Gushingira intahe Yesu Kristo 25.03.2017

Ubutumwa bwa 25.03.2017

Gushingira intahe Yesu Kristo

Yesu Kristo yaje afise ijambo rifise ububasha n’ubushobozi ata muntu n’umwe bahwanye. Kandi ibikogwa yakora nivy vyamushingira intahe. Yohana 11: 1-6. Yesu Kristo nta situation n’imwe imuhindisha umushitsi canke atinya  canke ngwabone ngo biracitse. Ahubwo uko bimera kwose we arashoboye. Bamutumyeko ko Lazaro agwaye, aho kwihutira kuja kumuraba ngwamukize, ahubwo we yaciye asibira aho yarari imisi 2 kugirango urupfu rubanze rushike Imana ishemagize Umwana wayo. Arababwira ati iyongwara siyo kumwica ahubwo niyo gushimagirisha Imana kugirango n’umwana wayo imushimagirishe.  Iyaja kumukiza atarapfa ntakwizera gukomeye kwari kuremeka mumitima yabantu, kuko haraho bari gushobora kwibaza ngo yaruwosanzwe yokize. Kandi yagirango tumwizere kwashobora no kuzura ivyapfuye, aduhe n’isengesho. Yohana 11: 11-42 , Yesu Kristo yabwiye intumwa ziwe Lazaro yapfuye ati ndanezereweko ntariyo, kugirango muze mwizere. Imana yacu ntakindi itugombako atarukuyizera kugirango nayo ikomeze kwishingira intahe mu buzima bwacu. Tugende tubona ubwiza bw’Imana. Marita na Mariya bari bafise ukwizera gukomeye kuko babwiye Yesu Kristo atiyuba wari hano musaza wacu ntiyari gupfa. Atariko ndazi yuko nubu ico wosaba Imana cose, Imana yokiguha. Bivugako bamushingira intahe kuko bari bazi ubu Mana bwiwe, n,ubushobozi bumurimwo.  Kuko Mariya niwe yigeze gusiga Amavuta kubirenge vya Yesu Kristo, akabihanaguza umushatsi wiwe. Yamuha icubahiro gikomeye co kumushingira intahe kwatawuhwanye nawe. Bagira ubwitange bagahereza ahari. Yesu Kristo yabishuye ati Ni jewe kuzuka n’ubugingo, unyizera naho yoba yarapfuye azobaho.  Amaze kumuzura arababwira ati sinakubwiye nti niwizera urabona ubwiza bw’Imana. Lazaro na bashiki biwe Mariya na Marita bari incuti za Yesu Kristo . Kugirango ube incuti y’Imana n’ukugendera muvyigomba ukitondera ivyo yatugeze gukora, ukabishira mungiro. Bikwiriye rero kw’abaKristo tugira umwanya wo kwigishwa no gutozwa kwitondera ijambo ry’Imana, kugirango uje kubitanga mubandi, ushingire intahe Yesu Kristo . Ivyak. n’Intumwa 3: 11-16 & 26. Petero na Yohana bamaze gukiza ikimuga cari cicaye kw’irembo ry’urusengero, abantu baciye bakorana kubashengerera babaraba nkuko aribo babikoze, ariko nabo kiba igihe ciza co gushingira intahe Umwami wacu yesu Kristo bagendanye bakabona ububasha n’ubushobozi bwiwe muvyo yakora nomuvyo yigisha, ndetse nivyabantu bamukoreye kandi ar’Umwana w’Imana. Rero nkuko bavuze ko yababajwe, ntakindi cabitumye atari wewe nanje, yaje ngo duhinduke. # Ariko ntahinduka rishobora kuhaba mu buzima bw’umuntu, atabishizemwo uruhara. Murushengero rw’Imana harimwo abakura n’abadakura. Biva kuki? Uko wugururiye umutima ijambo ry’Imana, kandi hakaba n’ingiro. Haba gutanga ikiguzi kugirango dushikire imigisha yacu. # Iyo umuntu akorera Imana ashingira intahe Yesu Kristo, ashira ubuzima bwiwe mu kibanza co guhezagigwa. Kandi benshi bakumva bagahindukirira Umucunguzi. Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s