & 32-33 Umusuku wiwe amubwiyeko hari isinzi ry’abantu rije kubatera, yasavye Imana ngwimuhumure amaso abone ababakikuje ukuo bangana, Imana irabikora. Kubwizara umwami w’i samaliya yari yicishije igihugu c’Abisirayeli, umwami yari yataye umutwe kubwico kiza, Ndetse amaze no kwumvako harabatanguye kurya abana, we yaciye abona ko ataco akiziga k’Uhoraho atuma kuri Elisa ngo bamwice ndetse ubwiwe nawe arihagurukira kuja kumwiyicira. Bivuyeko harubuvugishwa Elisa yari yamubwiye ariko biteba gushika. Elisa abibarira abashingantahe bari kumwe nawe k’umwami aje kumwica. Ariko umwami Ashitse, Elisa yongera kumubwira ijambo Uhoraho avuze, kubizoba ejo nkayo mango. Ubwiza bw’Uhoraho buzokayanganira Samaliya. Ariko umugabisha uwo umwami yagenda yegamiye, arabihakana gose ati naho Uhoraho yotobora amadirisha mw’ijuru ivyo ntivyoshoboka. Elisa aramubwira ati uzobirabisha amaso ariko ntuzobiryako. Nkuko Uhoraho yavugishije Elisa, mwijoro rimwe ubwiza bukayanganira Samaliya inyuma yikiza cinzara yarikomeye cane, vyose birahinduka kumusi umwe. Mwene Data nkuko Yesu yizuye mu bapfuye niko agukurako nivyo vyose ubona ko kumbure bidashoboka canke bigoye. Nkuko Yesu Kristo yabariye Toma nturindire kwizera kuko ubonye ahubwo mwizerere murivyo ata nzira na ntoyi wewe ubona kuko niwe nzira muri vyose kandi ni ndashoboye muri vyooose. Ubwiza bwiwe burakurasira. Amen
-
Recent Posts
Archives
- November 2021
- October 2021
- September 2021
- August 2021
- April 2021
- March 2021
- February 2021
- January 2021
- December 2020
- November 2020
- October 2020
- September 2020
- August 2020
- July 2020
- June 2020
- May 2020
- April 2020
- March 2020
- February 2020
- January 2020
- December 2019
- November 2019
- October 2019
- September 2019
- August 2019
- July 2019
- June 2019
- May 2019
- April 2019
- March 2019
- February 2019
- January 2019
- December 2018
- November 2018
- October 2018
- September 2018
- August 2018
- July 2018
- June 2018
- May 2018
- April 2018
- March 2018
- February 2018
- January 2018
- December 2017
- November 2017
- October 2017
- September 2017
- August 2017
- July 2017
- June 2017
- April 2017
- March 2017
- February 2017
- January 2017
- December 2016
- November 2016
- October 2016
- September 2016
- August 2016
- July 2016
- June 2016
- May 2016
- April 2016
- March 2016
- February 2016
- January 2016
- December 2015
- November 2015
- October 2015
- September 2015
- August 2015
- July 2015
- June 2015
- May 2015
- April 2015
- March 2015
- February 2015
- January 2015
- December 2014
- November 2014
- October 2014
- September 2014
- August 2014
- July 2014
- June 2014
- May 2014
- April 2014
- March 2014
- February 2014
- January 2014
- December 2013
- November 2013
- October 2013
- September 2013
- August 2013
- July 2013
- June 2013
- May 2013
- April 2013
- March 2013
- February 2013
- January 2013
Categories