Gushikanira abana Imana Twige gukunda Imana. 01.04.2017

Samedi le 01/04/2017
Gushikanira abana Imana
Twige gukunda Imana.
Nkuko Imana yadukunze urukundo ruhebuje ikatwigura, irashakako natwe twerekana umutima canke tugira uwo mutima w,ubu Mana muri twebwe. Kuko nirwo rudushoboza gutanga ikiguzi ukihanganira ivyucamwo vyose, ukanesha. Kandi tuvyigishe n’abana bacu.     1 Samweli 18: 1-5. Yonatani yarabishije Dawidi amaso yo muri Mpwemu, amubonamwo ubwiza bw’Imana naho yari muto cane, araheza amukunda nkuko yikunda, bakundana akaramata. Amuha ingabire z’Imana  nivyazokwambara mu ntambara. Amuha umutamana ariwo mwambaro bivugwa kwari impano z’Imana, no gukiranuka, amuha inkota ariryo jambo ry’Imana , amuha umuheto ariyo masengesho agera kure, amuha n’umukanda arikwo gukenyera ukuri. Yamuhaye ibirwanishwa vyose vy’Imana kugirango ashobore guhagarara muntambara adatsinzwe na wa mubi. Yonatani yarafise amaso yo muri Mpwemu ariko se we ariwe Sauli yarafise amaso abona ivy’umubiri. Reka twuzure urukundo rw’Imana, turongogwe na Mpwemu Yera niho duhimbara Imana tugakora nivyo ishaka. 1 Abami 2: 1-4 ; 1 Ngoma 28: 9-10; 1Samweli 2: 30 Eli yarumukozi w’Imana yarumukozi w’Imana, ariko ntiyubahirije ivyagezwe vyayo ngwakundishe abanabiwe Imana kandi anayibatinyishe. gwatinyishe abana biwe Imana . Nayo yaramuhevye. Ariko Dawidi we yakunda Imana cane, akayubaha ndetse akanayikundisha na’abiwe ndetse akanayibatinyisha. Imana imushitsako amasezerano yiwe yooose, gushitsa kuri Yesu Kristo ariwe wo muruvyaro rwiwe. Gus. Vyag. 6: 1-7  Nico gituma Ibwirizwa rya mbere Imana yaduhaye arukuyikunda n’umutima wacu wose nubugingo bwacu bwose, ninkomezi zacu zose. Kugirango turikurikize kandi turyigishe n’abana bacu bose bazodukomokako. Kuko umuntu atanga icafise. Mariko 10: 13-16. Yesu Kristo yabamenyesheje abazoja mw’ijuru ingene bameze ko bazoba bakiriye ubwami bw’Imana nk’abana bato. Abana bavukira mu rushengero , bakigishwa ijambo ry’Imana bakarikuriramwo bakazoryigisha n’ababo. Bagira imigisha iva ku Mana kandi bakarongogwa na Mpwemu Yera. Bagira ibishingira intahe Yesu Kristo, bakabaho mu buzima bwo kwezwa. Ntibatwagwa n’isi ngo barongogwe nivyo babona. Babaho mu buzima bunesha kuko imitima yabo bayifatanije na Yesu Kristo. Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s