Kugira ubutoni ku Mana 04.03.2017

 

Ubutumwa bwa 04.03.2017

Kugira ubutoni ku Mana
Kugira amahigwe canke ubutoni ntibiva kugikundiro ufise mubantu canke aho uvuka, ariko biva kuri faveur y’Imana ikuriko. Mumyaka yose ugezemwo Imana ishobora kuguha amahigwa ya 2.
1 Samuel 16: 1-2 & 7  ;  Zaburi 27: 1-4 & 8-11Imana irashaka kutumurikira kandi inatwigishe kugirango tumenye ingena dushikira ivyiza itanga kandi tukagira n’ubutoni kuriyo, tukarindwa muri vyose. Kuko iyo turondera Imana nayo iraza ikabana natwe, kandi ikaduhezagira, urukundo rwayo akaba arigwo ruturinda.
    Umuntu nakurusha gusenga no kurondera munyonga h’Imana azoba akuruta. Imana igihe yarungika Samuel kurobanuza amavuta Dawidi, Dawidi yasa nuwatawe n’abavyeyi biwe, kuko yaragira intama akama anigana n’amabingira n’intambwe zije kurya intama aragiye. Kandi Samuel ariko arabaza Isayi se wa Dawidi abana ngo arabe uwo Imana yatotanije, Dawidi we yasa n’utibukwa. Kuko Samweli yabanje gushimika ati ntawundi usigaranye, kuko abo yamweretse bose Imana itabashimye naho Samweli ubwiwe yabashima. Imana iramubwira ko yo itaraba nk’abantu. Ntakindi Dawidi yakora atari ukurondera munyonga z’Imana. Ndetse yanayisavye ngwimwereke inzira zayo. Anavuga ati munyonga zawe ndaharondere Uhoraho. Ntana 1 yasaba ibintu. Nico gituma ico yakora cose ariyo yirata. Anavuga ko agomba kwibera mungoro y’Uhoraho imisi yose yo kubaho kwiwe.
    Sauli yatakaje intebe yiwe kuko yumvira abantu gusumba Imana yiwe. Nibo yashira imbere akaba aribo aha icubahiro mukubumvira. Imana nayo imukura ku ngoma. Kuko niyo ifise ububasha bwo kumanura no kuduza.
    1Abami 3: 3-14  Umuhungu wiwe Salomo yabonye akarorero keza cane kuri se Dawidi. Imana imaze kumusubiza mugishingo case Dawidi, ntiyirase ko abaye umwami hari bakuruwe batabihawe canke abone kwashizwe hejuru bikomeye. Ahubwo yagiye kurondera ubutoni ku Mana , aja gushikanira Imana ibimazi ayisenga yinginga ngo imuhe ubwenge n’ubumenyi kugirango ashobore gucira abantu bayo imanza neza. Nayo inezereregwa cane amasengesho yiwe kuko ntiyayisavye kwabansi bapfa canke ngwarabe ibintu. Ica imuha ivyo yasavye imuha nivyo atasavye. Aba umutoni ku Mana imushoboza gushitsa kwubaka ingoro yayo.
    Abantu benshi batinya abantu, bakubaha abantu, bakagomba gutona ku bantu akaba aribo bishimira mubuzima bwabo.  Baba ba sebuja kukazi canke amashuti n’abagenzi bitezeko ico bazobakorera. Ariko Imana bakayibuka iyo bafise ibibazo canke bakeneye ikintu. Ariko ukwo nuguhusha cane. Ni echec mu buzima. Kuko Ubutoni ku Mana buzanwa n’ikibanza nawe uyiha, kuko ukwuyifata nayo nikwo igufata.  Nico gituma ivuga ngo aravumwe umuntu yishimira abantu akizigira inkomezi z’abari mw’isi, umutima wiwe ukava k’Uhoraho. Yerem. 17: 5-8  Ariko uwizigira uhoraho ahorana imigisha idashira. Kuko ivyo bindi ivyose nibishira. Bagacira bugufi abantu, ariko Imana yo ntibayicire bugufi. Ukwo nukwihenda gukomeye no guhusha Imigisha nyakuri uronka kubwa faveur y’Imana. Ester mugutabara abayuda bagira bicwe, ntiyirutse ku Mwami ngo nuko arumwamikazi, ahubwo yagiye kurondera ubutoni ku Mana imbere ya vyose nayo imuha ubwenge nikiganza ciza c’ingene amushikira nawe Faveur y’Imana imubako.
    Imana niyo ishobora kuduhezagira ikatugarurira icubahiro twabuze. Nushaka Imana Rurema izogukorera ibirenze ivyo wiyumvira. Ndetse no kurindwa kuva ku Mana kuguhorako. Amen.

Advertisements
This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s