Samedi le 27/05/17
Hagarara neza mu muhamagaro wawe
Imana yaradutoranije iduhamagarisha umuhamagaro wera. Nico gituma itubwira ngo ni dushikame dushire amanga mumuhamagaro twahamagariwe. Kandi tunamenye abo turibo tubibere maso. Kuko Imana yadutoranije ikoresheje Mpwemu wayo n’ijambo ryayo. Kugirango abe ariwe aturongora. Ivyah. Yohana 22: 17. Gukurikira Yesu Kristo n’uguheba. 1 Abami 19: 19-21 Elisa yarumutunzi akomeye, afise inka nyinshi zirima akimbura akadandaza, akaronka amahera menshi. Ariko ntiyari mumuhamagaro wiwe. Nico gituma Imana itamuretse nkuko natwe itaturetse, kuko yabona umutima wiwe. Yamuhamagaye ngwave muri birya yinjire mu mavuta yiwe. Kandi mugusezera kwiwe hari no gutanga ikimazi c’ishimwe kuko Imana itamurekeye mub’isi. Naho yaragiye kubanza guciswa bugufi, avuye mu butunzi akaja gusukurira umukozi w’Imana Eliya. 2 Abami 3: 13-18 Elisa yahagurutse n’umutima wiwe wose, agenda yumvira Mpwemu w’Imana, ntiyatinya abatu ku c’ubahiro bari mu vyaha, ariko yagenda kandi yakorera mu kuri kw’Imana yiwe. Haraho yabanje guca haruhije mu gukurikira Eliya, ariko yaramamaje gushika aronse ico Mpwemu Yera yamusize ku mutima arizo ngabire z’Imana. Harahantu Imana ishobora kukureka nguce kugirango ukomere mumuhamagaro wawe , kandi unamaramaze mu gakiza. Matayo 8: 18-22 ; Luka 9: 57-62 Umunyabwenge w’ivyanditswe yagenzuye ijambo ry’Imana, ntiyaryizera, ntiyariha agaciro karyo, ararisuzugura. Ariko asavye Yesu Kristo ngwamukurikire nawe ntiyamwemerera amwishura nkuko yafashe ijambo ryiwe kuko yamubona ku mutima. Ariko abo basore bandi Yesu ababwiye ngo bamukurikire ndetse n’uwundi abimusavye, ntuyabemereye kuja gusezera canke guhamba umuvyeyi, kuko bari bamaze gutoranywa gukora ivya Mpwemu.
Mugihe tukirongogwa naza kameremere zacu, n’ubwenge twize mumashure canke tukijana n’isi, ntibikunda yuko tugenda munsi y’uburongozi bwa Mpwemu Yera. Kuko inguvu ushiramwo mugukorera Imana nizo nayo ishiramwo mukukwitaho, nukwitaho ivyawe. Kuko Uhoraho nta ciza na 1 yima abagenda batunganye. Haba muntambara araseruka haba muvyaha atanga ubuntu. Imana ishakako dushiramwo inguvu zacu n’inkomezi zacu mukuyikorera no mukuyirondera, ndetse n’ivyacu. 2 Samweli 24: 23-25 Naho Arawuna yaragabiye Dawidi imbuga n’inka zo gushikana ndetse akanamuhezagira ngo Uhoraho amwakirire ikimazi, Dawidi we siko yabishimye gutanga ikimazi kitavuye muvyiwe canke ku mbuga ataguze amahera yiwe bwite, nico gituma yaciye yaciye vyose abigurira Arawuna kuko niwe Imana yari yamurungitseko . Imana iraheza iramwemerera iramwakirira ikimazi ciwe, ikiza cari cateye mubantu kirabogozwa. Bivugako twatoranijwe n’Imana kugirango ubuzima bwacu bubeho buhindutse, turi muri Kristo Yesu. Tubeho tumaramaje muri vyose. Atakwikunda, atabugumyi ata caha ndetse ata mugayo uturiko. Kubwo kumaramaza hariho ibidukorekako, kuko gukurikira Yesu Kristo n’uguheba. Dukwiye kuva muvyo tumenyereye tukaja muvyo tutamenyereye. Tukaja murundi rwego mu Mana kugirango nayo itwinjize muvyo yaduteguriye. Har’umwambaro wa Mpwemu Yera dukeneye kugirango kugirango duhindure ubuzima. Niho tuzokoreshwa n’ubushobozi buvuye ku Mana. Nico gituma hari ibintu 3 dukeneye:
-Guheba
-Kuva canke kugira intambwe mugakiza
– Gushikama; arikwo kumaramaza.