Ubutumwa bwo ku wa 17/ 06/2017
Kuba incuti y’Imana
Imana irashaka ko tumenya amabanga yayo nk’abana bayo ikunda. Tukamenya ingene twitwara munzira zayo no murugendo ruzodushikaka mw’ijuru. Tukanagira n’amahigwa mu buzima yaduhaye muriy’isi. Ntawundi ashobora kubitwigisha, akabitwemeza ndetse akanabidutahuza atari Mpwemu Yera. Kukwariwe atumenyesha ukuri kwose. 1 Korinto 10: 1-12 Abo ba ny’Isirayeli ntibashitse ku mugisha wabo Imana yari yabageneye kuko bataciye bugufi bakizera Imana yabo bayibonyeko ibitangaza vyinshi ndetse n’ibikomeye vyose yabakoreye nivyo yakoreye mugihugu yaribakuyemwo. Hamwe nuko yabaha ibifungugwa n’amazi vy’impwemu bivuye kuri ca gitandara arico Kristo Yesu. Ntibayumviye ngo bayubahe bakore ivyishaka, ahubwo bahindukiriye gukora ibibi no mu mitima yabo. Baherengeterera mu bugaragwa, atariwo mu gambi Imana yaribafiseko. Ntibemeye kurongogwa na ca gicu, ahubwo bahindikiriye ibigigwamana. Iyo ugenda urongogwa na Mpwemu ivy’umubiri birapfa, ingeso na kamere bigahinduka irari ry’isi rigashira. Ugasigara urigikoresho ciza c’Imana kuko wamenye ukuri . Kukakubera inkinzo n’icuma co kwikingiriza. Yakobo 4 : 4-10 Ubaye incuti y’isi aba abaye umwansi w’Imana. Kandi Mpwemu Yera yagererewe mu ri twebwe arapfuha. Nico gituma Imana igwanya abibona, ariko abicisha bugufi ikabaha ubuntu. 2 Samweli : 6: 10-12 Obed-edomu yatwaye isandugu y’Imana iwe, agira umugisha nabo murugo gwiwebose, bagira umugisha ukomeye. Kuko Imana yabana nawe. Dawidi bamaze kumubwira ko yagize umugisha nabo murugo gwiwe bose, acaja kuyikurayo, agenda aciye bugufi cane, atazira Imana mukuyikurayo. Kurongogwa na Mpwemu Yera no gukoreshwa nawe, n’ukurengera ivy’umubiri; ukagendera mu bushake bw’Imana. Ibituma tuba incuti y’Imana nuko turongogwa na Mpwemu Yera. Nawe akaba agendana nabafise imitima iciye bugufi, wizeye, kandi uyumvira ukanayubaha. Iyo biruko menyako ata muntu ashobora guhindura ic’Imana yakuvuzeko. Aharorero tworaba nka Yosefu ingene yaciye bugufi, akubaha Imana mumutima wiwe kandi ayizeye, akanka kwiyanduza, yumvira Imana muvyo yatugeze, bituma igihe kigeze iha umwami inzozi zimurandura umutima , bituma Yosefu agirigwa amahigwe yo kujwibukwa, baja kumukura mwibohero . Imana imwugururira imiryango y’imigisha yiwe, Farao amugira uwa 2 mugihugu. Kuko Yamubonyemwo umuntu adasanzwe w’umunyabwenge cane. Kuko Imana yarikumwe nawe. Reka natwe turongogwe na Mpwemu Yera niho bwenge azotubamwo akadukorera vyose. Kandi tukaba abakundwa b’Imana. Amen
-
Recent Posts
Archives
- November 2021
- October 2021
- September 2021
- August 2021
- April 2021
- March 2021
- February 2021
- January 2021
- December 2020
- November 2020
- October 2020
- September 2020
- August 2020
- July 2020
- June 2020
- May 2020
- April 2020
- March 2020
- February 2020
- January 2020
- December 2019
- November 2019
- October 2019
- September 2019
- August 2019
- July 2019
- June 2019
- May 2019
- April 2019
- March 2019
- February 2019
- January 2019
- December 2018
- November 2018
- October 2018
- September 2018
- August 2018
- July 2018
- June 2018
- May 2018
- April 2018
- March 2018
- February 2018
- January 2018
- December 2017
- November 2017
- October 2017
- September 2017
- August 2017
- July 2017
- June 2017
- April 2017
- March 2017
- February 2017
- January 2017
- December 2016
- November 2016
- October 2016
- September 2016
- August 2016
- July 2016
- June 2016
- May 2016
- April 2016
- March 2016
- February 2016
- January 2016
- December 2015
- November 2015
- October 2015
- September 2015
- August 2015
- July 2015
- June 2015
- May 2015
- April 2015
- March 2015
- February 2015
- January 2015
- December 2014
- November 2014
- October 2014
- September 2014
- August 2014
- July 2014
- June 2014
- May 2014
- April 2014
- March 2014
- February 2014
- January 2014
- December 2013
- November 2013
- October 2013
- September 2013
- August 2013
- July 2013
- June 2013
- May 2013
- April 2013
- March 2013
- February 2013
- January 2013
Categories