Ubutumwa bwa 10.02.2017
Imbizi y,amazi yimburuka azana ubugingo budashira.
Urukundo Imana Data wa tweseyadukunze rwatumye itugabira umwana wayo ikunda cane, ariwe Yesu Kristo. Kugirango aze adukure mu kutamenya kwinshi no mu buzimire twarimwo kugirango twakigwe n’umuco turonke ubugingo budashira.
Yoh 4: 7-30 & 39-42 Yohana 7: 37-38
Iyo wizeye Yesu Kristo, kandubona ivyiza yagukoreye, wabonye gutabara kwiwe gukiza kwiwe, urahagarara umushingira intahe udatinya. Kuko uko umwaturira niko Mpwemu Yera akora ku mitima yabariko barumva kandi akakwongeramwo urukundo rw’Imana.
Ivyah. Yoh. 22: 16-17 Mat.28: 16-20
Icifuzo nyamukuru c’Imana sukuba membre w’urushengero gusa, ahubwo Yesu Kristo ashaka tube imbizi y’amazi y’ubugingo. Tumwaturire , tumuvuge, twamamaze urukundo rw’Imana mubantu yadukunze. Kugirango bamenye ukuri kw’Imana , nakwo guheze kubabohore. Baronke ubugingo budashira. Kuko mission yaduhaye n’uguhindura abantu bose abigiswa ba Yesu Kristo. Intumwa zarumviye zigenda zizana abantu kubaho mu buzima Imana ibashakamwo. Niyo objectif y’umu Kristo. Yona 1: 1-2 Yona 3: 10 Yona 4 : 10-11
Iyo ubabazwa nibintu vyawe bitariko bigenda neza, Imana nayo ibabazwa n’abantu bayo bariko barahonera mukutamenya kandi ukuri kwobakiza, bakamenya Yesu Kristo bakaronka ubugingo budashira uba ukuzi, ugufise muri wewe. Yesu yaradutumye nk’intumwa ziwe kubwira abandi ubutumwa bwiza. 1 Yohani 5: 19-21 Abantu bafise inyota, ariko babuze ubaha amazi amara inyota. Banywa kandi barya ibitagira ikimazi ndetse binabica. Nico gituma bagukeneye wewe wagiriwe ubwo buntu, wamenye ukuri kuvuye kuri Kristo Yesu. Ariwe soko y’ubugingo. Kandi ariwe nkomoko y’amahoro n’umunezero no kubaho neza. Reka twerekane urukundo yadukunze arigwa rwatubohoye kugirango n’abandi batabagwe, tubamenyeshe inzira yagakiza katujana mw’ijuru. Amen.