Tugire ubucuti na Yesu Kristo. 11.03.2017

Ubutumwa bwa le 11. 03.2017

Tugire ubucuti na Yesu Kristo.

Abaheburayo 13: 8-9

Umuntu ashobora kuba yarakijijwe canke yaravutse ubwa 2, ariko akirongogwa nivyiyumviro vyiwe. Iyo iciyumviro c’Imana kije mu buzima bwacu, kigenda kinyinyurana canke kigongana nivyo twakuriyemwo , nivyo twigishijwe ndetse n’ingene dusanzwe tubayeho. Umuntu yakiriye iciyumviro c’Imana atangura kurongogwa na co. Niko kigenda gihindura ivyiyumviro vyawe. Utsindwa n’ijambo ry’Imana biragaragaza ingene ugira amahigwe yingene uzokwakira ibikurikira. Ariko uko unyinyurana n’iciyumviro c’Imana bigutera intambamyi yingene wakira ibikurikira n’ingene Iman aigushaka mu buzima bwawe. Akarorero : Ikubwira guharira abandi bikanka, n’ibindi…Turi muntambara yo muburyo bw’impwemu ariko bikagaragarira muvy’umubiri. Yohana 9: 1-41 Uwo yahumutse yashingira intahe Yesu Kristo ashimitse kuko azi ico yamukoreye mu buzima bwiwe. Ico bashobora kumukoza ntiyagitinya kuko ubugingo bwamurimwo. Ariko abavyeyi biwe ntibashingiye intahe Yesu Kristo yamukijije kuko batinye abana babantu. Ndetse banka no gutakaza ikibanza mw’isinagogi. Ababanyi biwe nabo nyene ntibashingiye intahe Yesu Kristo kuko umugambi w’isi nukuzimanganya ubushobozi bw’Imana. Ariko Uwagiriwe ubuntu akamenya ukuri niwe ashobora kuvuga Yesu Kristo Yeruye kuko uzi ubucuti mufitaniye. Uwo musore yaramushingiye intahe gushikaho bashungumigwa bamuterera hanze. Ariko Yesu Kristo avyumvise amusangayo. Yobu yarageragejwe ariko ubugingo bwiwe buguma ku Mana. Dukeneye twese kugira inyota yo kumenya Imana de plus. Kuko uko uyimenya ikakwihishurira niko iryoha gusumba. Nkuko tubibona muriryo jambo dusomye ingene batinya Abafarisayo n’Abayuda ariko bagahakana ubushobozi bw’Imana. Nukwikwegerako umuvumo bikomeye. Matayo 10: 34-39 Harintambwe dukeneye kugira mugakiza kacu, tukamenya ikiruta ikindi. Uwo dukwiriye gukunda ndetse no kwumvira kurusha abavyeyi ndetse n’abantu bose. Vyose nurugezo gwo gutahura ijambo ry’Imana. Kuko haraho binsaba kubanza kwitandukanya n’ abantu kugirango ngire aho nshika mu gakiza, canke mbe igikoresho c’Imana.

Imana nti communiqua iciyumviro cayo mubantu bafise ivyiyumviro vyabo, ahubwo ibirungika mubafise iciyumviro cayo. 2 Korin. 5: 6-9 & 20-21 Harigihe iciyumviro c’Imana kiduteranya n’abantu. Nkuko abo bantu bamwigenjejeko kugira bamwihakane. Ntibanezerewe no gukira kwiwe. Ahubwo bahagaze kwidini. Hari ikibazo gikomeye kiri mu mashengero Y’Imana ahusanga abantu batinya abantu kubarutisha Imana. 1Kor 2: 9 Yesu Kristo asezeranira guha abamukunda ivyo batigeze kwumva. Canke kubona ndetse batigeze no kuniyumvira. Amen.

Advertisements
This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

w

Connecting to %s