Pasika n’umusi Yesu Kristo yadutsindanishirije muri vyose: N´igihe ciyimbura no gutabagwa. 15.04.2017

 

Ubutumwa bwa Pasika 15.04.2017

Pasika n’umusi Yesu Kristo yadutsindanishirije muri vyose: Nigihe ciyimbura no gutabagwa. 
Yesu Kristo yadutsindanishirije icaha n’ibitugerageza vyose. Ubushobozi n’inyishu vyose biri muri Kristo Yesu. Ivyah. Yohana 1: 17-19 Yesu Kristo ni muzima. Yari yarapfuye none ahora ari muzima ibihe bidashira. Pasika nigihe co gutsindanishirizwa twakuwe mu rupfu turonka ubugingo budashira. Yadutsindanishirije icaha ngo tube abera. Adutsindanishiriza nivy’ikuzimu vyose, Satani ateza aduteza, agerageresha abera. Kubw’amaraso ya Kristo ingwara zirakurengana, ibibazo birarengana, intambara ziraguhunga, ibigeragezo bigasambuka.  Matayo 28: 1-10 & 16-20 Malayika yatembagaje ikibuye cari kumva ya Yesu Kristo acicarako. Bisobanugwa ngo n’intsinzi. Abari muri Kristo Yesu nta rubanza ruzobatsinda. Abarararirizi bari bashinzwe imva ya Yesu bumvise ugutigita kw’isi, bikubita hasi nkabapfuye, ariko Malayika abwira babagore bari bagiye kumva ya Yesu ati mweho NTIMUTINYE. Na Yesu Kristo nawe acarabiyereka arababwira ati mweho ntimutinye.  Pasika nigihe co guhumurizwa no gutabagwa. Pasika ikugirira ikimazi mugihe uzi icivuga. Nigihe Uhoraho yacirakwiteka imana zo muri Egiputa agakurayo abantu biwe. Mugihe ca Yesu Kristo niguhe Yesu yugaranira Satani ikuzimu akamuntaga impfunguruzo z’urupfu n’izikuzimu. Akatubohoreza ivyacu vyose vyari vyarabohewe ikuzimu, akaduha kwimbura nokunyaga iminyago yivyacu.  Kuvayo 11: 1-3; Kuvayo 12: 1 & 11-14 & 23-24
Aba ny’Egiputa baraba nabi ubwoko bw’Imana bakabakoresha n’ibikogwa vyagahahazo, ariko mugihe ca Pasika Uhoraho abaha kurabwa neza nabo mu gihugu ca Egiputa, kandi Mose nawe amugira kuba ny’Egiputa bose n’abanyarugo ba Farao umuntu ahambaye. Imana imubwira uburyo bwo kunyaga iminyago yivyo bakoreye muri Egiputa.  Pasika yaje kudukurako agasuzuguro n’ubukene dutezwa n’impwemu z’ikuzimu. Ibabwira ingene barya Pasika kandi ko izokwama arikimenyetso cintahava ibihe vyose.
Yesu Kristo yaragizwe n’ibintu 2: Ubu Mana n’ubumuntu. Natwebwe tugizwe n’umubiri na Mpwemu. Iyo umuntu arongogwa n’umubiri ategerezwa kuneshwa ariko iyumuntu arongogwa na Mpwemu aranesha kuko ni Yesu Kristo akora muri wewe. Kuko tuba dutegekwa n’ijuru, tukarinda n,ijuru akaba ariryo rinadutabara. Nico gituma Yesu Kristo yishuye Pilato ati ubwami bwanje subwo muriy’isi. Ati iyoba ubwami bwanje bwarubwo muriy’isi abagendanyi banje baba bandwaniriye. Natwe nuko dutabagwa n’uwanesheje. Yohana 18: 36-38; Yohana 19: 10-11
Nkuko Yesu Kristo yagamburutse murugo gw’Imana akaronka abahungu benshi n’abakobwa benshi mu bwami bw’Imana. Nikona sokuzuza wo kwizera yumviye Imana imushikiriza ivyasezeranywe. Itangur. 22: 15-18 Amaze kuja gutamba Isaka kugicaniro niho Umumalayika yamugendeye irigira 2, akamubwirako azomugwiza nk’inyenyeri zo kwijuru, n’umusenyi wo kwisesero ry’uruzi. Kandikw’amahanga yose azohegwa umugisha muriwe. Abantu bubu ntibashaka gukora ic’Imana ibashakako ahubwo bashaka gusa kuronka imigisha iva ku Mana. – Dusabe guhishurigwa Pasika ya Kristo Yesu. -Kumenya neza intsinzi Kristo yaduhaye -Kubaho mu buzima burongogwa na Mpwemu.

Advertisements
This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

w

Connecting to %s