Ico Yesu Kristo adushakako n’inzira yadutoboreye : Kwihangana, kwirinda, guca bugufi, kwizera no kwezwa. 08.04.2017

Ubutumwa bwo ku wa 08/04/2016
Ico Yesu Kristo adushakako n’inzira yadutoboreye : Kwihangana, kwirinda, guca bugufi, kwizera no kwezwa.
Igihe Yesu Kristo yaza mur’iy’isi kuducungura yarageragejwe mu buryo bwose na Satani, ariko nta na hamwe yamutsinze. Natwe ashakako tumakira tukamutahura neza, tukamenya icamuzanye, kandi natwe tukimenya uko tumeze kugirango adukize. Satani yakororewe mw’isi, aza kugerageza abari mw’isi bose. Ariko Umwana w’Imana aritanga aza kuducungura kugirango adukize. Ivyahish. Yohana 12: 7-12 & 17. Malayika Mikayeli amaze gukorora ico gisato arico mugwanizi, irindi citwa Satani,kidutera intambara zamoko yose, arivyo hanze nivyimbere muri twebwe, ariko intumbero yiwe nukugirango duhushe ijuru. Bamuneshesheje amaraso y’umwagazi w’intama be no gushingira intahe Yesu Kristo. Ariko Satani agirira inzigo nyinshi wa mugore  kigira ngo kigwanye abo muruvyaro rwiwe bitondera ivyagezwe n’Imana, kandi bafise ibishingira intahe Yesu Kristo. Mariko 11: 7-10 Yaje ar’Umwami w’abami , ariko atwigisha guca bugufi. Ku musi w’ibisandasanda, icamurimwo nico cagiye murabo bantu, yagendeye kunyana yindogoba itari bwagendegweko na 1, ariko Mpwemu Yera amanukira ku bantu barikumwe nawe, batahura neza kwar’ umwana w’Imana. Abantu bose baca bugufi, Bamusasira impuzu zabo ngwazicareke kundogoba, izindi bazimusasira munzira ahariko araca n’amashami y’ibiti. Bagenda basemerera ngo Hoziyana hashemagizwe uje mw’izina ry’Uhoraho. Ntawundi yabibamenyesheje ataruko vyaje bivuye mw’ijuru nkuko vyabaye kuri Petero. Ashaka twezeshe imitima yacu amaraso yiwe, kugirango ibe intebe yiwe. Matayo 21: 31-32 & 42-44 Urukundo Yesu Kristo yadukunze tugwakiriye ruduhumura amaso y’umutima, tukamenya ububi bwacu niyo butujana. Dukwiye kwemera Yesu Kristo ninzira ziwe. Kugirango aduhindure, atweze, tube mu bwami bwiwe tugororoka. Tumuhimbaye tukanezereregwa agakiza yaduhaye. Akarorero: Zakayo Amaze kubona Yesu agatahura ivyiwe aho yaja kumurarira, nawe yaciye ahishurigwa kuko yarari atariko ategerezwa kuguma ameze. Yemera gusubiza ivyo yagunze vyose, ibindi abiha aboro. Matayo 15: 21-28 Uyu mugore w’Umunyakananikazi yari yarahishuriwe neza Yesu Kristo araheza aramwizera vy’ukuri, bituma nivyo yamubwira vyose, ataco vyamukorako ngo acike intege canke ashavure, ahubwo yakomeza guca bugufi nokwerekana ukwizera kwiwe mukwihanganira inyishu Yesu Kristo yamuha. Ahakura gutabagwa kwumwana wiwe nkuko yariko arabisaba. Intumwa y’Imana Petero, Yakobo na Yohana nibo begera Yesu Kristo gusumba izindi ntumwa kandi baramukunda cane nawe akabakunda, ndetse niyo aduze kumusozi gusenga kenshi nibo yatwara. Nibo yiyeretse ari mu bwiza bwiwe akayangana nk’izuba, ari kumusozi aho Mose na Eliya bamusangaho. Mwene Data reka natwe dushobore guca bugufi, tubeho mu buzima bwejejwe kandi bwizeye Umwami Yesu Kristo. Niho tuzoba munzira yadutoboreye tukazoshika mu bwami bwiwe. Nkuko Kalebu na Yosuwa mubatasi 12 aribo bashoboye gushingira intahe Imana akaba aribo bashoboye gushika Ikanani, mubandi bose bavanye muri Egiputa. Iyasezeranye niyo kwizegwa izobidushitsako. Amen

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s