Tugire ukuri kwo mumutima.25.02.2017

Samedi le 25.02.2017

Tugire ukuri kwo mumutima.

Kugira ukuri kwo mumutima n’ukugira ijambo ry’Imana rivanzwe no kuyizera. Ariryo rituma tubaho mu buzima buhesheje Imana icubahiro, kandi tuyigororokeye.

Abany. 6: !3-17   ; Yohani 8 : 31- 32     ; 2 Petero 1 : 3-10 Ukuri Yesu yaduhaye nikwo kuduha kwidegemvya. Bigatuma tugenda twirinda mumutima no mungeso kuko harico twamenye. Iyufise ukuri kwo mumutima niho ubasha kugenzura ya myuka yose, ukabasha guhishurigwa mu mpwemu ivyuriko urabona canke uriko uracamwo, canke urumva. Niho ushobora guhagarara wemye, intambara zose ushobora gucamwo urazinesha. Ex: Ba Daniel, Dawidi , Shadulaka Meshaki na Abudinego ect… ndetse abavugisha n’Imana n’abakozi b’Imana batwitangiye imbere bagiye banesha intambara zose baciyemwo kubwo kugira ijambo ry’ukuri bari bafise mu mitima yabo. Paul na ba Petero bahuye n’iminyororo n’intambara nyinshi mugikogwa barimwo ariko kuko bari bararonse umuco wo mumutima, utangwa na Yesu Kristo wenyene, bagenda ata bwoba bafise kuko bari bafise ukuri muri bo. Ukwo kuri kukujemwo umenya gutandukanya ivyo mumuco nibitarivyo mumuco. Tumaze kumenya ukuri kudukura mu vyaha ndetse kukagutuma ubohora n’abandi. Kuko ukwo kuri nikwo kurimwo ubushobozi buturuka kuri Yesu Kristo. Umuntu amaze kugira ijambo ry’ukuri ryo mumutima, umuntu yiga guhinduka kuri bito no kuri binini. Aba Kristo bariko bakura amaso kuri Yesu Kristo, ugasanga barondera isi cane gusumba Imana yo mw’ijuru. Ariko ivyo vyose ntaco bimarira umuntu, atakuri kw’Imana kubirimwo. Yohani 6 : 66-69 & 35-40.

Tureke kugira inyota y’isi ukuri kw’Imana kutubumbe. Yohani 17: 6-9 & 15-19 & 25-26. Amen.

Advertisements
This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s