Ubutumwa bwo ku wa 08/04/2016
Ico Yesu Kristo adushakako n’inzira yadutoboreye : Kwihangana, kwirinda, guca bugufi, kwizera no kwezwa.
Igihe Yesu Kristo yaza mur’iy’isi kuducungura yarageragejwe mu buryo bwose na Satani, ariko nta na hamwe yamutsinze. Natwe ashakako tumakira tukamutahura neza, tukamenya icamuzanye, kandi natwe tukimenya uko tumeze kugirango adukize. Satani yakororewe mw’isi, aza kugerageza abari mw’isi bose. Ariko Umwana w’Imana aritanga aza kuducungura kugirango adukize. Ivyahish. Yohana 12: 7-12 & 17. Malayika Mikayeli amaze gukorora ico gisato arico mugwanizi, irindi citwa Satani,kidutera intambara zamoko yose, arivyo hanze nivyimbere muri twebwe, ariko intumbero yiwe nukugirango duhushe ijuru. Bamuneshesheje amaraso y’umwagazi w’intama be no gushingira intahe Yesu Kristo. Ariko Satani agirira inzigo nyinshi wa mugore kigira ngo kigwanye abo muruvyaro rwiwe bitondera ivyagezwe n’Imana, kandi bafise ibishingira intahe Yesu Kristo. Mariko 11: 7-10 Yaje ar’Umwami w’abami , ariko atwigisha guca bugufi. Ku musi w’ibisandasanda, icamurimwo nico cagiye murabo bantu, yagendeye kunyana yindogoba itari bwagendegweko na 1, ariko Mpwemu Yera amanukira ku bantu barikumwe nawe, batahura neza kwar’ umwana w’Imana. Abantu bose baca bugufi, Bamusasira impuzu zabo ngwazicareke kundogoba, izindi bazimusasira munzira ahariko araca n’amashami y’ibiti. Bagenda basemerera ngo Hoziyana hashemagizwe uje mw’izina ry’Uhoraho. Ntawundi yabibamenyesheje ataruko vyaje bivuye mw’ijuru nkuko vyabaye kuri Petero. Ashaka twezeshe imitima yacu amaraso yiwe, kugirango ibe intebe yiwe. Matayo 21: 31-32 & 42-44 Urukundo Yesu Kristo yadukunze tugwakiriye ruduhumura amaso y’umutima, tukamenya ububi bwacu niyo butujana. Dukwiye kwemera Yesu Kristo ninzira ziwe. Kugirango aduhindure, atweze, tube mu bwami bwiwe tugororoka. Tumuhimbaye tukanezereregwa agakiza yaduhaye. Akarorero: Zakayo Amaze kubona Yesu agatahura ivyiwe aho yaja kumurarira, nawe yaciye ahishurigwa kuko yarari atariko ategerezwa kuguma ameze. Yemera gusubiza ivyo yagunze vyose, ibindi abiha aboro. Matayo 15: 21-28 Uyu mugore w’Umunyakananikazi yari yarahishuriwe neza Yesu Kristo araheza aramwizera vy’ukuri, bituma nivyo yamubwira vyose, ataco vyamukorako ngo acike intege canke ashavure, ahubwo yakomeza guca bugufi nokwerekana ukwizera kwiwe mukwihanganira inyishu Yesu Kristo yamuha. Ahakura gutabagwa kwumwana wiwe nkuko yariko arabisaba. Intumwa y’Imana Petero, Yakobo na Yohana nibo begera Yesu Kristo gusumba izindi ntumwa kandi baramukunda cane nawe akabakunda, ndetse niyo aduze kumusozi gusenga kenshi nibo yatwara. Nibo yiyeretse ari mu bwiza bwiwe akayangana nk’izuba, ari kumusozi aho Mose na Eliya bamusangaho. Mwene Data reka natwe dushobore guca bugufi, tubeho mu buzima bwejejwe kandi bwizeye Umwami Yesu Kristo. Niho tuzoba munzira yadutoboreye tukazoshika mu bwami bwiwe. Nkuko Kalebu na Yosuwa mubatasi 12 aribo bashoboye gushingira intahe Imana akaba aribo bashoboye gushika Ikanani, mubandi bose bavanye muri Egiputa. Iyasezeranye niyo kwizegwa izobidushitsako. Amen
-
Recent Posts
Archives
- November 2021
- October 2021
- September 2021
- August 2021
- April 2021
- March 2021
- February 2021
- January 2021
- December 2020
- November 2020
- October 2020
- September 2020
- August 2020
- July 2020
- June 2020
- May 2020
- April 2020
- March 2020
- February 2020
- January 2020
- December 2019
- November 2019
- October 2019
- September 2019
- August 2019
- July 2019
- June 2019
- May 2019
- April 2019
- March 2019
- February 2019
- January 2019
- December 2018
- November 2018
- October 2018
- September 2018
- August 2018
- July 2018
- June 2018
- May 2018
- April 2018
- March 2018
- February 2018
- January 2018
- December 2017
- November 2017
- October 2017
- September 2017
- August 2017
- July 2017
- June 2017
- April 2017
- March 2017
- February 2017
- January 2017
- December 2016
- November 2016
- October 2016
- September 2016
- August 2016
- July 2016
- June 2016
- May 2016
- April 2016
- March 2016
- February 2016
- January 2016
- December 2015
- November 2015
- October 2015
- September 2015
- August 2015
- July 2015
- June 2015
- May 2015
- April 2015
- March 2015
- February 2015
- January 2015
- December 2014
- November 2014
- October 2014
- September 2014
- August 2014
- July 2014
- June 2014
- May 2014
- April 2014
- March 2014
- February 2014
- January 2014
- December 2013
- November 2013
- October 2013
- September 2013
- August 2013
- July 2013
- June 2013
- May 2013
- April 2013
- March 2013
- February 2013
- January 2013
Categories